ICIGWA CA 20
Insozero nziza
Umusiguzi 12:13, 14
INCAMAKE: Mu majambo uvuga mu gusozera, nuhimirize abakwumviriza kwemera ivyo wabigishije no kubishira mu ngiro.
UKO WOBIGIRA:
Nuhuze insozero yawe n’ikiganiro cawe. Nusubiremwo ivyiyumviro nyamukuru hamwe n’umutwe w’ikiganiro cawe nk’uko nyene biri, canke ubivuge mu yandi majambo.
Nuhimirize abakwumviriza kugira ico bakoze. Nubereke ico bokora, ubabwire n’imvo zumvikana zotuma bagikora. Nuvugane ukujijuka kandi biboneke ko ivyo uriko uravuga bihambaye.
Nugire insozero ngufi kandi yoroshe. Ntusobekemwo ivyiyumviro bishasha. Ukoresheje amajambo make ashoboka, nusozere ubahimiriza kugira ico bakoze.