ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Nyakanga rup. 13
  • Nufashe abatagira idini kumenya Umuremyi wabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abatagira idini kumenya Umuremyi wabo
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokora ku mutima abatagira idini
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nukoreshe neza ibikoresho nyamukuru bidufasha kwigisha Bibiliya
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Niwigishe ukuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Suzuma ibimenyamenya
    Be maso!—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Nyakanga rup. 13
Mushiki wacu ariko arabwira inkuru nziza umugore ava muri Aziya.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nufashe abatagira idini kumenya Umuremyi wabo

Vyoba bimaze kukugora kubwira inkuru nziza abantu batagira idini, wiyumvira ko batovyakira neza? Nimba ari ukwo, niwibuke ko hari abatagira idini benshi, harimwo n’abatemera Imana, bacitse Ivyabona vya Yehova. Akenshi, ico baba bakeneye ni ukubafasha gusa gusuzuma ibimenyamenya vyerekana ko Imana ibaho.—Rm 1:20; 10:14.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIBUKE KO N’ABATAGIRA UKWIZERA BASHOBORA KUKURONKA—ABANTU BATAGIRA IDINI, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Ivyashikiye Tommaso bigufasha gute kubona mu buryo bubereye ibijanye no kubwira inkuru nziza abadafise idini?

Uko wobigenza

Igihe umuntu avuze ko atemera Imana, nube umunyabuntu, wigengesere, kandi werekane ko utahura ivyiyumviro vyiwe n’ukuntu yiyumva ku bijanye n’ico ciyumviro. (2Tm 2:24) Nimuganire ku vyiyumviro vyoshobora kumushimisha. Yoba yemera ko muganira ku bimenyamenya vyatumye benshi bizera Umuremyi? Nimba avyemera, nukoreshe ibitabu n’amavidewo vyateguwe ku bw’iyo ntumbero. Udutabu Vyoba vyararemwe? na Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie twarongewe mu Bikoresho bidufasha kwigisha kugira vyorohe kudutora.

Mu ntango, woshobora kugonanwa kubwira ukuri umuntu atemera Imana. Ubona gute wituye umwamamaji azi utuntu n’utundi ngo agufashe? Niwibuke kandi ko Yehova ashobora kugufasha kwigisha abantu bafise agatima kabereye naho mu ntango batoba bemera ko Imana ibaho.—Ivk 13:48.

Agatabu «Vyoba vyararemwe?»
Agatabu «Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie.»
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika