Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
5-11 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 11-12
“Ukuntu Yehova ashaka ko tumusenga”
it-1 93 ing. 7
Ubuzima
Gukorera Imana n’ubuzima bwacu bwose. Nk’uko bimaze kwerekanwa, “ubuzima” ahanini busobanura umuntu wese uko yakabaye. Yamara ivyanditswe bimwebimwe biduhimiriza kurondera Imana, kuyikunda no kuyikorera ‘n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose.’ (Gus 4:29; 11:13, 18) Mu Gusubira mu vyagezwe 6:5 na ho havuga hati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inguvu zawe zose.” Yezu na we yavuze ko dutegerezwa gukorera Imana n’ubuzima bwacu bwose n’inguvu zacu zose, aca yongerako ati: “N’umuzirikanyi wawe wose.” (Mr 12:30; Lk 10:27) Twokwibaza rero igituma umutima, inguvu n’umuzirikanyi bivugwa ukwavyo, kandi vyose bisanzwe biri mu bigize ubuzima. Rimbura akarorero kodufasha kubitahura: Umuntu arashobora kwigurisha (kugurisha ubuzima bwiwe) kugira abe umushumba w’uwundi muntu, agaca acika uwa nyene kumugura ari we shebuja. Yamara yoshobora kudakorera shebuja n’umutima wiwe wose, akamukorera atabitumwe n’icipfuzo co kumuhimbara. Ivyo biratuma adakoresha inguvu ziwe zose canke ubwenge bwiwe bwose kugira ateze imbere inyungu za shebuja. (Gereranya na Ef 6:5; Kl 3:22.) Biragaragara rero ko ivyo bindi bintu bivugwa ukwavyo kugira bishimikweko, gutyo ntitwigere tuvyibagira mu gikorwa turangurira Imana n’Umwana wayo. Nakare Imana ni yo twegukira, Umwana wayo na we akaba yaratuguze mu gutanga ubuzima bwiwe. Kugira umuntu akorere Imana ‘n’ubuzima bwiwe bwose’ aritanga wese uko yakabaye, ata kwirengagiza igihimba na kimwe c’umubiri, igikorwa na kimwe, ubushobozi na bumwe canke icipfuzo na kimwe.—Gereranya na Mt 5:28-30; Lk 21:34-36; Ef 6:6-9; Fp 3:19; Kl 3:23, 24.
it-1 231 ing. 10
Igicaniro
Abisirayeli basabwe gusiturira hasi ibicaniro vyose vy’abapagani no gusavya inkingi n’ibikingi vyeranda, ivyo bari bamenyereye kwubaka iruhande y’ivyo bicaniro. (Kv 34:13; Gus 7:5, 6; 12:1-3) Ntibari bakwiye kurota bubaka ibisa na vyo canke ngo bashikane abana babo mu kubaturirira mu muriro, nk’uko Abanyakanani babigira. (Gus 12:30, 31; 16:21) Aho kugira ibicaniro vyinshi, Abisirayeli bategerezwa kugira igicaniro kimwe gusa bakoresha mu gusenga Imana imwe yonyene y’ukuri, kikaba cashirwa mu kibanza Yehova yaba yacaguye. (Gus 12:2-6, 13, 14, 27; raba ukuntu vyari bitandukanye n’ivyagirwa i Babiloni, aho ibicaniro 180 vyari bigenewe imanakazi Ishitari yonyene.) Inyuma y’aho Abisirayeli bajabukiye Uruzi Yorodani, babanje gusabwa kwubaka igicaniro bakoresheje amabuye ari uko yakabaye. (Gus 27:4-8) Ico gicaniro cubatswe na Yosuwa ku Musozi Ebali. (Yos 8:30-32) Bamaze kugabangana igihugu bari bigaruriye, umuryango wa Rubeni, uwa Gadi n’igice c’umuryango wa Manase barubatse igicaniro cibonekeza iruhande ya Yorodani. Ivyo vyatumye mu yindi miryango bamara igihe kanaka mu ruhagarara gushika igihe bamenya ko ico gicaniro batacubatse mu ntumbero y’ubuhuni, mugabo ko cari ico kubibutsa yuko bakwiye kuguma ari intahemuka kuri Yehova, we Mana y’ukuri.—Yos 22:10-34.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 1037
Gerizimu (Umusozi)
Abisirayeli bisunze ubuyobozi Musa yahawe, barakoraniye ku Musozi Gerizimu na Ebali bayobowe na Yosuwa, hakaba hari haciye igihe gito bigaruriye Ayi. Ng’aho abantu barumvirije Yosuwa ariko arabasomera imihezagiro boronse baramutse bagamburukiye Yehova, hamwe n’imivumo yobashikiye baramutse bamugambarariye. Abo mu muryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yozefu n’uwa Benyamini bahagaze imbere y’Umusozi Gerizimu. Abalewi hamwe n’isandugu y’isezerano bari mu mubande, iyindi miryango itandatu nayo ikaba yari ihagaze imbere y’Umusozi Ebali. (Gus 11:29, 30; 27:11-13; Yos 8:28-35) Biboneka ko abo mu miryango yari ihagaze imbere y’Umusozi Gerizimu bishuye ku mihezagiro yasomwe yerekeza iyo bari, abo mu yindi miryango na bo bishura ku mivumo yasomwe yerekeza i Ebali. Bivugwa ko yasomye imihezagiro ayerekeza ku Musozi Gerizimu kubera ko wari mwiza cane kandi wimbuka, ukaba wari utandukanye n’Umusozi Ebali, uwari ugizwe n’ibitandara kandi ntiwimbuke. Yamara rero, Bibiliya nta kintu na kimwe ibivugako. Itegeko ryasomwe “n’ijwi ryumvikana imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose, kumwe n’abagore n’abana batoyi na ba kavamahanga bagendera hagati muri bo.” (Yos 8:35) Iryo sinzi rinini ryarashobora kwumva nya majambo riri muri ivyo bibanza bibiri bitandukanye. Kumbure ivyo vyashobotse n’imiburiburi kubera ko aho hantu hatuma amajwi yumvikana neza cane.
12-18 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 13-15
“Ingene Itegeko ryagaragaza ko Yehova yitwararika abakene”
it-1 648 ing. 5
Ic’icumi
Biboneka ko hari ic’icumi kigira kabiri cashirwa ku ruhande buri mwaka ku bw’iyindi ntumbero, atari ugushigikira ubuherezi bw’Abalewi, naho nyene Abalewi bakironkako. Mu bisanzwe, imiryango ya Isirayeli ni yo yagikoresha kandi ikacungukirako ku rugero runini igihe yaba ikoraniye hamwe ku misi mikuru y’iryo hanga. Igihe urugendo rwo gushika i Yeruzalemu rwaba ari rurerure birenze ku buryo badashobora gutwara ico c’icumi, ibigize ico c’icumi baca babikaba amahera, ari na yo mu nyuma umuryango waca ukoresha i Yeruzalemu mu kwironsa ibifungurwa no mu kwinezereza mu kiringo c’iryo hwaniro ryeranda. (Gus 12:4-7, 11, 17, 18; 14:22-27) Ku mpera y’umwaka ugira gatatu n’uwugira gatandatu w’ikiringo c’imyaka indwi, uwo mwaka ugira indwi ukaba wari uw’Isabato, ico c’icumi ntibagikoresha mu kwironsa ibikenewe mu kiringo c’amahwaniro y’ihanga. Ahubwo bagishira ku ruhande kugira gifashe Abalewi, ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi bo ng’aho.—Gus 14:28, 29; 26:12.
it-2 843
Umwaka w’Isabato
Umwaka w’Isabato bawise “umwaka wo guheba imyenda [hashshemittah].” (Gus 15:9; 31:10) Muri uwo mwaka imirima yararuhuka bikwiye; ntibayirima. (Kv 23:11) Haraba kandi n’ukuruhuka imyenda, ni ukuvuga kuyiheba. Iyo myenda bayiheba “ku bwa Yehova” kugira bamutere iteka. Naho abahinga mu vya Bibiliya usanga batabibona kumwe, bamwebamwe bavuga ko iyo myenda mu vy’ukuri itaba ihebwe burundu, mugabo ko uwufitiwe umwenda yabwirizwa kudahata Umuheburayo mugenziwe ngo amurihe umwenda amufitiye, narirya muri uwo mwaka abarimyi bataba barimye. Ariko rero, uwahaye umwenda kavamahanga yarashobora kumuhata kugira awurihe. (Gus 15:1-3) Abarabi bamwebamwe biyumvira ko imyenda umuntu yaheba yaba ari iyo yahaye umuvukanyi akenye nk’ingurane kugira amufashe, mugabo ko imyenda ijanye n’ivy’urudandaza yafatwa mu buryo butandukanye n’ubwo. Bavuga ko mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, uwitwa Hillel yatanguje intunganyo y’uko uwatanze ideni yashobora kwitura sentare, akemeza biciye ku rwandiko kanaka ko uwumufitiye ideni ategerezwa kuzorimuriha.—Igitabu The Pentateuch and Haftorahs, casohowe na J. Hertz, London, 1972, rup. 811, 812.
it-1 794 ing. 2
Umushumba
Amategeko yagenga abashumba na ba shebuja. Mu Bisirayeli, amategeko agenga umushumba w’Umuheburayo yari atandukanye n’ayagenga umushumba w’inyambukira canke kavamahanga. Umushumba atari Umuheburayo yaguma ari itunga rya shebuja, kandi shebuja yarashobora guha umuhungu wiwe uwo mushumba bwa ntoranwa. (Lw 25:44-46) Umushumba w’Umuheburayo we yabwirizwa kurekurwa mu mwaka ugira indwi ari umushumba canke mu mwaka wa Yubile, bivanye n’igitanguye gushika. Mu kiringo Umuheburayo yaba akiri umushumba, yabwirizwa gufatwa nk’umucangero. (Kv 21:2; Lw 25:10; Gus 15:12) Umuheburayo yigurishije kugira abe umushumba kuri kavamahanga, ku wo mu muryango wa kavamahanga canke ku nyambukira, yarashobora gucungurwa umwanya uwo ari wo wose, yaba yicunguye ubwiwe canke acunguwe n’uwubifitiye uburenganzira. Ikiguzi c’ugucungurwa cavana n’imyaka yaba isigaye kugira umwaka wa Yubile ushike canke kugira ashike mu mwaka ugira indwi ari umushumba. (Lw 25:47-52; Gus 15:12) Igihe umushumba w’Umuheburayo ahawe umwidegemvyo, shebuja yabwirizwa kugira ivyo amutekereye kugira amufashe gutangura neza ubuzima bw’umuntu yidegemvya. (Gus 15:13-15) Nimba nya mushumba yaje afise umugore, yagenda amutwaye. Ariko nimba shebuja ari we yamuhaye umugore (bikaba bigaragara ko yaba ari umunyamahangakazi atagira uburenganzira bwo kwidegemvya mu mwaka ugira indwi ari umushumba), uwo mugore n’abana bavyaranye bose baguma ari itunga rya shebuja. Mu bihe nk’ivyo, umushumba w’Umuheburayo yarashobora guhitamwo kwigumanira na shebuja. Shebuja yaca rero amutobora ugutwi n’umugera kugira yerekane ko azobandanya kuba umushumba wiwe ubuzima bwiwe bwose.—Kv 21:2-6; Gus 15:16, 17.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibibazo vy’abasomyi
Ni igiki dushobora kwigira kw’itegeko dusanga muri Kuvayo 23:19 rigira riti: “Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina”?
Iryo tegeko ryo mu Vyagezwe vya Musa, iriboneka incuro zitatu muri Bibiliya, rirashobora kudufasha gutahura ukuntu Yehova abona ikibereye, imbabazi ziwe, be n’ikibabarwe ciwe. Rirashira kandi ahabona ukuntu yanka urunuka ugusenga kw’ikinyoma.—Kuvayo 34:26; Gusubira mu vyagezwe 14:21.
Guteka umwagazi w’impene canke ikindi gitungwa mu mata ya nyina vyobaye biteye kubiri n’ukuntu Yehova asanzwe yaratunganije ibintu. Imana yatanze ayo mata kugira agaburire umwagazi yongere awufashe gukura. Incabwenge imwe yavuze ko guteka umwagazi w’impene mu mata ya nyina vyokwerekanye “ukutubaha ubucuti buri hagati y’igitungwa n’umwagazi waco bwashizweho kandi bwejejwe n’Imana”.
Ikigeretseko, hari abavuga ko guteka umwagazi mu mata ya nyina ushobora kuba wari umugenzo wa gipagani wagirwa mu ntumbero yo gutuma hagwa imvura. Asangwa ari ukwo vyari biri, iryo tegeko rero rishobora kuba ryarafasha mu bijanye no gukingira Abisirayeli imigenzo y’ivy’idini y’ubupfu kandi itaranga ikigongwe yagirwa n’amahanga yari abakikije. Ivyagezwe vya Musa vyarabuza Abisirayeli mu buryo butomoye kugendera mu migenzo y’ayo mahanga.—Abalewi 20:23.
Vyongeye, iryo tegeko riratwereka imbabazi zirangwa ikibabarwe za Yehova. Mu vy’ukuri, Ivyagezwe vyarimwo amategeko atari make nk’ayo yabuza gufata nabi ibitungwa be n’ayabuza gukora ibiteye kubiri n’ukuntu Yehova yashinze ko ibintu bikwiye kumera. Nk’akarorero, vyarimwo amategeko yabuza gushikana igitungwa kitaramarana na nyina n’imiburiburi imisi ndwi, kubaga igitungwa hamwe n’umwagazi waco ku musi umwe, no gufatira icarimwe mu cari inyoni n’amagi canke n’ivyana.—Abalewi 22:27, 28; Gusubira mu vyagezwe 22:6, 7.
Biribonekeza rero ko Ivyagezwe bitari birimwo gusa urusobangane rw’ivyo Yehova yari yarategetse gukora be n’ivyo yari yarabujije. Kimwe mu vyo twigira kuri ivyo Vyagezwe ni uko ingingo ngenderwako ziri muri vyo zituma tubona mu buryo buri hejuru ikibereye, bikaba bigaragaza vy’ukuri kamere nziza igitangaza za Yehova.—Zaburi 19:7-11.
19-25 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 16-18
“Ingingo ngenderwako zijanye no guca imanza mu bugororotsi”
it-1 410 ing. 2
Uruhumyi
Igihe umuherezi ariye igiturire maze akagoreka urubanza, vyagereranywa n’uruhumyi. Nkako Itegeko ririyamiriza kenshi ivyo gutanga igipfukamunwa, guhêra umucamanza canke kwinubana kuko ivyo bitera uruhumyi umucamanza bikamubuza gushitsa ubutungane ata nkunzi. Bibiliya igira iti: “Igiturire gihuma amaso abantu babona neza.” (Kv 23:8) “Igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi.” (Gus 16:19) Umucamanza naho yoba adahengama canke abona kure gute, igihe ababurana bamuhaye igiturire boshobora kumugirako akosho yaba abizi canke atanabizi. Itegeko ry’Imana ntiritugabisha gusa ku ngaruka zo kurya igiturire, mugabo riratugabisha no ku ngaruka zo guhengama. Rivuga riti: “Ntukagire nkunzi mu kuntu ufata umuntu mutoyi, kandi ntugahengamire ku wuhambaye.” (Lw 19:15) Vyongeye, umucamanza ntiyari akwiye gucira rubi abatunzi abahora gusa ubutunzi bwabo, yaba abitumwe n’inyiyumvo canke arondera gushimisha isinzi.—Kv 23:2, 3.
it-2 415 ing. 2
Igiharuro, Igitigiri
Kabiri. Igitigiri kabiri kiraboneka kenshi mu bijanye n’imanza. Iyo ivyabona bibiri bihurije ku kintu kimwe, bituma intahe bashinze irushiriza kugira inguvu. Ivyabona bibiri canke bitatu ni vyo vyasabwa kugira ngo ikibazo cemezwe imbere y’abacamanza. Iyo ngingo ngenderwako iracakurikizwa mw’ishengero rya gikirisu. (Gus 17:6; 19:15; Mt 18:16; 2Kr 13:1; 1Tm 5:19; Heb 10:28) N’Imana yarayisunze igihe yashikiriza abantu Umwana wayo nk’Umukiza wabo. Yezu yavuze ati: “Mw’Itegeko ryanyu bwite handitswe ngo: ‘Intahe y’abantu babiri iba ari iy’ukuri.’ Ni jewe nishingira intahe, kandi na Data yandungitse aranshingira intahe.”—Yoh 8:17, 18.
it-2 657 ing. 3
Umuherezi
Abaherezi ni bo ahanini bari bafise agateka ko gusigura itegeko ry’Imana, kandi bararangura uruhara rudasanzwe mu bijanye no guca imanza muri Isirayeli. Mu bisagara abaherezi babamwo, barashobora gufasha abacamanza. Barashobora kandi gukorana na bo mu bijanye n’imanza amasentare yo muri ako karere atashobora guca kubera ko zaba zigoye bidasanzwe. (Gus 17:8, 9) Barasabwa gukorana n’abagabo b’inararibonye b’igisagara igihe hari umwicanyi ataramenyekana, bakiyemeza ko intambwe zose zakurikijwe neza kugira ico gisagara nticagirwe n’amaraso. (Gus 21:1, 2, 5) Nimba umugabo w’ishari yagirije umugore wiwe ko yarenze ibigo mu mpisho, yabwirizwa kumujana kw’itaberenakulo. Umuherezi yaca akurikiza umugenzo wari usanzwe uhari watuma Yehova yerekana ko nya mugore yera canke atera, maze akamucira urubanza rw’ikibiriraho. (Gh 5:11-31) Igihe cose abaherezi canke abacamanza baciye urubanza, rwategerezwa kwubahirizwa kuko uwabasuzugura canke uwabagambararira yacirwa urwo gupfa.—Gh 15:30; Gus 17:10-13.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 852
Kwirukana
Mu gihe c’Itegeko, kugira ngo igihano co kwica umuntu gishirwe mu ngiro hategerezwa kuboneka n’imiburiburi ivyabona bibiri kugira ngo vyemeze ko ico caha cakozwe. (Gus 19:15) Ivyo vyabona ni bo babanza gutera amabuye uwagirwa n’icaha. (Gus 17:7) Ivyo vyaca vyerekana ko bashigikiye bivuye inyuma itegeko ry’Imana n’ukudahumana kw’ishengero rya Isirayeli. Vyaratuma kandi abantu birinda gushinga intahe y’ikinyoma canke gushinga intahe batiyumviriye.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
it-2 1107 ing. 4
Sentare, Guca imanza
Ishengero rya gikirisu. Naho ishengero rya gikirisu ata sentare rifise, rirashobora gufatira ibihano abo muri ryo bigenza nabi bakaba bakeneye kubogorwa canke mbere rikabaca. Ni co gituma intumwa Paulo abwira ishengero ko abarihagarikiye bategerezwa gucira imanza abo muri ryo. (1Kr 5:12, 13) Mu vyo Paulo na Petero bandikiye amashengero n’abacungezi bayo, baravuze ko abakurambere bakwiye kuguma bakurikiranira hafi ubucuti ishengero rifitaniye n’Imana be n’uko bakwiye gufasha no gukebura uwo wese ateye intambwe itabereye. (2Tm 4:2; 1Pt 5:1, 2; gereranya na Gl 6:1.) Abazana amacakubiri canke imice baragabishwa irya mbere n’irya kabiri imbere y’uko ishengero ribafatira ingingo. (Tt 3:10, 11) Ariko abaguma bakora igicumuro barakurwa mw’ishengero. Uko kuba ari ugutoza indero nya bacumuzi kugira babone ko inyifato y’abo mbi ata woyihanganira mw’ishengero. (1Tm 1:20) Paulo abwira abo bagabo bafise agateka ko guca imanza mw’ishengero guhurira hamwe bakumviriza ivy’ico kibazo. (1Kr 5:1-5; 6:1-5) Bemera gusa ivyavuzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu, bagasuzuma ibimenyamenya ata guhengama, ntihagire ico bakora babitumwe no kugira nkunzi.—1Tm 5:19, 21.
26 MUKAKARO–1 MYANDAGARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 19-21
“Ubuzima bw’umuntu ni ubw’agaciro kuri Yehova”
Niwigane ubutungane bwa Yehova n’imbabazi ziwe
Vya bisagara bitandatu vy’ubuhungiro vyari ahantu uwo ari we wese vyoroha ko ahungira. Yehova yategetse ko bitorwa hakurya y’Uruzi Yorodani no hakuno yarwo. Uti kubera iki? Kugira ngo vyorohe ko uwurondera ubuhungiro ashikayo ningoga. (Guh. 35:11-14) Inzira zaja muri ivyo bisagara zategerezwa kuguma zimeze neza. (Gus. 19:3) Amakuru Abayuda bagiye barahanahana, avuga ko kuri izo nzira hashirwa ibimenyetso vyayobora uwuriko ararondera ubuhungiro. Intunganyo y’ivyo bisagara yatuma bitaba ngombwa ko uwishe umuntu atabishaka ahungira muri rindi hanga, kuko yohavuye yoshwa kugira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma.
Niwigane ubutungane bwa Yehova n’imbabazi ziwe
Intumbero nyamukuru ya vya bisagara vy’ubuhungiro kwari ugukingira Abisirayeli ngo ntibagirwe n’amaraso. (Gus. 19:10) Yehova arakunda ubuzima, akanka “amaboko asesa amaraso y’intungane.” (Imig. 6:16, 17) Kubera ko ari Imana y’ubutungane kandi nyeranda, ntiyashobora kwirengagiza n’amaraso yaba yasesetse bivuye ku mpanuka. Ego ni ko uwishe umuntu atabishaka yaragirirwa imbabazi. Ariko rero, yategerezwa kwisigura imbere y’abagabo b’inararibonye, maze basanze yabikoze atabishaka, yaca aguma mu gisagara c’ubuhungiro gushika umuherezi mukuru apfuye. Ivyo bisobanura ko yashobora kugumayo ubuzima bwiwe bwose. Ivyo vyaratuma Abisirayeli bose batahura ko ubuzima ari katihabwa. Kugira ngo batere iteka wa Mutanzi w’ubuzima, bategerezwa kwirinda ikintu cose cobangamira ubuzima bw’abandi.
it-2 892
Amaraso
Imana yarahaye umuntu uburenganzira bwo kubaho, kandi yogize ico ibaza uwo ari we wese yomwatse ubuzima. Ivyo vyaragaragaye igihe Imana yabwira wa mwicanyi Kayini iti: “Amaraso ya mwene wanyu ariko asemererera mu butaka antakambira.” (It 4:10) Mbere n’igihe umuntu yanse mwenewabo ku buryo yipfuza ko apfa, akamwambika ibara canke akamwagiriza ibinyoma ku buryo ubuzima bwiwe buja mu kaga, vyotumye yagirwa n’icaha kubera amaraso ya mugenziwe.—Lw 19:16; Gus 19:18-21; 1Yh 3:15.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 1106 ing. 1
Sentare, Guca imanza
Sentare yaba iri kw’irembo ry’igisagara. (Gus 16:18; 21:19; 22:15, 24; 25:7; Rs 4:1) Bavuze ijambo “irembo” dukwiye gutahura ko hari ahantu habonwa na bose, hakaba hari indani mu gisagara hafi y’irembo. Mu marembo ni ho abantu bakoranira kugira basomerwe Itegeko kandi ni ho amabwirizwa yaba yashinzwe yatangarizwa. (Neh 8:1-3) Kw’irembo vyari vyoroshe kuronka ivyabona vy’amatati yo mu kibano, nk’ayajanye n’urudandaza rw’ibintu canke ibindi, kubera ko ari ho abantu baca ku murango binjira mu gisagara canke basohoka. Vyongeye, kubera ko imanza zabera kuri iryo rembo zacibwa bene umurango babona, vyatuma abacamanza biyubara kandi ntibarenganye mu guca imanza no mu ngingo bafata. Biboneka ko hari ikibanza cari hafi y’irembo catuma abacamanza bashobora guhagarikira imburano borohewe. (Yb 29:7) Samweli yaragira urugendo akazunguruka i Beteli, i Gilugali n’i Mizipa, “agacira imanza Isirayeli aho hantu hose,” ushizemwo n’i Rama kuko ari ho inzu yiwe yari.—1Sm 7:16, 17.
2-8 MYANDAGARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 22-23
“Ingene Itegeko ryagaragaza ko Yehova yitwararika ibikoko”
it-1 868
Umuzigo
Ibikoko akenshi vyarakoreshwa mu kwikorera imizigo mu bihe vya kera. Bishitse Umwisirayeli akabona indogobwa y’umwansi iryamye munsi y’umuzigo wayo, aho kuyirekerana “[ya]tegerezwa kumufasha kuyibohora.” (Kv 23:5) Ibintu igitungwa gishobora kwikorera vyitwa umuzigo canke umutwaro, nk’akarorero “umutwaro w’inyumpu zibiri.”—2Bm 5:17.
it-1 635 ing. 2
Gusubira mu vyagezwe
Igitabu co Gusubira mu vyagezwe kirerekana ko dukwiye kandi kwumvira impuhwe ibikoko. Carazira ko Abisirayeli bakura inyoni ibundikiriye mu cari, narirya ubwo buryo ndemanwa bwo gukingira ivyana vyayo bwatuma vyoroha ko bayicakira. Bari gushobora gutwara ivyana vyayo mugabo yo bakayireka ikigira, gutyo bakaba bayihaye akaryo ko kuronka ibindi vyana. (Gus 22:6, 7) Carazira ko umurimyi abohera ku ngogo imwe ishuri n’indogobwa, kugira ngo igikoko kigoyagoya akirinde kubabara. (Gus 22:10) Ntibari bakwiye no kurumya umunwa w’ishuri iriko irakubita ibinyantete kugira ntiyicwe n’inzara kandi ibinyantete biri hafi yayo, magingo yaba iriko irakoresha inguvu zayo mu kubikubita.—Gus 25:4.
‘Ntimukifatanye ata co musangiye’
NK’UKO ubibona hano, iyo ngamiya be n’iyo mpfizi y’inka ziriko zirima zisangiye ingogo ntibijanye. Iyo ngogo izifatanije, iyigenewe ibikoko bibiri bingana kandi binganya inkomezi, ituma ivyo bitungwa vyompi bimererwa nabi. Kubera Imana yitwararika ukumererwa neza kw’ibitungwa nk’ivyo bitwara ibintu, yabwiye Abisirayeli iti: “Ntihaze hagire ūrimisha inka n’indogoba azisangije ingōgo” (Gusubira mu vyagezwe 22:10). Iyo ngingo ngenderwako nyene yokora ku mpfizi y’inka n’ingamiya.
Mu bisanzwe, umurimyi ntiyari kuremereza umutwaro nk’uyo ibitungwa vyiwe. Ariko bishitse ntabe afise impfizi zibiri z’inka, yarashobora gushira ku ngōgo imwe ibitungwa bibiri yaba afise. Biboneka yuko ivyo ari vyo uwo murimyi ubona kw’ifoto wo mu kinjana ca 19 yahisemwo kugira. Kubera yuko bitaba bingana mu bunini no mu buremere, igitungwa gitoyi cabwirizwa gucumukura kugira kigume kigira hamwe na kigenzi caco, igitungwa kinini na co kikabwirizwa kwikorera umuzigo munini kuruta ico kindi.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 629
Ideni, Uwariye ideni
Ideni ni ikintu uheranye, ikintu ubwirizwa kuriha canke gusubiza. Muri Isirayeli ya kera, ahanini basaba amadeni kubera ivy’ubutunzi vyaba vyifashe nabi. Muri Isirayeli, gusaba ideni yari amagorwa kubera ko uwugurana yacika umusavyi wa nyene kumugurana. (Img 22:7) Ni co gituma Imana yasavye Abisirayeli kuba abantu batanga cane no kwirinda ubwikunzi igihe bahaye ingurane Abisirayeli bagenzi babo bakenye, ntibarondere kuriramwo mbege mu bukene bwabo mu kubasaba inyungu. (Kv 22:25; Gus 15:7, 8; Zb 37:26; 112:5) Ariko barashobora gusaba inyungu abanyamahanga. (Gus 23:20) Abasobanuzi b’ivya Bibiliya b’Abayuda bavuga ko iyo ntunganyo yari yerekeye ingurane zijanye n’urudandaza, atari izahabwa abakenye. Mu bisanzwe abanyamahanga baba muri Isirayeli igihe gito, kandi akenshi wasanga ari abadandaza. Vyarumvikana rero babasavye inyungu, canecane ko na bo nyene iyo baguranye abandi babasaba inyungu.
9-15 MYANDAGARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 24-26
“Ingene Itegeko ryagaragaza ko Yehova yitwararika abakenyezi”
it-1 874 ing. 4
Umugore
Mbere n’amategeko ya gisirikare yaratuma umugore n’umugabo wiwe bahungukira mu gusaba umugabo aherutse kwubaka urwiwe kumara umwaka wose atagiye ku rugamba. Ivyo vyaraha uwo mugabo n’umugore akaryo ko kuronka umwana. Kumuronka vyararemesha uwo mugore igihe umugabo ataba ahari, bikanarushiriza kumuhoza bishitse umugabo wiwe agapfira ku rugamba.—Gus 20:7; 24:5.
it-1 994 ing. 8
Gutorora
Biragaragara ko iyo ntunganyo nziza ijanye no gufasha abakene bo mu gihugu itaremesha na gato ubunebwe, mugabo ko yaremesha abantu gutanga cane, kwirinda ubwikunzi no kwizigira ko Yehova azobahezagira. Iratuma dutahura ivyo Dawidi yavuze. Yagize ati: “Sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.” (Zb 37:25) Mbere n’abakene ntibicwa n’inzara, kandi ntivyaba ngombwa ko bo n’abana babo basega umukate igihe bungukiye ku ntunganyo Itegeko ryabashiriyeho bakongera bagakorana umwete.
Woba wari ubizi?
Muri Isirayeli ya kera, bishitse umugabo agapfa ata kana k’agahungu asize, vyitegwa ko mwene wabo aca yubakana n’uwo mupfakazi kugira ngo haboneke uruvyaro rwo guhonora umuryango w’umuhisi. (Itanguriro 38:8) Iyo ntunganyo y’uko umuntu acura umugore wa mwene wabo, yahavuye ishirwa muri rya Tegeko rya Musa. (Gusubira mu vyagezwe 25:5, 6) Ivyo Bowazi yakoze bidondorwa mu gitabu ca Rusi birerekana ko n’izindi ncuti z’igitsina-gabo z’uwo muhisi zasabwa gushitsa iryo banga igihe ata mwene wabo n’umwe yaba akiriho.—Rusi 1:3, 4; 2:19, 20; 4:1-6.
Kuba ivy’uko umuntu acura umugore wa mwene wabo vyaragirwa mu gihe ca Yezu birerekanwa n’uko Abasadukayo babivuze, nk’uko tubisanga muri Mariko 12:20-22. Umutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe yavuze ko uwo mugenzo utazigama gusa izina ry’umuryango, ariko kandi ko watuma itongo ry’umuryango ritaja mu wundi muryango ukongera ugatuma ineza y’umupfakazi yitwararikwa. Umugore nta burenganzira yari afise bwo gutorana ibisigi vy’umugabo wiwe. Ariko rero, umwana yavyawe n’umugore yacuwe na muramuwe yarashobora gusigarana intoranwa nya muhisi yasize.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 657 ing. 5
Kwahukana
Icete c’ukwahukana. Amanyanga yahavuye aza arakorwa ntakwiye gutuma dushika ku ciyumviro c’uko ikintu Itegeko rya Musa ryavuga ku bijanye n’ukwahukana, catuma umugabo w’Umwisirayeli yoroherwa no kwahukana n’umugore wiwe. Imbere yo kumwirukana, hari ibintu vyemewe n’amategeko yabwirizwa kwisunga. Yategerezwa gutunganya urwandiko, “[akamwandikira] icete c’ukwahukana.” Nya mugabo yabwirizwa ‘kugishira mu kuboko kwiwe, agaheza akamwirukana mu nzu yiwe.’ (Gus 24:1) Naho Bibiliya ata bindi ivuga ku bijanye n’ukuntu vyagenda, biboneka ko mu vyo amategeko yabasaba harimwo no kubonana n’abagabo babifitiye uburenganzira, abashobora kuba babanza kubumvikanisha. Umwanya vyatwara uwo mugabo kugira ategure ico cete no kugira ashire mu ngiro ivyo amategeko yamusaba imbere y’uko ukwo kwahukana kwemerwa, waramuha akaryo ko gusubira gusuzuma neza ingingo yafashe. Hategerezwa rero kuba imvo yumvikana yo kwahukana, kandi igihe ubwo buyobozi bwaba bwakurikijwe neza, birumvikana ko vyatuma abantu badapfa gusaba kwahukana uko bishakiye. Vyongeye, vyarakingira uburenganzira bw’umugore n’inyungu ziwe. Ivyanditswe ntibitomora ivyaba biri muri ico “cete c’ukwahukana.”
16-22 MYANDAGARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 27-28
‘Iyi mihezagiro yose izoguhamvya’
Niwironkere imihezagiro biciye ku Mwami ayobowe n’impwemu y’Imana!
Nta gukeka ko kwumviriza bisobanura gufata nka nkama ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana be n’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu itanga. (Mat. 24:45) Bisobanura kandi kugamburukira Imana n’Umwana wayo. Yezu yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru.” (Mat. 7:21) Vyongeye, kwumviriza Imana bisobanura kuyoboka n’umutima ukunze intunganyo yashizeho, ni ukuvuga ishengero rya gikirisu hamwe n’abakurambere bagenywe, ari bo “ngabirano z’abagabo.”—Ef. 4:8.
w01 1/10 8 ing. 2
Umuhezagiro wa Yehova woba uzogushikīra?
Irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kwumvira’ mu Gusubira mu Vyagezwe 28:2 ryerekana igikorwa kibandanya. Abasavyi ba Yehova ntibategerezwa kumwumvira rimwe na rimwe gusa; bategerezwa kuguma bamwumvira mu kubaho kwabo kwose. Ico gihe gusa ni ho imihezagiro y’Imana yobashikiriye. Irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo ‘gushikira’ ryagenekerejwe ko ari ijambo rikoreshwa mu vy’uguhiga akenshi risobanura “gufata” canke “guhamvya.”
Nuronderane ubwira umuhezagiro wa Yehova
None Abisirayeli bategerezwa kugamburuka babigiranye agatima akahe? Itegeko ry’Imana ryavuga yuko itohimbawe bishitse abasavyi bayo ntibayikorere “n’umunezero n’akanyamuneza ko mu mutima.” (Soma Gusubira mu vyagezwe 28:45-47.) Birabereye ko tugamburukira Yehova atari gusa mu kugamburuka amategeko kanaka aduha kubera ko dutegerezwa kubigira, mbere n’ibikoko canke amadayimoni bikaba bishobora kugaragaza bene ukwo kugamburuka. (Mrk. 1:27; Yak. 3:3) Ukugamburukira Imana bivuye ku mutima ni icerekana ko umuntu ayikunda. Kurangwa n’umunezero uva ku kuba uwo muntu yizeye ko amategeko ya Yehova atari umuzigo be n’uko ‘ahemba abamuronderana ubwira.’—Heb. 11:6; 1 Yoh. 5:3.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 364
Akarimbi
Itegeko rya Yehova ryariyamiriza ivyo kwigiza inyuma akarimbi. (Gus 19:14; raba kandi Img 22:28.) Nkako, umuntu “yigiza inyuma akarimbi ka mugenziwe” yaba avumwe. (Gus 27:17) Kubera ko bene amatongo ahanini wasanga babeshwaho n’ivyo bimbura mu mirima yabo, kwigiza inyuma akarimbi kwari nko kunyaga umuntu bimwe mu bimutunze. Uwubigize ni nk’aho yaba yivye, kandi ni ko vyabonwa no mu bihe vy’imbere y’Abisirayeli. (Yb 24:2) Ariko hariho abantu ata co bibanga bari bafise iyo ngeso, kandi mu gihe ca Hoseya, abaganwa ba Yuda bagereranijwe n’abantu bigiza inyuma akarimbi.—Hs 5:10.
23-29 MYANDAGARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 29-30
“Gukorera Yehova si amananiza”
Yehova aratureka tukihitiramwo
Kumenya ivyo Imana idusaba no kubikora coba ari ikintu kigoye? Musa avuga ati: “Ivyo vyagezwe mbageze uyu musi [si] ivyo kubananira, kand[i si] ibiri kure.” (Gusubira mu vyagezwe 30:11) Yehova ntadusaba ibidashoboka. Ivyo adusaba birumvikana kandi turashobora kubishitsa. Turashobora no kubimenya. Ntitubwirizwa kuduga “mw ijuru” canke kujabuka “hakurya y’ikiyaga” kugira ngo tumenye ivyo Imana itwitezeko. (Gusubira mu vyagezwe 30:12, 13) Bibiliya iratubwira mu buryo butomoye ukuntu dukwiye kubaho.—Mika 6:8.
Yehova aratureka tukihitiramwo
“AKENSHI narumva mfise ubwoba ata ho bwari buhagaze bw’uko nohemukiye Yehova.” Ivyo ni ivyavuzwe n’umwigeme umwe mukirisu yahoze yumva ko ibintu bibi yaciyemwo akiri muto vyotumye impera n’imperuka ibintu bimugendera nabi. None ukwo kwoba ari ko ibintu bimeze? Ubwo vy’ukuri, ivyadushikiye mu buzima vyoba bibwirizwa kutugirako ingaruka ku buryo atacodufasha? Habe namba. Yehova Imana yaraduhaye ingabirano y’ubushobozi bwo kwihitiramwo, akaba ari co gituma dushobora kwihitiramwo ukuntu tuzobaho. Yehova ashaka ko tugira amahitamwo meza, kandi Ijambo ryiwe Bibiliya riratubwira ukuntu twobigira. Rimbura amajambo Musa yavuze, na yo tukaba tuyasanga mu Gusubira mu vyagezwe, ikigabane ca 30.
Yehova aratureka tukihitiramwo
None ingendo duhitamwo hoba hari ico itwaye Yehova? Ego cane kiriho! Musa ahumekewe n’Imana, yavuze ati: “Ni muhitemw’ubugingo.” (Gusubira mu vyagezwe 30:12, 13) Ariko none, ni gute duhitamwo ubugingo, ari bwo buzima? Musa yasiguye ati: “Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata.” (Gusubira mu vyagezwe 30:20) Nitwakunda Yehova, tuzokwipfuza kumwumvira tubigiranye ukugamburuka no kumwumirako tudahemuka, naho hoza iki. Biciye kuri mwene iyo ngendo, tuba duhisemwo ubuzima, ni ukuvuga uburyo bwiza gusumba ubundi bwose bwo kubaho muri iki gihe, dufise icizigiro co kuronka ubuzima budahera mw’isi nshasha yegereje y’Imana.—2 Petero 3:11-13; 1 Yohani 5:3.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 453 ing. 3
Ugutwi
Biciye ku basavyi biwe, Yehova yavuze ko Abisirayeli b’intabarirwa kandi bagambarara bari bafise ‘amatwi atagenyerewe.’ (Yr 6:10; Ivk 7:51) Amatwi mwene ayo ni nk’aho haba hari ikintu gituma aziba ntiyumve. Yehova ntaba yarayazibuye, kuko we aha abamurondera amatwi atahura kandi agamburuka, mugabo akareka abagambarara ntibatahure ibimwerekeye. (Gus 29:4; Rm 11:8) Intumwa Paulo yari yaravuze ko hobaye igihe abiyita abakirisu bamwebamwe botaye ukwizera nyakuri. Bokwanse kwumviriza ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, ariko bagashima ‘ababagaza’ amatwi bababwira ibibanezereza, gutyo bakaba bateze yompi abigisha b’ikinyoma. (2Tm 4:3, 4; 1Tm 4:1) N’ikindi kandi, ugutwi kw’umuntu kwoshobora kuvugiramwo “iminzerere” igihe yumvise amakuru atangaje, na canecane amakuru y’ivyago.—1Sm 3:11; 2Bm 21:12; Yr 19:3.
30 MYANDAGARO–5 NYAKANGA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | GUSUBIRA MU VYAGEZWE 31-32
“Nugire ico wigiye ku mvugo ngereranyo zo mu ruririmbo rwahumetswe”
“Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe”
Gatoyi imbere y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, hari ururirimbo Yehova yigishije Musa. (Gus. 31:19) Musa na we yategerezwa kurwigisha Abisirayeli. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:2, 3.) Turavye ibivugwa ku murongo wa 2 n’uwa 3, turabona neza ko Yehova adashaka ko izina ryiwe rinyegezwa, canke ko hagira abareka kurivuga ngo ni uko ari ryeranda rwose. Yipfuza ko ibiremwa vyose bifise ubwenge birimenya. Ese ukuntu Abisirayeli batewe agateka ko kwumviriza Musa ariko arabigisha ivyerekeye Yehova n’izina ryiwe rihambaye! Ivyo yabigishije vyarabakomeje vyongera birabaruhurira, nka kurya nyene akavura gatonyangira ku biterwa bigatotahara. None twomenya gute nimba uburyo dukoresha mu kwigisha bumeze gutyo?
Igihe turiko turamamaza inzu ku nzu canke ku mugaragaro, turashobora gukoresha Bibiliya kugira twereke abantu izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Turashobora kubereka ibitabu vyacu vyiza, amavidewo aryoshe be n’amakuru yo ku rubuga rwacu bitera iteka Yehova. Turi ku kazi, kw’ishure, canke ku rugendo, twoshobora kuronka uturyo two kuvuga ivyerekeye Imana yacu twikundira be na kamere zayo. Iyo tubwiye abandi ibijanye n’umugambi mwiza Yehova afitiye isi n’abantu, tuba turiko turabafasha kumubona mu buryo butandukanye rwose n’uko bashobora kuba bamwiyumvira. Tubwiye abandi ukuri kwerekeye Umuvyeyi wacu adukunda, tuba tugize uruhara mu kweza izina ry’Imana. Tuba turiko turabafasha gutahura yuko bimwebimwe mu vyo bigishijwe ari ibinyoma vyambika ibara Yehova. Turaronsa abantu inyigisho nziza ibakomeza kandi ibaruhurira kuruta izindi zose.—Yes. 65:13, 14.
Imvugo ngereranyo zikoreshwa muri Bibiliya—Woba uzitahura?
Bibiliya kandi irasanisha Yehova n’ibintu bitagira ubuzima. Avugwa ko ari “Igitandara c’Abisirayeli,” ko ari “urutare,” be n’uko ari ‘igihome gikomeye.’ (2 Samweli 23:3; Zaburi 18:2, NW; Gusubira mu vyagezwe 32:4) None isano ririmwo ni irihe? Nka kurya nyene igitandara kiba gishinze ahantu, kidashobora kunyiganyizwa, na Yehova Imana arashobora kukubera Isôko rikomeye ry’umutekano.
w01 1/10 20 ing. 7
Nimwigane Yehova igihe murera abana banyu
Rimbura urukundo Yehova yerekanye mu vyo yagiranye n’Abisirayeli. Musa yakoresheje iki kigereranyo gikora ku mutima kugira ngo adondore urukundo Yehova yagaragarije ihanga rya Isirayeli rikiri rito. Dusoma duti: “Nk’ukw inkukuma ikangura ivyana vyayo mu cāri, igahungiriza amababa hejuru yavyo, igasanza amababa, ikabijana, ikabihēka ku mababa yayo: uko ni k’Uhoraho yagenda [a]rōngōra [Yakobo] wenyene.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:9, 11, 12) Kugira ngo yigishe ivyana vyayo kuguruka, inkukuma y’ingore ‘irakangura ivyana vyayo mu cari,’ mu gutababiza amababa yayo yongera iyakubitagura kugira ngo ibihimirize kuguruka. Igihe amaherezo icana gikorotse kiva mu cari kiba kenshi cubatse hejuru cane ku gitandara, nyina ica ‘ihungiriza hejuru’ yaco. Mu gihe bisa n’uko ico cana coshobora kwikubita hasi, nyina ica imanuka akabushungwe ikacitanga munsi, ikagiheka ku ‘mababa yayo.’ Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarabungabunganye urukundo ihanga rya Isirayeli ryaheruka kuvuka. Yarahaye abantu Ivyagezwe vya Musa. (Zaburi 78:5-7) Ico gihe Imana yarayoboye iryo hanga ivyitondeye, yiteguriye kurokora abasavyi bayo igihe cose bashikiwe n’ivyago.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Gusubira mu vyagezwe
31:12. Abato bakwiye kwicarana n’abakuze mu makoraniro y’ishengero maze bakagerageza gutega yompi no kwiga.