Nugumane “ubutyoroke bw’umutima” muri ibi bihe bitoroshe
“NTA woharira yuko kuguma utanduye ari ingorane mu madini yo muri kino gihe.” Ayo majambo yavuzwe n’umumenyeshamakuru umwe w’Umugatolika yitwa Vittorio Messori ku bijanye n’amabi akorwa mu vy’igitsina, ayo idini ryo mu Butaliyano riherutse kugiramwo uruhara. Yongeyeko ati: “Ivyo ntibishobora gutorerwa umuti biciye ku gukuraho itegeko ribuza abihebeye Imana gushinga izabo, kuko ibice 80 kw’ijana vy’ayo mabi vyakozwe n’abagabo bahuza ibitsina n’abandi bagabo, ni ukuvuga abapadiri bakoresheje ibitsina uko bitagenewe mu gushurashuza abagabo n’uduhungu.”—La Stampa.
Ata gukeka, ukuba ubukozi bw’ikibi bwimonogoje ni ikimenyetso c’iyi “misi ya nyuma” y’ivy’iyi si. (2 Tim. 3:1-5) Nk’uko amaraporo atangwa n’ibinyamakuru avyerekana, ugutituka kw’inyifato runtu guterwa n’ubwo bukozi bw’ikibi ntikugira ingaruka mbi gusa ku bantu muri rusangi, ariko kandi kurazigira no ku biyita abantu b’Imana. Imitima yabo yononekaye kandi ihumanye iratuma bakora ibintu vy’agahomerabunwa. (Ef. 2:2) Birabereye kuba Yezu yaratanze ingabisho igira iti: “Mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota.” (Mat. 15:19) Ariko rero, Yehova Imana yipfuza ko abasavyi biwe bakunda “ubutyoroke bw’umutima.” (Imig. 22:11, NW) None umukirisu ashobora gute kugumana umutima utyoroye muri ibi bihe bitoroshe?
Ico bisobanura kuba ‘uwutyoroye mu mutima’
Muri Bibiliya, ijambo “umutima” usanga akenshi rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, imvugo Bibiliya ikoresha ishaka kuvuga umutima, yerekeza “ibwina mu muntu” kandi “ni ho hantu nyamukuru Imana ibona ko hahambaye, aho inyigisho z’ivy’Imana zishinga imizi, hakaba ari na ho hashinga inyifato ibereye iyo ari yo.” Uwo mutima ugereranya ico turi koko imbere muri twebwe. Nk’uko ca gitabu twavuga kivyerekana, uwo mutima ni wo Yehova asuzuma, akaba ari na wo ashima mu basavyi biwe.—1 Pet. 3:4.
Muri Bibiliya, amajambo “ubutyoroke” be n’“ukudahumana” arashobora kwerekeza ku kintu kidahumanye nya guhumana. Ariko rero izo mvugo zirakoreshwa kandi mu kwerekezwa ku kintu kitanduye, ni ukuvuga ikintu kidatituwe, kidacafuye canke kitononekaye mu bijanye n’inyifato runtu no mu bijanye n’ugusenga Imana. Muri ya Nsiguro yo ku musozi, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abatyoroye mu mutima.” Mu vy’ukuri, yariko yerekeza ku bantu badahumanye imbere muri bo. (Mat. 5:8) Inyiyumvo zabo, ivyipfuzo vyabo be n’imvo zituma bakora ibintu, usanga bityoroye. Babitumwe n’urukundo be n’ugukenguruka, barakunda Yehova n’umutima wabo wose, ata buryarya, ata kwiyorobeka. (Luka 10:27) None wewe ntiwokwipfuza kuba uwutyoroye muri ubwo buryo?
Kuguma ‘utyoroye mu mutima’ ni urugamba
Umusavyi wa Yehova ntabwirizwa gusa kugira “amaboko akeye” ariko kandi abwirizwa kugira “umutima utanduye.” (Zab. 24:3, 4) Yamara muri iki gihe, kugumana “umutima utanduye” biguma birushiriza kuba urugamba ku basavyi b’Imana. Shetani be n’iyi si atwara, hamwe n’umubiri wacu munyagasembwa, biradushirako umukazo ukomeye kugira ngo bidukure kuri Yehova. Kugira ngo tunanire iyo mikazo, birahambaye cane ko dukunda “ubutyoroke bw’umutima” kandi tukaguma tubwumiyeko. Ivyo bizoturinda vyongere bitume tubandanya kuba abakunzi b’Imana. None dushobora gute kugumana umutima utyoroye?
Mu Baheburayo 3:12, turahasanga iyi mburi igira iti: “Mwiyubare, bavukanyi, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima.” Ntidushobora kuguma “[dutyoroye] mu mutima” mu gihe twotsimbataza umutima “utizera.” Ni ivyiyumviro ibihe none Shetani wa Mubesheranyi yakwiragije kugira ngo anyohe ukwizera Imana kwacu? Muri ivyo harimwo ya nyigisho yerekeye ivy’ihindagurika, ukutabona kumwe ibijanye n’inyifato runtu be n’ivyerekeye Imana, hamwe n’ugukekeranya ku bijanye n’uko Ivyanditswe Vyeranda vyoba vyahumetswe n’Imana. Ntidukwiye kureka ngo ivyiyumviro mwene ivyo biteye akaga bitugireko akosho. (Kol. 2:8) Gusoma Bibiliya ku musi ku musi no kuzirikana ku vyo dusoma mu buryo bwimbitse, ni vyo bintu nyamukuru bidufasha kurwanya ivyo vyiyumviro. Ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana buzokomeza urwo dukunda Yehova bwongere butume turushiriza gutahura ukuntu afata abantu. Urwo rukundo be n’ukwo gutahura birahambaye cane nimba twipfuza kwamirira kure ivyiyumviro bitari vyo no kuguma twizera Yehova bimwe bikomeye, kugira ngo dushobore kugumana umutima utyoroye.—1 Tim. 1:3-5.
Igihe duhanganye n’ivyipfuzo vy’umubiri
Ikindi kintu dushobora guhangana na co igihe tugerageza kugumana “ubutyoroke bw’umutima” gifitaniye isano n’ivyipfuzo vy’umubiri be n’ivy’uguhahamira amaronko. (1 Yoh. 2:15, 16) Ugukunda amahera canke icipfuzo co kwirundaniriza amatungo be n’ibintu vy’umubiri, birashobora kwonona umutima, bigatuma umukirisu akora ibintu biteye kubiri n’ivyo Imana igomba. Hari abacitse ingunge ku kazi, barahenda abandi canke bariba amahera kibure ibindi bintu.—1 Tim. 6:9, 10.
Ariko rero, turerekana yuko dukunda “ubutyoroke bw’umutima” biciye ku gutinya kubereye gushingiye ku kwirinda gukora ibidahimbara Yehova, ku gukunda ubutungane no ku kwiyemeza kugumana ijwi ryo mu mutima ryiza. Urwo rukundo ruratuma tubandanya “kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Heb. 13:18) Iyo dukoze ibintu tubigiranye ukugororoka, birashobora gushinga intahe nziza. Uwitwa Emilio, uno akaba ari Icabona w’Umutaliyano akora akazi k’ubushoferi mw’ishirahamwe rimwe ryo kwunguruza abantu, yaratoye ikotomoni yarimwo amahera 470 y’amanyaburaya (nk’amarundi arenga 680.000). Abo bakorana baratangajwe no kubona iyo kotomoni yaciye ayihereza umukoresha wiwe, uno na we akaba yahavuye ayiha uwari yayitakaje. Bamwebamwe mu bakorana na Emilio barakozwe ku mutima cane n’iyo nyifato yiwe ku buryo bahavuye bashimishwa n’ivyerekeye Bibiliya maze batangura kuyiga. Ivyo vyatumye abantu indwi bo mu miryango ibiri bemera ukuri. Mu vy’ukuri, kwigenza mu buryo bugororotse umuntu abitumwe n’umutima utyoroye birashobora koko gutuma abandi baninahaza Imana.—Tito 2:10.
Ikindi kintu gishobora kugira ingaruka mbi ku butyoroke bw’umutima w’umukirisu, ni ukubona ivy’igitsina mu buryo butari bwo. Ukuba abatari bake babona ko uguhuza ibitsina imbere y’ukwubakana, ukurenga ibigo be n’uguhuza ibitsina kw’ababisangiye ari ibintu bisanzwe, birashobora kwonona umutima w’umukirisu. Umuntu yisuka mu bushegabo yoshobora kugira ubuzima burimwo tubiri abigiranye ubwiyorobetsi, kugira ngo ahishe igicumuro ciwe. Mu vy’ukuri ivyo ntivyoba biranga “ubutyoroke bw’umutima.”
Uwitwa Gabriele yabatijwe afise imyaka 15 maze aca atangura umurimo w’ubutsimvyi. Ariko rero, mu nyuma yaratanguye kumara umwanya ari kumwe n’abagenzi babi mu bunywero batambiramwo mw’ijoro. (Zab. 26:4) Iyo yabaye intango yo kubaho mu buryo buranga ubuhumbu n’ukwiyorobeka, kandi vyarabaye ngombwa ko acibwa mw’ishengero rya gikirisu. Ukwo kuntu yatojwe indero na Yehova vyaratumye azirikana bimwe bigera kure. Gabriele aravuga ivyo yibuka, ati: “Naciye ntangura gukora ibintu vyose ntigera mfatana uburemere imbere y’aho. Narasoma Bibiliya buri musi, nkagerageza gutahura ivyo Yehova yaba ariko aravuga koko, nkongera nkiga ibitabu vya gitewokarasi ndavyitondeye. Narabonye ukuntu ukwiyigisha bishobora kuzana impera be n’ugushira akanyota, nongera ndibonera ukuntu ugusoma Bibiliya n’ugutura isengesho umuntu abigiranye ubwira bishobora gutuma aronka inkomezi nyinshi.” Ivyo vyarafashije Gabriele kuvavanura n’inyifato yiwe y’ubushegabo, hanyuma asubira kugiranira ubucuti na Yehova.
Ubu Gabriele yarasubiriye gusukura ari umutsimvyi, ari kumwe n’umukenyezi wiwe. Ivyamushikiye birerekana yuko kwiga Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vy’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” bishobora gutuma umuntu agira umutima utyoroye, akavavanura n’ubushegabo.—Mat. 24:45; Zab. 143:10.
Kugira “ubutyoroke bw’umutima” igihe turi mu kigeragezo
Abasavyi b’Imana bamwebamwe baracitse intege bitewe n’imikazo iva ku baturwanya, ku ngorane z’ivy’ubutunzi, no ku ndwara ikomeye. Mu bihe bimwebimwe, imitima yabo na yo nyene yarahamererewe nabi. N’Umwami Dawidi ivyo vyaramushikiye. Yavuze ati: “Umushaha wanje undendebukiramwo, umutima wanje ukūmirirwa muri jewe.” (Zab. 143:4) Ni ibiki none vyamufashije kwihanganira ibihe nk’ivyo? Dawidi yaributse ivyo Imana yagiriye abasavyi bayo be n’ukuntu we ubwiwe yarokowe. Yarazirikanye ivyo Yehova yari yarakoze ku bw’izina ryiwe rikomeye. Dawidi yaguma yitwararika ivyo Imana yakoze. (Zab. 143:5) Muri ubwo buryo nyene, kuzirikana ibijanye n’Umuremyi wacu be n’ivyo yadukoreye hamwe n’ivyo abandanya kudukorera, bizodufasha kwihangana n’igihe tuzoba turi mu bigeragezo.
Igihe twagiriwe nabi canke twumva ko twagiriwe nabi, twoshobora kugira umujinya. Kuguma twiyumvira ibiba vyabaye, vyoshobora gutuma twiyumvira nabi abavukanyi bacu. Turashobora kwitandukanya n’abandi, tukigungira ukwacu, kandi tukitaho abandi buhoro. Ariko none, kuvyifatamwo gutyo vyoba bihuye n’icipfuzo dufise co kugira “ubutyoroke bw’umutima”? Biratomoye rero yuko intumbero yo kugira mwene uwo mutima ifitaniye isano n’ukuntu dufata abavukanyi bacu bakirisu hamwe n’ukuntu tuvyifatamwo iyo hagize ikitagenda neza.
Mw’isi iguma irushiriza kwononekara no gutituka mu bijanye n’inyifato runtu, twebwe abakirisu b’ukuri usanga dutandukanye n’abandi kubera yuko dukunda “ubutyoroke bw’umutima.” Uko twironkera amahoro yo mu mutima ava ku gukora ivyo Imana igomba, ubuzima bwacu buramererwa neza. Ikiruta vyose turagiranira ubucuti somambike n’Umuremyi wacu Yehova Imana, we akunda abafise “umutima utanduye.” (Zab. 73:1) Emwe, turashobora kuba mu bantu bahiriwe kubera yuko, nk’uko Yezu yabisezeranye, abo bantu “bazobona Imana,” kuko igirira neza abakunda “ubutyoroke bw’umutima.”—Mat. 5:8.