Nukorere ya Mana y’umwidegemvyo
“Iki [ni]co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”—1 YOH. 5:3.
WOSHOBORA KUVYISHURA?
Shetani agerageza gute gutuma amategeko y’Imana aboneka ko ari umuzigo?
Kubera iki dutegerezwa kwiyubara cane ku bijanye n’abo twifatanya?
Ni igiki kizodufasha kuguma turi intahemuka kuri ya Mana y’umwidegemvyo?
1. Yehova abona gute ivyerekeye umwidegemvyo, kandi yabigaragaje gute mu bijanye na Adamu na Eva?
YEHOVA ni we wenyene afise umwidegemvyo utagira agahaze. Yamara, ntiyigera awukoresha nabi canke ngo awigungireko mu kuza arasuzuma akantu kose abasavyi biwe bakora. Ahubwo nyabuna, yarabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, buno bukaba butuma bakoresha ububasha bwabo bwo kwibwiriza maze bagahaza ivyipfuzo vyabo vyose bibereye. Nk’akarorero, Imana yahaye Adamu na Eva itegeko rimwe gusa ryababuza kurya ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi.” (Ita. 2:17) Ese ukuntu bari bafise umwidegemvyo mwinshi cane igihe baba bariko bararangura ivyo Umuremyi wabo agomba!
2. Ni igiki catumye abavyeyi bacu ba mbere batakaza umwidegemvyo Imana yari yarabahaye?
2 Kubera iki Imana yahaye abavyeyi bacu ba mbere umwidegemvyo mwinshi gutyo? Yabaremye mw’ishusho yayo yongera ibaha ijwi ryo mu mutima, yiteze ko urukundo bayikunda nka yo Muremyi wabo rwobayoboye mu nzira ibereye, ivyo ikaba yari ibifitiye uburenganzira. (Ita. 1:27; Rom. 2:15) Ikibabaje ni uko Adamu na Eva batahaye agaciro uwo Mutanzi w’ubuzima mwiza igitangaza be n’umwidegemvyo yari yarabahaye. Ahubwo bahisemwo umwidegemvyo utabereye bahawe na Shetani, wo kuza barihitiramwo ikibereye n’ikitabereye. Ariko rero, aho kurushiriza kugira umwidegemvyo, abo bavyeyi bacu ba mbere barigurishije bongera bagurisha uruvyaro rwabo mu buja bw’igicumuro, ivyo bikaba vyakweze inkurikizi z’agahomerabunwa.—Rom. 5:12.
3, 4. Shetani agerageza gute kuduhenda ku bijanye n’ingingo mfatirwako za Yehova?
3 Nimba Shetani yarashoboye kwosha abantu babiri batagira agasembwa, tutavuze ibiremwa vy’impwemu bitari bike, bagatera akagere ubusegaba bw’Imana, na twebwe yoshobora kuduhenda. Ubuhinga bwiwe ntiburahinduka. Aragerageza kutuzimiza ngo twiyumvire yuko ingingo mfatirwako z’Imana ari umuzigo be n’uko zitubuza kwiryohera no kunezerwa. (1 Yoh. 5:3) Ivyiyumviro nk’ivyo birashobora kutugirako akosho gakomeye mu gihe tuguma turi kumwe n’abantu babona ibintu gutyo. Mushiki wacu umwe w’imyaka 24 yari yarisutse mu vy’ubuhumbu, yavuze ati: “Kwifatanya n’abantu babi vyarangizeko akosho gakomeye, na canecane kubera ko natinya kugira ivyiyumviro bitandukanye n’ivy’urunganwe rwanje.” Ushobora kuba umaze gushikirwa n’akosho k’urunganwe nk’ako.
4 Ikibabaje ni uko rimwe na rimwe akosho k’urunganwe gashobora no kuzanana mw’ishengero rya gikirisu. Icabona umwe akiri muto avuga ati: “Ndazi abakiri bato bamwebamwe wasanga bakundana n’abatemera. Mugabo nahavuye mbona ko uko narushiriza kwifatanya na bo, ari ko narushiriza kumera nka bo. Kamere yanje y’ivy’impwemu yaratanguye kuhabonera. Sinari nkiryoherwa n’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangirwa ku makoraniro, kandi nari nsigaye nja mu ndimiro gake kabaho. Ivyo vyaranyeretse yuko hageze ko mpagarika kwifatanya n’abo bantu, kandi narabigize!” Woba utahura ko abo mwifatanya bashobora kukugirako akosho gakomeye? Rimbura aka karorero ko muri Bibiliya kaje hageze.—Rom. 15:4.
YARIVYE IMITIMA YABO
5, 6. Ni gute Abusalomu yazimije abandi, kandi umugambi wiwe woba waragize ico ushikako?
5 Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bagize akosho kabi ku bandi. Akarorero kamwe muri ubwo ni akajanye na Abusalomu, umuhungu w’Umwami Dawidi. Abusalomu yari umuntu w’akaranga bimwe bidasanzwe. Ariko rero, cokimwe na Shetani, yahavuye areka icipfuzo co guhahamira ubukuru kiratsimbatara mu mutima wiwe, kuko yatanguye kwipfuza cane intebe y’ubwami ya se wiwe, iyo atari afitiye uburenganzira.a Mu kugerageza kwigarurira ubwami ku ruyeri, Abusalomu yarigira nk’aho yitwararika cane Abisirayeli bagenziwe, muri ico gihe nyene agasa n’uwerekana ku rwenge yuko abo ku kirimba c’umwami batabitaho. Ego cane, nka kumwe nyene Shetani yabigira mu murima wa Edeni, Abusalomu yarigize umugiraneza, muri ico gihe nyene arambika ibara se wiwe bwite.—2 Sam. 15:1-5.
6 Uwo mugambi w’urwenge wa Abusalomu woba waragize ico ushikako? Egome ku rugero runaka, kuko inkuru yo muri Bibiliya igira iti: “Abusalomu aguma yiba imitima y’abagabo ba Isirayeli.” (2 Sam. 15:6) Ariko rero, ubwibone bwa Abusalomu bwahavuye butuma atemba. Vyongeye, birababaje kubona bwaratumye kandi we hamwe n’abandi bantu ibihumbi yari yarahenze bapfa.—2 Sam. 18:7, 14-17.
7. Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku nkuru yerekeye Abusalomu? (Raba ishusho iri ku rupapuro rwa 14.)
7 Kubera iki abo Bisirayeli bahenzwe mu buryo bworoshe gutyo? Bashobora kuba baripfuje ibintu Abusalomu yabasezeranira. Canke na ho bashobora kuba bakwegakwezwe n’ukuntu yasa. Icoba carabitumye cose, turashobora kwemera iki kintu tudakeka: Ntibabaye intahemuka kuri Yehova no ku mwami yari yaragenye. Muri iki gihe, Shetani arabandanya gukoresha abo twokwita ba Abusalomu mu kurondera kwiba imitima y’abasavyi ba Yehova. Boshobora kuvuga bati: ‘Ingingo mfatirwako za Yehova zirazitira cane. Ehe raba abantu bose badakorera Yehova. Bariryohera cane!’ Woba utahura ko ico ari ikinyoma co kwanka urunuka maze ukaguma uri intahemuka ku Mana? Woba utahura ko “itegeko ritagira akanenge” rya Yehova, ni ukuvuga itegeko rya Kristu, ari ryo ryonyene rishobora kugushikana ku mwidegemvyo nyakuri? (Yak. 1:25) Nimba ari ukwo biri, nuhe agaciro cane iryo tegeko, kandi ntiwigere ugerageza gukoresha nabi umwidegemvyo wawe wa gikirisu.—Soma 1 Petero 2:16.
8. Ni uburorero ubuhe bw’ibintu vyabaye koko bwerekana yuko kwirengagiza ingingo mfatirwako za Yehova bitazana agahimbare?
8 Abakiri bato ni bo canecane Shetani arondera. Umuvukanyi umwe ubu ageze mu myaka 30 yavuze ku bijanye n’igihe yari akiri umuyabaga ati: “Nabona yuko ingingo mfatirwako za Yehova zijanye n’ukwigenza runtu zizitira abantu, aho kubakingira.” Ico vyavuyemwo ni uko yisutse mu busambanyi. Mugabo ivyo ntivyatumye agira agahimbare. Yavuze ati: “Namaze imyaka myinshi niyagiriza nongera nicuza cane.” Mushiki wacu umwe, azirikanye igihe yari akiri umuyabaga, yanditse ati: “Iyo umuntu amaze kwisuka mu buhumbu, yumva akanyaraye kandi ata co amaze. Mbere n’ubu haciye imyaka 19, birashika nkibuka ivyo bintu bibi nakoze.” Uwundi mushiki wacu yavuze ati: “Iciyumviro c’uko inyifato yanje yatuntuje abo nkunda cane caranyononye mu bwenge, mu vy’impwemu no mu mutima. Ntivyoroshe na gato kubaho udashimwa na Yehova.” Shetani ntiyipfuza ko umuntu yiyumvira bene izo nkurikizi z’igicumuro.
9. (a) Ni ibibazo ibihe vyodufasha gusuzuma ukuntu tubona Yehova, amategeko yiwe be n’ingingo ngenderwako ziwe? (b) Ni kubera iki bihambaye ko tumenya neza Imana?
9 Ese ukuntu bibabaje kubona abakiri bato benshi bari mu kuri, eka mbere n’abakuze batari bake, barabwirijwe kwiga babanje kwibonerako yuko ukwinezereza kurangwa igicumuro akenshi kuvamwo inkurikizi zibabaje! (Gal. 6:7, 8) Niwibaze rero uti: ‘Noba ntahura amayeri Shetani akoresha mu kugerageza guhenda abantu? Noba mbona ko Yehova ari Umugenzi wanje somambike, yama avuga ukuri kandi yipfuza ko nomererwa neza? Noba narajijutse bimwe bikomeye yuko atokwigera anyima ikintu ciza vy’ukuri kandi kizotuma mpimbarwa bimwe bidasanzwe?’ (Soma Yesaya 48:17, 18.) Kugira ngo wishure ego ubikuye ku mutima kuri ivyo bibazo, ukeneye kuba uzi Yehova mu buryo butari ubwo hejuruhejuru. Urakeneye kumumenya mu buryo bugera kure ukongera ugatahura yuko amategeko n’ingingo ngenderwako biri muri Bibiliya bigaragaza ko agukunda, bitagaragaza ko yipfuza kukuzitira.—Zab. 25:14.
NUSENGE USABA UMUTIMA W’UBUKEREBUTSI KANDI UGAMBURUKA
10. Ni kubera iki dukwiye kwihatira kwigana wa Mwami Salomo yari akiri muto?
10 Igihe Salomo yari umugabo akiri muto, yavuze mw’isengesho yicishije bugufi ati: “Ndi agahungu. Sinzi iyo bija n’iyo biva.” Yaciye asaba umutima w’ubukerebutsi kandi ugamburuka. (1 Abm. 3:7-9, 12) Yehova yarishuye iryo sengesho rivuye ku mutima, kandi azobigenza kutyo no kuri wewe, waba ukiri muto canke ukuze. Ego ni ko, Yehova ntazoguha ku gitangaro ugutahura kwimbitse n’ubukerebutsi. Mugabo azokugira inkerebutsi niwiga Ijambo ryiwe ubigiranye ubwira, ugasenga usaba impwemu nyeranda, ukongera ukungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zo mu buryo bw’impwemu turonka biciye kw’ishengero rya gikirisu. (Yak. 1:5) Nkako, biciye kuri ivyo bintu, Yehova aratuma mbere n’abasavyi biwe bakiri bato baba inkerebutsi kuruta abirengagiza impanuro ziwe bose, mbere n’abitwa ngo ni “inkerebutsi n’incabwenge” zo muri iyi si.—Luka 10:21; soma Zaburi 119:98-100.
11-13. (a) Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe twokwigira kuri Zaburi 26:4, Imigani 13:20, na 1 Abakorinto 15:33? (b) Woshira mu ngiro gute izo ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe?
11 Kugira ngo tubone akamaro ko kwiga Bibiliya no kuzirikana ivyo dusoma kugira tumenye Yehova bimwe bigera kure, nimuze turimbure ivyanditswe bikurikira. Kimwekimwe cose kirimwo ingingo ngenderwako ihambaye ku bijanye n’ukuntu duhitamwo abo twifatanya: “Sinicaranye n’abantu b’ababeshi, kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.” (Zab. 26:4) “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imig. 13:20) “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”—1 Kor. 15:33.
12 Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe twokwigira kuri ivyo vyanditswe? (1) Yehova yipfuza ko duhitamwo twitonze abo twifatanya. Yipfuza kudukingira mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu. (2) Abo twifatanya baratugirako akosho keza canke kabi; ukwo ni ko biri mu buzima. Ukuntu ivyo vyanditswe bivuzwe kurerekana ko Yehova arondera kudukora ku mutima. Uti gute? Urabona ko ata na kimwe muri ivyo vyanditswe gishikirizwa nk’itegeko, nk’akarorero ngo “ntukagire iki” canke “ntukagire kiriya.” Ahubwo nyabuna, vyanditswe nk’amajambo y’ukuri atomoye. Ni nk’aho Yehova ariko aratubwira ati: ‘Uku ni ko ibintu biri. Uzovyakira gute? Ni igiki kiri mu mutima wawe?’
13 Ubwa nyuma, kubera ko ivyo vyanditswe bitatu bishikirizwa nk’ukuri kw’ishimikiro, ntivyigera bita igihe kandi birashobora gushirwa mu ngiro mu buryo butandukanye. Mu kubitangira akarorero, niwibaze uti: Noshobora gute kwirinda kwifatanya n’abantu “banyegeza ico bari”? Ni ryari noshobora kuba ndi kumwe n’abantu nk’abo? (Imig. 3:32; 6:12) Izo “nkerebutsi” Yehova ashaka ko nifatanya na zo ni bande? Ivyo “bijuju” ashaka ko nirinda ni bande? (Zab. 111:10; 112:1; Imig. 1:7) Izo “ngeso nziza” nokwonona mpisemwo kwifatanya n’ababi ni izihe? Mw’isi hoba ari ho honyene nosanga abantu babi? (2 Pet. 2:1-3) Wokwishura gute ivyo bibazo?
14. Ushobora gute kuryohora umugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango?
14 Ko umaze kuzirikana kuri ivyo Vyanditswe, ubona gute usuzumye ibindi vyanditswe bihishura ukuntu Imana ibona ibintu wewe canke umuryango wawe mubona ko bihambaye?b Bavyeyi, nimutegekanye kuganira ku vyiyumviro nk’ivyo kuri wa mugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Igihe mubigira, murama mwibuka ko intumbero yanyu ari iyo gufasha umwe wese mu bagize umuryango kurushiriza gutahura urukundo rugera kure Imana idukunda nk’uko rubonekera mu mategeko no mu ngingo ngenderwako vyayo. (Zab. 119:72) Nkako, iyo nyigisho ikwiye gutuma abagize umuryango bose barushiriza kwiyegereza Yehova no kwiyegerezanya.
15. Womenya gute nimba uriko uratsimbataza umutima w’ubukerebutsi kandi ugamburuka?
15 Womenya gute nimba uriko uratsimbataza umutima w’ubukerebutsi kandi ugamburuka? Uburyo bumwe wokoresha ni ukugereranya ivyiyumviro vyawe n’ivy’abantu b’abizigirwa ba kera, nk’akarorero Umwami Dawidi, uwanditse ati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.” (Zab. 40:8) Muri ubwo buryo nyene, umwanditsi wa Zaburi ya 119 yavuze ati: “Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe! Ni ryo nitwararika bukarinda bwira.” (Zab. 119:97) Urukundo nk’urwo ntirupfa kwizana. Ahubwo nyabuna, ruva ku kwiyigisha bimwe bigera kure, ku gusenga, ku kuzirikana no ku kumenya utuntu n’utundi, ni ukuvuga kwibonera mu buzima bwawe imihezagiro myinshi wironkera kubera wisunga ingingo mfatirwako z’Imana.—Zab. 34:8.
NURWANIRE UMWIDEGEMVYO WAWE WA GIKIRISU!
16. Dutegerezwa kwibuka iki nimba twipfuza gutsinda intambara turwana duharanira umwidegemvyo nyakuri?
16 Kuva kera na rindi, amahanga yamwe arwana intambara zikaze aharanira umwidegemvyo. Ese rero ukuntu ukwiye kurushiriza kugira umutima ukunze wo kurwana mu buryo bw’impwemu uharanira umwidegemvyo wawe wa gikirisu! Uribuka yuko abansi bawe atari gusa Shetani, isi hamwe n’impwemu yayo yonona. Utegerezwa kandi kunyinyana n’udusembwa twawe bwite, harimwo n’umutima muhemu. (Yer. 17:9; Ef. 2:3) Yamara ubifashijwemwo na Yehova, urashobora gutahukana intsinzi. Vyongeye, igihe cose uzoba utahukanye intsinzi, yaba nini canke ntoya, hazovamwo n’imiburiburi ivyiza bibiri. Ica mbere, uzonezereza umutima wa Yehova. (Imig. 27:11) Ica kabiri, igihe cose uzoba uhonjeje ububasha butanga umwidegemvyo bw’“itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo,” uzoca urushiriza mbere kwiyemeza kuguma muri ya ‘nzira yaga’ ishikana ku buzima budahera. Mu nyuma, uzokwironkera wa mwidegemvyo mwinshi abasavyi ba Yehova b’intahemuka baraririye kuronka.—Yak. 1:25; Mat. 7:13, 14.
17. Ni kubera iki tudakwiye kwihebura kubera udusembwa twacu, kandi Yehova adufasha gute?
17 Ariko ntiwumve, birashika twese tugakora amakosa. (Umus. 7:20) Igihe ivyo bigushikiye, ntukiyumvemwo ko ata co umaze canke ngo wihebure birenze urugero. Mu gihe utsitaye ukagwa mu buryo bw’ikigereranyo, nuce uhaguruka maze ubandanye, naho nyene vyosaba ko witura abakurambere bo mw’ishengero urimwo ngo bagufashe. Yakobo yanditse yuko “isengesho [ryabo] ry’ukwizera, rizotuma [umuntu] amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.” (Yak. 5:15) Egome, ntiwigere wibagira ko Imana ari inyembabazi vy’ukuri be n’uko yagukwegereye mw’ishengero kubera yakubonyemwo iciza. (Soma Zaburi 103:8, 9.) Igihe cose rero uzoguma ufise umutima ukwiye kuri Yehova, ntazokwigera aguheba.—1 Ngo. 28:9.
18. Dushobora gute gukora duhuza n’isengesho Yezu yatuye ryanditse muri Yohani 17:15?
18 Igihe Yezu yariko arasenga muri rya joro rya nyuma yamaze ng’aha kw’isi ari kumwe n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka, yavuze aya majambo y’intibagirwa abasabira, ati: “Ubarinde kubera wa mubisha.” (Yoh. 17:15) Yezu ntiyari arajwe ishinga gusa n’izo ntumwa ziwe, mugabo kandi yari arajwe ishinga n’abayoboke biwe bose. Ku bw’ivyo, turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova azokwishura iryo sengesho Yezu yatuye mu kuturinda muri ibi bihe bigoye. “[Yehova] ni inkinzo ku bagendera mu gutungana, . . . azorinda inzira y’intahemuka ziwe.” (Imig. 2:7, 8) Ego ni ko, inzira y’ugutungana ntiburamwo ingorane, mugabo ni yo nzira yonyene ishikana ku buzima budahera no ku mwidegemvyo nyakuri. (Rom. 8:21) Ntihagire umuntu aguhenda ngo uyivemwo!
[Utujambo tw’epfo]
a Umuhango Imana yahaye Dawidi w’uko yoronse “uruvyaro” rworazwe intebe y’ubwami, watanzwe Abusalomu amaze kuvuka. Ku bw’ivyo, Abusalomu yari akwiye kuba azi yuko atari we Yehova yari yarahisemwo ngo azosubirire Dawidi.—2 Sam. 3:3; 7:12.
b Akarorero keza k’ivyo ni 1 Abakorinto 13:4-8, aho Paulo avuga ivyerekeye urukundo, hamwe na Zaburi 19:7-11, aherekana imihezagiro myinshi iva ku kugamburuka amategeko ya Yehova.
[Amafoto ku rup. 14]
Dushobora gute kumenya ba Abusalomu bo muri iki gihe maze tukabirinda?