ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/8 rup. 4-7
  • Bibiliya irashobora kugufasha kuronka umunezero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya irashobora kugufasha kuronka umunezero
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana iritwararika abantu vy’ukuri
  • Nugume ubona ibintu mu buryo buri ku rugero
  • Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifasha umuntu kuronka umunezero
  • Ico wokora
  • Wonyinyana gute n’ukwumva uvunitse umutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba wumva ko ata co umaze?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Munezeranwe na ya Mana Ihimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Akanyamuneza​—Kamere dukura ku Mana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/8 rup. 4-7

Bibiliya irashobora kugufasha kuronka umunezero

NAHO Bibiliya atari igitabu kivuga ivy’ubuvuzi, iravuga ibijanye n’ingaruka inyiyumvo nziza canke mbi zishobora kugira ku magara yo ku mubiri n’ayo mu mutwe. Ivuga iti: “Umutima unezerewe [ni] umuti ukiza, arik’umutima usāvye wumisha amagufa”. Ivuga kandi iti: “Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizo[ca ziba] nke” (Imigani 17:22; 24:10). Kudendebukirwa birashobora kugabanya inkomezi zacu, bigatuma twumva ata ntege dufise, tukumva kandi tutagira gitabara, ata n’icipfuzo dufise co guhindura canke kurondera imfashanyo.

Ukudendebukirwa kurashobora kandi kugira ingaruka ku muntu mu vy’Imana. Abantu biyumvamwo ko ata co bamaze akenshi bumva yuko badashobora kwigera bagiranira ubucuti bwiza n’Imana ngo baheze bahezagirwe na yo. Umwe Simone twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, ntiyabona yuko ari “umuntu ashobora kwemerwa n’Imana”. Ariko rero, igihe turavye mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, turabona yuko Imana ishima abantu bagira uko bashoboye kwose kugira ngo bayihimbare.

Imana iritwararika abantu vy’ukuri

Bibiliya itubwira yuko “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse”. Imana ntikengera “umutima umenetse, ujanjaguwe”, ahubwo isezerana ‘guhembura imitima y’abicisha bugufi be n’abafise imitima imenetse’.​—Zaburi 34:18; 51:17; Yesaya 57:15.

Igihe kimwe, Yezu Umwana w’Imana yabonye bikenewe ko yereka abigishwa biwe yuko Imana ibona iciza kiri mu basavyi bayo. Akoresheje ikigereranyo, yaravuze ko igihe akanyoni kaguye hasi Imana ibimenya, ico kikaba ari ikintu abantu benshi bobona ko kidahambaye. Yarashimitse kandi ku vy’uko Imana izi utuntu dutoduto ku bijanye n’abantu, ikaba mbere izi n’igitigiri c’imishatsi iri ku mutwe wabo. Yezu yasozereye ikigereranyo ciwe mu kuvuga ati: “Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi” (Matayo 10:29-31)a. Yezu yarerekanye yuko abantu bafise ukwizera bari n’agaciro koko mu nyonga z’Imana, naho boba biyumva gute ku biberekeye. Kanatsinda, intumwa Petero atwibutsa yuko ‘Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko ko mu mahanga yose uwuyubaha, agakora ivy’ukugororoka, imwemera’.​—Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35.

Nugume ubona ibintu mu buryo buri ku rugero

Ijambo ry’Imana riduhimiriza kutarenza urugero mu kuntu tubona ibitwerekeye. Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera”.​—Abaroma 12:3.

Birumvika ko tutokwipfuza kwiyumvira yuko turi agakomeye gushika aho tuba abantu birata, canke ngo twikengere gushika aho tubona ko ata co tumaze. Ahubwo riho, intumbero yacu ikwiye kuba iyo kwiga kubona ibitwerekeye mu buryo bubereye, ni ukuvuga kutirengagiza ivyo dushoboye be n’ivyo tudashoboye. Umukenyezi mukirisu umwe ni we yavuze ati: “Sindi umuyobe, eka kandi sindi umumarayika. Ndafise kamere nziza n’utunenge nk’abandi bose”.

Ariko ntiwumve, kubona ibintu muri ubwo buryo bubereye, biroroshe kuvuga ariko ntivyoroshe gukora. Birashobora gusaba akigoro gakomeye kugira ngo turandurane n’imizi ukwikengera gukabije dushobora kuba tumaranye imyaka myinshi. Naho ari ukwo bimeze, tubifashijwemwo n’Imana turashobora guhindura ukuntu tumeze be n’uburyo tubona ubuzima. Kandi ivyo ni vyo Ijambo ry’Imana riduhimiriza gukora. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyambure wa muntu wa kera . . . abozwa n’ukwipfuza kw’uruhendo; [muhinduke] basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu, [mwambare] wa muntu musha, yaremwe mw’ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri”.​—Abanyefeso 4:22-24.

Tugize akigoro ko guhindura ‘impwemu y’ubwenge bwacu’ canke inguvu zikoresha umuzirikanyi wacu, ni ukuvuga ivyiyumviro umuzirikanyi wacu uguma uhengamiyeko, turashobora guhinduka tukareka kwikengera birenze urugero, tugasigara tubona ibintu mu buryo bwiza. Umwe Lena twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, yahavuye atahura yuko ata kintu na kimwe cari gushobora guhindura uburyo yabona ibimwerekeye, atabanje kwikuramwo iciyumviro c’uko ata n’umwe ashobora kumukunda canke kumufasha. Ni impanuro ziranga ubukerebutsi izihe zo muri Bibiliya zafashije Lena, Simone hamwe n’abandi kugira ihinduka nk’iryo?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifasha umuntu kuronka umunezero

“Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira” (Zaburi 55:22). Isengesho ni co kintu nyamukuru gishobora kudufasha kuronka umunezero nyakuri. Simone avuga ati: “Igihe cose ndendebukiwe, nca nitura Yehova nkamusaba imfashanyo. Nta ho ndigera mbura inkomezi n’ubuyobozi biva kuri we”. Igihe umwanditsi wa Zaburi aduhimiriza gukorera Yehova umutwaro wacu, aba ariko aratwibutsa ko Yehova atatwitwararika gusa, mugabo kandi ko atubona nk’abantu babereye gufashwa no gushigikirwa na we. Ku mugoroba wa Pasika yo mu 33 G.C., abigishwa ba Yezu bari bababaye kubera yari yababwiye ko yimirije gutandukana na bo. Yezu yabahimirije gusenga Data wa twese, maze yongerako ati: “Musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe”.​—Yohana 16:23, 24.

“Gutanga kuzana [“agahimbare”, “NW”], kuruta guhabwa” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Nk’uko Yezu yavyigishije, gutanga ni ikintu nyamukuru gituma turonka umunezero nyawo mu buzima. Gushira mu ngiro ico kintu c’ukuri Bibiliya ivuga biradufasha kurazwa ishinga n’ivyo abandi bakeneye, aho kurazwa ishinga n’ivyo tudashoboye. Igihe dufashije abandi maze tukibonera ingene babikengurutse, turarushiriza kwumva ko turi n’ico tumaze. Lena abona yuko kwama abwira abandi inkuru nziza yo muri Bibiliya bimufasha mu buryo bubiri. Avuga ati: “Ubwa mbere, birandonsa wa munezero na kwa gushira akanyota Yezu yavuga. Ubwa kabiri, ndaronka abantu benshi bavyakira neza, na vyo bikaba binzanira umunezero”. Twitanze tutiziganya, tuzokwibonera ko amajambo yo mu Migani 11:25 ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Ūvomera abandi azovomerwa na we”.

“Imisi y’umunyamubabaro ni mibi yose, arik’uw’umutima ukeye yamana ibinoboye” (Imigani 15:15). Twese turashobora kwihitiramwo ingene tubona ibitwerekeye be n’ukuntu tubona uko ivyacu vyifashe. Turashobora kuba abantu babona ibintu vyose nabi maze tukamera nk’uwo munyamubabaro, canke tugahitamwo kubona ibintu mu buryo bwiza maze tukagira “umutima ukeye”, tukagira umunezero nk’uwamana ibinoboye canke uwuri ku mazimano. Simone avuga ati: “Ndagerageza uko bishoboka kwose kuguma mbona ibintu mu buryo bwiza. Nama niyigisha Bibiliya, nkama nja kwamamaza kandi ngasenga ubudahorereza. Ndagerageza kandi kugira abagenzi babona ibintu mu buryo bwiza nkongera nkagerageza gufasha abandi”. Kugira agatima nk’ako birazana umunezero nyakuri, nk’uko nyene Bibiliya iduhimiriza iti: “Yemwe mwa bagororotsi, munezererwe Uhoraho, muhimbarwe: yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu y’umunezero”.​—Zaburi 32:11.

“Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa” (Imigani 17:17). Kwitura umukunzi canke umuhanuzi twizigira birashobora kudufasha gucungera inyiyumvo zo kwikengera, maze tukazirandurana n’imizi imbere y’uko ziturengera. Kuyaga n’abandi birashobora kudufasha kubona ibintu mu buryo buri ku rugero kandi bwiza. Simone yiyemerera ati: “Kugira uwo useruriye ingene wiyumva birafasha cane. Urakenera kugira uwo ubariye ingene wiyumva. Akenshi usanga kugira uwo ubibariye biba bihagije”. Ubigenjeje gutyo, uzokwibonera yuko uyu mugani ari uw’ukuri, na wo ukaba ugira uti: “Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikīra, arikw ijambo ryiza rirawunezereza”.​—Imigani 12:25.

Ico wokora

Twarimbuye nkeyi gusa mu ngingo ngenderwako nziza cane kandi ngirakimazi zo muri Bibiliya zishobora kudufasha gutsinda inyiyumvo zo kwikengera, tugaheza tukaronka umunezero nyakuri. Nimba uriko uranyinyana n’ukwumva ko ata co umaze, tukuremesheje gusuzuma Ijambo ry’Imana Bibiliya witonze. Niwige kubona ibikwerekeye hamwe n’ubucuti ufitaniye n’Imana mu buryo butarenze urugero kandi bwiza. Tukwipfurije kuronka umunezero nyakuri mu vyo ukora vyose, ubifashijwemwo n’uburongozi buva mw’Ijambo ry’Imana.

[Akajambo k’epfo]

a Iyo mirongo ya Bibiliya irasigurwa ido n’ido ku rupapuro rwa 22 n’urwa 23.

[Ifoto ku rup. 7]

Kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biradufasha kuronka umunezero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika