ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Nzero rup. 11
  • Yemwe bakiri bato, nimwugurukire abavyeyi banyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yemwe bakiri bato, nimwugurukire abavyeyi banyu
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • “Tera iteka so na nyoko”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Urashobora gufasha umuryango wawe kugira umunezero
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Nukoreshe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira ufashe abana bawe kuroranirwa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Nzero rup. 11

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yemwe bakiri bato, nimwugurukire abavyeyi banyu

Kubera iki ukwiye kwugurukira abavyeyi bawe? (Img 23:26) Kubera ko ari bo Yehova yajeje ibanga ryo kukwitwararika no kukuyobora. (Zb 127:3, 4) Ntivyoborohera kugufasha hamwe woguma ubahisha ibikuraje ishinga n’ibiguhagaritse umutima. N’ikindi kandi, wohomba ivyigwa ngirakamaro bigiye ku vyabashikiye mu buzima bwabo. Vyoba ari bibi kutababwira amakuru yose? Ntivyama ari bibi, ukire gusa kutabahisha amakuru bari bakwiye kumenya.​—Img 3:32.

None woganira gute n’abavyeyi bawe? Nuhitemwo umwanya ubereye kuri mwese. Nimba ivyo bitakworohera, woshobora kwandikira umwe muri bo agakete ukamubwira ukuntu wiyumva. Bite ho hamwe boba bipfuza ko muyaga ku kintu wewe udashaka ko muganirako? Niwibuke ko bipfuza cane kugufasha. Nubone abavyeyi bawe nk’abagenzi, ntubabone nk’abansi. Utwigoro ugira kugira uganire n’abavyeyi bawe utabahisha tuzotuma wironkera ivyiza mu buzima bwawe bwose, uzoronke n’ubuzima budahera.​—Img 4:10-12.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UBUYABAGA BWANJE​—NOYAGA GUTE N’ABAVYEYI BANJE? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Ubuyabaga bwanje​—Noyaga gute n’abavyeyi banje?” Umwigeme w’umuyabaga yambaye ama écouteurs yongera akoresha ordinateri arirengagije nyina wiwe igihe ariko arondera kuyaga na we.

    Esther na Partik batahuye iki ku biberekeye?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Ubuyabaga bwanje​—Noyaga gute n’abavyeyi banje?” Umwigeme w’umuyabaga ariko aganira na nyina wiwe yongera amwereka ikintu muri telefone yiwe.

    Wokwigira iki ku karorero ka Yezu?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Ubuyabaga bwanje​—Noyaga gute n’abavyeyi banje?” Inabibondo afashe akanya agahagarika udukorwa kugira akine n’agahungu kiwe.

    Abavyeyi bawe berekana gute ko bakwitwararika?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Ubuyabaga bwanje​—Noyaga gute n’abavyeyi banje?” Umumenyereza w’umupira w’amaboko ariko arereka abakinyi biwe ingene baza gukina.

    Abavyeyi bawe bakwipfuriza ineza

    Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha kuganira n’abavyeyi bawe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika