ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 24-25
  • Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Siyansi iri n’aho igarukiriza
  • Bibiliya ivuga ibintu abanyasiyansi bataravyubura
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera siyansi?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ico ubuhinga bukumariye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Irema
    Be maso!—2014
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 24-25

Twisunze Bibiliya

Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?

“Siyansi yanje igira ico ivuze ikongera ikandonsa umunezero iyo bishitse nkubura ikintu gishasha maze nkibwira nti: ‘Ukwo ni ko Imana yagikoze!’ ”—VYAVUZWE NA HENRY SCHAEFER, UMWIGISHA W’ICIGWA CA SHIMI.

SIYANSI iradufasha cane gutahura ibidukikije, ikaduhishurira ukuntu biri ku rutonde, ukuntu bikora mu buryo budahusha be n’ukuntu bihinguye mu buryo buhanitse, ivyo bikaba bituma abantu benshi babona ko hariho Imana ifise ubwenge n’ububasha bitagira urugero. Babona ko siyansi idahishura gusa ibintu vy’ido n’ido vyerekeye ibidukikije, ariko kandi ko ihishura n’ukuntu Imana yiyumvira.

Bibiliya irashigikira cane ukwo kuntu babona ibintu. Mu Baroma 1:20 hagira hati: “Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.” Muri ubwo buryo nyene, muri Zaburi 19:1, 2 havuga hati: “Amajuru amenyesha ubuninahazwa bw’Imana; ikirere na co kivuga igikorwa c’amaboko yayo. Umurango umwe inyuma y’uwundi uratuma imvugo idudubiza, kandi ijoro rimwe inyuma y’irindi rirerekana ubumenyi.” Ariko rero naho ibidukikije bigizwe n’ibintu vyinshi vy’akaroruhore, bihishura gusa kamere zimwezimwe z’Umuremyi wacu.

Siyansi iri n’aho igarukiriza

Ibintu vyinshi vyerekeye Imana, umuntu ntashobora kubimenya biciye kuri siyansi. Tubitangire akarorero: umunyasiyansi yoshobora kwerekana uduhimba inzatsa twose tugize umukate, ariko none ubushakashatsi agira bwoba bwokwerekana icatumye uwo mukate utegurwa canke uwo wateguriwe? Kugira ngo umuntu aronke inyishu z’ibibazo nk’ivyo, izo abantu benshi bobona yuko ari zo zihambaye kuruta, aba akeneye kubaza uwakoze uwo mukate.

Muri ubwo buryo nyene, nk’uko umuhinga mu vya siyansi wo muri Ositaraliya akaba yaranatsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel ari we Erwin Schrödinger yavyanditse, siyansi “iratanga amakuru menshi y’ukuri mugabo nta na kimwe ihishura ku . . . bintu vyose bihambaye vy’ukuri kuri twebwe.” Avuga yuko muri ivyo bintu harimwo ivyerekeye “Imana n’ibihe bidahera.” Nk’akarorero, Imana ni yo yonyene ishobora kwishura ibibazo nk’ibi: Ni kubera iki hariho ijuru n’isi? Ni kubera iki isi yacu yuzuyeko ibinyabuzima, harimwo n’ibifise ubwenge? Nimba vy’ukuri Imana ishobora vyose, ni kubera iki ireka ikibi n’imibabaro bikabaho? N’ikindi kandi, abapfuye boba bazosubira kubaho?

Imana yoba yarishuye ivyo bibazo? Egome, yaravyishuye biciye kuri Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Woshobora kwibaza uti: ‘Ariko none noshobora gute kwemera ntakeka yuko Bibiliya ikomoka vy’ukuri ku Mana?’ Twisunze ukuntu abanyasiyansi babona ibintu, ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibidukikije bitegerezwa kuba bihuye n’ivyo siyansi yerekana, kubera yuko Imana itivuguruza. Bibiliya yoba none ivuga rumwe na siyansi? Rimbura uburorero bukeyi.

Bibiliya ivuga ibintu abanyasiyansi bataravyubura

Igihe Bibiliya yariko irandikwa, abantu benshi baremera yuko kw’isi haba ibimana bitandukanye be n’uko ivyo bimana ari vyo vyategeka izuba, ukwezi, ikirere, irondoka be n’ibindi, bakemera ko ivyo bintu bitisunga amategeko agenga ibiriho. Ariko ivyo si vyo abahanuzi b’Imana b’Abaheburayo ba kera bemera. Birumvikana ko bari bazi yuko Yehova Imana ashobora gutegeka ibidukikije ata kindi kintu abicishijeko be n’uko ivyo yari yarabigize mu bihe bimwebimwe. (Yosuwa 10:12-14; 2 Abami 20:9-11) Ariko rero, uwitwa John Lennox, akaba ari umwigisha w’ibiharuro muri Kaminuza y’i Oxford mu Bwongereza, yavuze yuko “bitabaye ngombwa ko [abo bahanuzi] bareka kwemera yuko ibimana ari vyo vyaganza ibiriho . . . , kubera gusa yuko batari barigeze kwemera ivyo bimana. Icabafashije kutemera ivyo bintazi ni uko bemera Imana imwe y’ukuri yaremye ijuru n’isi.”

Ariko none ni mu buryo ubuhe ivyo vyatumye batemera ibintazi? Kimwe coco, Imana y’ukuri yarabahishuriye yuko iganza ibiriho ikoresheje amategeko atomoye canke ivyagezwe. Nk’akarorero, haraciye imyaka irenga 3.500 Yehova Imana abajije umusavyi wiwe Yobu ati: “Mbega waramenye ivyagezwe bigenga amajuru?” (Yobu 38:33) Mu kinjana c’indwi B.G.C., umuhanuzi Yeremiya yaranditse ivyerekeye “Ivyagezwe bigenga ijuru n’isi.”—Yeremiya 33:25.

Ku bw’ivyo, abantu bose babayeho mu bihe vya kera kandi bakaba barizera ibintu vyanditswe n’abahanuzi bavugwa muri Bibiliya, bari bazi ko ibiriho bitagengwa n’amategeko y’ibimana bishavura n’ingoga bivugwa mu bitito, ariko ko vyagengwa n’amategeko abantu bashobora gutahura. Ico vyavuyemwo ni uko abo bantu batinya Imana batunamiye ibintu vyaremwe, nk’izuba, ukwezi canke inyenyeri, canke ngo ivyo bintu bitume bisuka mu vyo kwemera ibintazi. (Gusubira mu vyagezwe 4:15-19) Ahubwo riho, babona yuko ivyo Imana yakoze ari ibintu vyo kwiga bihishura ubukerebutsi bwayo, ububasha bwayo be n’izindi kamere zayo.—Zaburi 8:3-9; Imigani 3:19, 20.

Mu buryo buhuye n’ukuntu abanyasiyansi benshi bo muri iki gihe babona ibintu, abo Baheburayo ba kera na bo nyene baremera yuko ibiriho vyagize intango. Mw’​Itanguriro 1:1 hagira hati: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” N’ikindi kandi, ubu haraciye imyaka nka 3.500 Imana ihishuriye umusavyi wayo Yobu yuko isi ‘yenetse ku busa,’ canke mu kirere. (Yobu 26:7) Vyongeye, haraciye imyaka irenga 2.500 umuhanuzi Yesaya yanditse yuko isi ari umuzingi canke yiburungushuye.—Yesaya 40:22.a

Egome, Bibiliya irahuza n’ibintu siyansi yerekana bijanye n’ibidukikije. Nkako, ivyigwa dukura muri Bibiliya no muri siyansi ntibivuga rumwe gusa ariko kandi birunganirana mu buryo bwiza igitangaza. Twirengagije kimwe muri ivyo, twoba twiyimye akaryo ko kuronka ubumenyi bwerekeye Imana.—Zaburi 119:105; Yesaya 40:26.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza amakuru menshi ajanye n’uko Imana ibaho be n’uko ivyo Bibiliya ivuga bitagiramwo amakosa, turakwinginze usome agatabu kavuga ngo Vyoba vyararemwe? be n’igitabu kivuga ngo Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

● Ivyaremwe bishobora kutwigisha iki ku vyerekeye Imana?—Abaroma 1:20.

● Ni ukuri kwerekeye Imana ukuhe siyansi idashobora guhishura?—2 Timoteyo 3:16.

● Ni kubera iki abahanuzi ba kera b’Imana y’ukuri batabona ivyaremwe mu buryo bwerekana ko bemera ibintazi?—Yeremiya 33:25.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 25]

Ibiriho bigengwa n’amategeko atomoye, ni ukuvuga “ivyagezwe bigenga ijuru n’isi.”—YEREMIYA 33:25

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika