“Ntutinye, ndagutabara”
YEZU yaburiye abayoboke biwe ati: “Wa Mubesheranyi azoguma ata mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira ngo mugezwe bimwe bishitse.” Ariko rero, imbere gato y’iyo mburi, Yezu yavuze ati: “Ntutinye ibintu bigira bigushikire.” Kubera ko Shetani abandanya kudukangisha ivyo kuduta mw’ibohero nka bwo buryo bwo guhagarika igikorwa co kwamamaza Ubwami, birashoboka yuko intwaro zimwezimwe zizohama abakirisu b’ukuri. (Ivyah. 2:10; 12:17) Ku bw’ivyo none, ni igiki kizodufasha kuba abiteguriye kurwanya amayeri ya Shetani maze ‘ntidutinye,’ nk’uko Yezu yabiduhanuye?
Ego ni ko, benshi muri twebwe vyarigeze gushika turagira ubwoba. Naho ari ukwo, Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko Yehova abidufashijemwo dushobora kwirinda gutsindwa n’ubwoba. Uti gute? Uburyo bumwe Yehova adufasha kuba abiteguriye kuvyifatamwo neza igihe turiko turarwanywa ni mu kumenya amayeri Shetani n’abakozi biwe bakoresha. (2 Kor. 2:11) Kugira ngo twerekane yuko ivyo ari ukwo biri, nimuze turimbure ikintu cabaye mu bihe vya Bibiliya. Turaza kandi kwihweza uburorero bumwebumwe bwo muri iki gihe bw’abo dusangiye ukwemera b’abizigirwa ‘bahagaze bashikamye mu kurwanya uruyeri rwa wa Mubesheranyi.’—Ef. 6:11-13.
Umwami yatinya Imana ahangana n’umutegetsi w’umubisha
Mu kinjana ca munani B.G.C., umwami w’umubisha wa Ashuri ari we Senakeribu yaratsinze amahanga atari make yikurikiranya. Kubera ko yumva yiyizigiye, yaciye ahindukirira abasavyi ba Yehova be n’umurwa mukuru wabo Yeruzalemu, aho Hezekiya uwatinya Imana yategeka ari Umwami. (2 Abm. 18:1-3, 13) Nta gukeka ko Shetani yariko arafatira kuri ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe, agasunikira Senakeribu gushitsa imigambi yiwe kugira ngo ugusenga kw’ukuri gushobore kuzimanganywa kw’isi.—Ita. 3:15.
Senakeribu yararungitse umugwi w’abantu i Yeruzalemu kugira ngo baje gusaba yuko ico gisagara cishikana. Muri abo bantu yarungitse harimwo Rabushake, uno akaba ari we yabaye umuvugizi kizigenza w’umwami.a (2 Abm. 18:17) Rabushake yari afise intumbero yo guca ivutu Abayuda maze agatuma bishikana batarinze kurwana. None ni uburyo ubuhe Rabushake yakoresheje mu kurondera gutuma Abayuda bagira ubwoba?
Bagumye ari abizigirwa naho bari ukwa bonyene
Rabushake yabwiye abari baserukiye Hezekiya ati: “Uku ni k’umwami ahambaye, ni we mwami w’i Ashuri, agize: ngo Mbeg’ivyo vyizigiro wizigiye n’ibiki? . . . Erega wishimiye ya nkoni y’irenga rivunitse, ni ryo Egiputa, umuntu yoryishimikiza, ryomutobekeranya ikiganza.” (2 Abm. 18:19, 21) Ico cagirizo ca Rabushake nticari ic’ukuri, kuko Hezekiya atari yaragiraniye isezerano na Misiri. Naho ari ukwo, ico cagirizo carashimitse ku vyo Rabushake yashaka ko Abayuda bibuka neza, ari vyo vy’ibi: ‘Nta muntu n’umwe azobafasha. Muri ukwa mwenyene, muri agati kirebanga.’
Muri ibi bihe vya vuba, abarwanya ugusenga kw’ukuri na bo nyene barakoresheje ivyo gukangisha abakirisu b’ukuri yuko babatandukanya na bagenzi babo, barondera kubatera ubwoba. Umuvukanyikazi umwe yapfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe maze akamara imyaka yaratandukanijwe n’abo basangiye ukwemera, mu nyuma yariganye icamufashije kudatsindwa n’ubwoba. Yavuze ati: “Isengesho ryaramfashije kwiyegereza Yehova . . . Naributse amajambo akura amazinda ari muri Yesaya 66:2, avuga yuko Imana ihoza ijisho ku ‘muntu w’impahazwa afise umutima umenetse.’ Ivyo vyamye na ntaryo bimbera isôko ry’inkomezi n’uguhumurizwa gukomeye.” Muri ubwo buryo nyene, hari umuvukanyi yamaze imyaka n’iyindi apfungiwe mu gasho ka wenyene yavuze ati: “Nahavuye ntahura yuko akumba gatoyi k’ibohero gafise imero y’urukiramende gashobora kuba amahanga yose igihe umuntu afitaniye n’Imana ubucuti bwa somambike.” Ego cane, kugiranira na Yehova ubucuti bwa hafi vyaratumye abo bakirisu babiri baronka inkomezi bari bakeneye kugira ngo bihanganire ugushirwa ukwa bonyene. (Zab. 9:9, 10) Ababahama barashoboye kubatandukanya n’imiryango yabo, abagenzi babo, hamwe n’abo basangiye ukwemera, ariko ivyo Vyabona bari bapfunzwe bari bazi yuko abo bene kubarwanya batokwigeze bashobora kubatandukanya na Yehova.—Rom. 8:35-39.
Ese rero ukuntu bihambaye ko dukoresha akaryo kose kabonetse kugira ngo dukomeze ubucuti dufitaniye na Yehova! (Yak. 4:8) Turakwiye kwama twibaza duti: ‘Ni ku rugero rungana iki Yehova atari umugani kuri jewe? Amajambo yiwe yoba agira ikintu kinini ankozeko igihe mfata ingingo mu buzima bwa misi yose, zaba izidahambaye canke izihambaye?’ (Luka 16:10) Igihe twihatiye kuzigama ubucuti bwa hafi dufitaniye n’Imana, nta mvo n’imwe tuba dufise yo gutinya. Umuhanuzi Yeremiya yavuze aserukira Abayuda b’impahazwa ati: “Natakambiye izina ryawe, ewe Uhoraho, nd’i bgina kure mw ibohero . . . Umusi nagutakambira waranyegereye; uravuga, uti Nta co utinya.”—Int. 3:55-57.
Kubateramwo inkeka nta co vyavuyemwo
Mu kigoro Rabushake yagize ko kugerageza kubateramwo inkeka, yarakoresheje ivyiyumviro birimwo uruyeri. Yavuze ati: ‘None Hezekiya ntiyakuyeho ibitabo n’ibicaniro vy’Uhoraho? Erega Uhoraho ni we nyene yambariye ati Duga utere ico gihugu ukirandure.’ (2 Abm. 18:22, 25) Rabushake yahaririye rero avuga yuko Yehova atorwaniye abasavyi biwe kubera ko batamuhimbara. Ariko ukwo si ko vyari bimeze. Yehova yarahimbarwa na Hezekiya be n’Abayuda bari baragarutse mu gusenga kw’ukuri.—2 Abm. 18:3-7.
Muri kino gihe, abaduhama bafise imigambi mibi boshobora kuvuga amakuru makeyi y’ukuri kugira ngo baronke ico twohurizako, ariko bagaca basobeka ibinyoma muri ukwo kuri babigiranye uruyeri barondera kuduteramwo inkeka. Nk’akarorero, abavukanyi n’abavukanyikazi bari bapfunzwe, rimwe na rimwe barabwirwa yuko hari umuvukanyi aja imbere abandi mu gihugu cabo yadohotse be n’uko ata co vyoba bitwaye rero na bo nyene babigenjeje gutyo maze bagaheba ivyo bemera. Ariko rero, ivyiyumviro nk’ivyo ntivyashoboye kuvyura inkeka mu bakirisu bazi gutandukanya icatsi n’ururo.
Rimbura ivyashikiye umuvukanyikazi umwe mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Igihe yari mw’ibohero, baramweretse inyandiko zerekana yuko hari umuvukanyi ajejwe amabanga yari yahevye ukwizera kwiwe. Uwariko aramusambisha yaramubajije nimba yizigira ico Cabona. Uwo muvukanyikazi yishuye ati: “Ni umuntu w’umunyagasembwa gusa.” Yongeyeko yuko mu gihe yari agikurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, yakoreshwa n’Imana. Yaciye avuga ati: “Mugabo kubera yuko ivyo yanditse biteye kubiri na Bibiliya, ntakiri umuvukanyi wanje.” Uwo muvukanyikazi w’umwizigirwa yarakurikije abigiranye ubukerebutsi impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza.”—Zab. 146:3.
Kugira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana no gushira mu ngiro impanuro ritanga, bizodufasha kwirinda ivyiyumviro vy’uruhendo vyoshobora gutuma umwiyemezo wacu wo kwihangana ugoyagoya. (Ef. 4:13, 14; Heb. 6:19) Ku bw’ivyo, kugira twitegure ngo tuzoshobore kwiyumvira mu buryo butomoye igihe tuzoba turi mu mukazo, turakeneye gushira imbere ivyo gusoma Bibiliya ku musi ku musi no kwiyigisha. (Heb. 4:12) Egome, iki ni co gihe co kwongereza ubumenyi dufise no gukomeza ukwizera kwacu. Umuvukanyi umwe yamaze imyaka n’iyindi apfungiwe ukwa wenyene yavuze ati: “Nipfuza kuremesha umuntu uwo ari we wese ngo yerekane ko akenguruka mu buryo bubereye ibifungurwa vyose vyo mu vy’impwemu turonswa, kuko tutazi ukuntu bizotugirira akamaro mu gihe kinaka.” Mu vy’ukuri, mu gihe twize tuvyitondeye Ijambo ry’Imana be n’ibisohokayandikiro turonswa na wa mugwi w’umushumba muri kino gihe, nitwashikirwa n’ingorane zikomeye mu buzima, impwemu nyeranda izoca ‘itwibutsa’ ivyo tuzoba twize.—Yoh. 14:26.
Barakingiwe iterabwoba
Rabushake yaragerageje gutera ubwoba Abayuda. Yavuze ati: ‘Enda shinga na databuja umwami w’i Ashuri; nanje ndaguha amafarasi ibihumbi bibiri, namba nawe ubwawe woshobora kuronka abo uyuriza. None se woshobora ute gukora mu maso y’umugabisha n’umwe wo mu basavyi ba databuja bo hanyuma y’abandi?’ (2 Abm. 18:23, 24) Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Hezekiya n’abantu biwe ntibari gushobora guhagarara imbere y’ingabo z’Abashuri zari zikomeye.
Muri iki gihe, abaduhama barashobora na bo nyene gusa n’abaturusha rwose inkomezi, na canecane igihe baba bashigikiwe n’intwaro. Nta gukeka ko ivyo ari ko vyari bimeze ku bajanye n’abaduhama b’Abanazi mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Baragerageje gutera ubwoba benshi mu basavyi b’Imana. Umwe mu bavukanyi bacu yamaze imyaka n’iyindi mw’ibohero, mu nyuma yaravuze ukuntu yagizweko iterabwoba. Igihe kimwe, hari umupolisi yamubajije ati: “Mbega wabonye ukuntu murumunawe yarashwe? Ni icigwa ikihe wahigiye?” Yamwishuye ati: “Ndi icabona ca Yehova kandi nzoguma ndi we.” Uwo mupolisi yaciye amutera ubwoba ati: “Ubukurikira ni wewe rero uzoca uraswa.” Ariko rero, uwo muvukanyi wacu yarahagaze ashikamye kandi uwo mwansi yararetse kumugirako iterabwoba. None ni igiki catumye ashobora kuguma ashikamye igihe yagirwako iterabwoba nk’iryo? Yishuye ati: “Narizigira izina rya Yehova.”—Imig. 18:10.
Igihe twizeye Yehova bimwe bishitse, tuba dufise inkinzo nini idukingira ibintu vyose Shetani akoresha kugira ngo atugirire nabi mu vy’impwemu. (Ef. 6:16) Ku bw’ivyo, vyoba vyiza dusavye Yehova mw’isengesho ngo adufashe gukomeza ukwizera kwacu. (Luka 17:5) Turakeneye kandi kwungukira ku ntunganyo zikomeza ukwizera zishirwaho na wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa. Iyo tugizweko iterabwoba, turaronka inkomezi igihe twibutse ukuntu Yehova yasubirije umutima mu nda umuhanuzi Ezekiyeli, uwabwirizwa kubwira ubutumwa abantu b’intagondwa. Yehova yamubwiye ati: “Mpinduye mu maso hawe ngo hakomere hahangare mu maso habo, n’uruhanga rwawe ngo rukomere ruhangare impanga zabo. Uruhanga rwawe ndaruhaye gukomera nk’intosho rurushe isare.” (Ezk. 3:8, 9) Igihe bikenewe, Yehova arashobora kudufasha gukomera nk’intosho nk’uko Ezekiyeli yabwirijwe kumera.
Nunanire inyosha mbi
Abaturwanya barabonye ko igihe ubundi buryo bwose bunaniwe, kugerageza guha umuntu ibintu vyo kumuryosharyosha rimwe na rimwe bishobora gusenyura ugutungana kwiwe. Rabushake na we nyene yarakoresheje ubwo buryo. Yabwiye abantu bari i Yeruzalemu ati: “Uk[u ni ko] umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ari . . . ngo Gushitsa igihe azozira akabajana mu gihugu gihwanye n’icanyu, igihugu c’ingano na vino, igihugu c’indya n’inzabibu, igihugu c’amavuta ya elayo n’ubūki, kugira ngo mubone kubaho, ntimupfe.” (2 Abm. 18:31, 32) Icizigiro c’uko boriye imikate mishasha be n’uko bonyoye umuvinyu mushasha gitegerezwa kuba carakwegera cane kuri abo bantu bari bugaraniwe inyuma y’impome z’ico gisagara cari gisugerejwe!
Umumisiyonari umwe yari apfunzwe yarigeze guhabwa mwene ico cizigiro kugira ngo bagerageze gutuma umwiyemezo yari afise ugoyagoya. Yabwiwe yuko yojanywe ngo mu nzu imeze neza, ngo mu busitani bwiza utoraba, akahamara amezi atandatu kugira ngo ashobore kuzirikana. Ariko rero, uwo muvukanyi yagumye arikanuye mu vy’impwemu kandi ntiyadohotse ku ngingo ngenderwako za gikirisu yisunga. None ni igiki camufashije? Mu nyuma yasiguye ati: “Nari nsanzwe nkunda kuzirikana ku bijanye n’Ubwami nkabona ko ari co cizigiro nyakuri. . . . Kubera yuko nakomejwe n’ubumenyi bwerekeye Ubwami bw’Imana, nkaba narabwemera ata mazinda, sinigere na rimwe nkekeranya ku bijanye na bwo, sinari gushobora kudohoka.”
Ni ku rugero rungana iki Ubwami bw’Imana atari umugani kuri twebwe? Umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu, intumwa Paulo be na Yezu ubwiwe bose barashoboye kwihanganira ibigeragezo bitoroshe kubera yuko Ubwami butari umugani kuri bo. (Flp. 3:13, 14; Heb. 11:8-10; 12:2) Tubandanije gushira mu kibanza ca mbere Ubwami mu buzima bwacu kandi tukagumiza mu bwenge imihezagiro iramba buzozana, na twebwe nyene turashobora kunanira icipfuzo co kwumva umengo twokwemera ivyo batwemerera bituma tumara igihe gito tudashikirwa n’ibigeragezo.—2 Kor. 4:16-18.
Yehova ntazoduheba
Naho Rabushake yagize utwo twigoro twose kugira ngo atere ubwoba Abayuda, Hezekiya n’abatwarwa biwe barizigiye Yehova batanyiganyiga. (2 Abm. 19:15, 19; Yes. 37:5-7) Yehova na we yarishuye amasengesho batuye basaba gufashwa, mu kurungika umumarayika kugira ngo atikize mw’ijoro rimwe abarwanyi 185.000 mw’ikambi y’Abashuri. Ku musi wakurikiye Senakeribu yaciye asubira ku murwa mukuru, ari wo Ninive amaguru adakora hasi n’ibimaramare n’akantu, ari kumwe n’abantu bari ku rushi bari basigaye mu ngabo ziwe.—2 Abm. 19:35, 36.
Biragaragara ko Yehova atahevye abari bamwizigiye. Uburorero bwo muri iki gihe bw’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bahagarara bashikamye mu bigeragezo burerekana yuko n’ubu Yehova adaheba abamwizigira. Birabereye rero kuba Data wa twese wo mw’ijuru adusubiriza umutima mu nda ati: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.”—Yes. 41:13.
[Akajambo k’epfo]
a “Rabushake” ryari izina ry’icubahiro ryahabwa umutegetsi mukuru w’Umwashuri. Izina ry’uruharo ry’uwo mugabo ntirivugwa muri iyo nkuru.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]
Mw’Ijambo ryiwe, Yehova asubiriza umutima mu nda abasavyi biwe incuro zirenga 30 ati: “Ntutinye”
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 12]
Amayeri ya Rabushake yasa gute n’ayo abansi b’abasavyi b’Imana bakoresha muri iki gihe?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]
Kugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova biratuma dushobora kuzigama ukutadohoka igihe turi mu kigeragezo