Isi itarimwo indwara
“Ibihugu vyose birakwiye gukorana bifatanye mu nda kandi bigafashanya kugira ngo abantu babibamwo bose bashobore kubungabungirwa amagara vy’ishimikiro, kubera ko iyo abantu bagize amagara meza mu gihugu kinaka biba vyerekeye n’ibindi bihugu vyose kandi bino bikahatorera akoyoko”.—UMWIYEMEZO WAGIRIWE I ALMA-ATA KU WA 12 NYAKANGA 1978.
MU MYAKA 25 iheze, ukubungabungira amagara umuntu wese kw’isi mu buryo bw’ishimikiro, kuri bamwebamwe vyaboneka ko ari ihangiro rishobora gushikwako. Abari baserukiye abandi muri ya Nama mpuzamakungu yari yerekeye ukubungabungirwa amagara kw’ishimikiro, bari bakoraniye i Alma-Ata, ubu hakaba ari mu gihugu ca Kazakisitani, baragize umwiyemezo w’uko gushika mu mwaka wa 2000 bazoba bamaze gucandaga abantu bose mu kubakingira indwara nkurunkuru zandukira. Bari bizigiye kandi yuko muri uwo mwaka nyene, isuku ry’ishimikiro be n’amazi meza vyobonetse ku muntu wese ari kw’isi. Ibihugu vyose bigize Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) vyarashize umukono kuri uwo mwiyemezo.
Nta wobura kuvuga ko iryo hangiro ryari iryo gushimwa, mugabo ivyakurikiye vyabaye akavunamutima. Biragaragara ko ukubungabungirwa amagara kw’ishimikiro kutashitse ku bantu bo mu bihugu vyose, kandi indwara zandukira ziracabandanya kubangamira amagara y’abantu amamiliyaridi kw’isi. Vyongeye, izo ndwara zikaze akenshi usanga zifata abana zikongera zigafata n’abakuze mu myaka baba bakiriterera bakarisama.
Mbere na za ndwara zitatu zigeramiye cane abantu ari zo SIDA, igituntu na malariya ntizashoboye gutuma ibihugu “[bi]korana bifatanye mu nda”. Ca kigega mpuzamakungu giherutse gushingwa co kurwanya Sida, Igituntu na Malariya casavye intwaro amadolari y’amanyamerika imiliyaridi 13 (nk’amarundi arenga gatoyi 13.000.000.000.000) kugira ngo agifashe guhagarika ivyo biza. Ariko rero, mu gatasi ko mu 2002, amadolari imiliyaridi zirenga 2 gusa (nk’amarundi arenga 2.000.000.000.000) ni yo yari amaze gutangwa. Mugabo muri uwo mwaka nyene, amahera yakoreshejwe mu vya gisirikare bigereranywa ko yashitse ku madolari imiliyaridi 700 (nk’amarundi arenga gatoyi 700.000.000.000.000)! Ikibabaje, muri iyi si irangwamwo amacakubiri, ni ingorane nkeya zishobora gutuma amahanga yose afatana mu nda ku bw’ineza ya bose.
Naho nyene abajejwe ivy’amagara baba bafise imigabo myiza gute, basanga hari ivyo badashoboye mu vyo kurwanya indwara zandukira. Intwaro zoshobora kudatanga amahera akenewe. Imikorobi isigaye irinda imiti myinshi, kandi abantu hari aho usanga babandanya kubaho mu buryo butuma birushiriza kworoha ko bandura. Vyongeye, ingorane usanga zigize ndanse mu karere kanaka nk’akarorero ubukene, intambara be n’inzara, ziracira inzira imigera igashobora gutera indwara abantu amamiliyoni n’amamiliyoni.
Ukuntu Imana yitwararika amagara yacu
Hariho umuti. Turafise ikimenyamenya gitomoye c’uko Yehova Imana yitwararika cane amagara y’abantu. Abasoda b’umubiri wacu ni ikimenyamenya gikomeye c’ubwo bwitwararitsi. Amabwirizwa menshi Yehova yahaye Isirayeli ya kera yarerekanye icipfuzo afise co kubakingira indwara zandukiraa.
Yezu Kirisitu, uwugaragaza kamere za Se wiwe wo mw’ijuru, na we nyene arumvira ikigongwe abarwaye. Inkuru ya Mariko iravuga ivy’igihe Yezu yahura n’umugabo yari arwaye imibembe. Nya munyamibembe yavuze ati: “Ukunze, woshobora kumpumanura”. Yezu vyaramuteye akagongwe cane igihe yabona umubabaro be n’ugucumukura uwo mugabo yariko arihanganira. Yezu yishuye ati: “Ndakunze, humanuka”!—Mariko 1:40, 41.
Ugukiza kwa Yezu ku gitangaro ntikwagarukira gusa ku bantu bakeya. Umwanditsi w’Injili Matayo yanditse yuko Yezu “[y]agendagenda i Galilaya hose, yigisha . . . , ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu” (Matayo 4:23, ni twe tubihiritse.). Ugukiza kwiwe ntikwafashije abarwayi b’i Yudaya n’i Galilaya gusa. Ukwo gukiza kuraduha imponjo y’ukungene ubwoko bwose bw’indwara impera n’imperuka buzozimangana igihe Ubwami bw’Imana, bumwe Yezu yamamaza, buzotwara abantu ata n’umwe aburwanya.
Amagara meza ku bantu bose si indoto
Bibiliya iradukura amazinda yuko amagara meza ku bantu bose atari indoto. Intumwa Yohani yarabonye imbere y’igihe igihe ‘ihema ry’Imana ryobaye kumwe n’abantu’. Bitumwe n’ico kintu kizoba cakozwe n’Imana, “urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”. Ivyo vyoba ari vyiza birengeje ku buryo bigoye kuvyemera? Mu murongo ukurikira, Imana ubwayo ivuga iti: “Ayo majambo [ni] ayo kwizerwa n’ay’ukuri”.—Ivyahishuriwe 21:3-5.
Birumvikana yuko kugira ngo indwara zikurweho ari ngombwa kubanza gukuraho ubukene, amapfa n’intambara, kubera yuko ivyo vyago akenshi bijana n’imikorobi itera indwara. Ni co gituma ico gikorwa amahero Yehova yagishinze Ubwami bwiwe, na bwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru iri mu minwe ya Kirisitu. Mu kwishura amasengesho amamiliyoni n’ayandi aturanwa ubwira, iyo ntwaro izoza, kandi izokwitwararika ivy’uko ukugomba kw’Imana gukorwa kw’isi.—Matayo 6:9, 10.
None twokwitega yuko Ubwami bw’Imana buzoza ryari? Igihe Yezu yariko yishura ico kibazo, yarabuye yuko ababa kw’isi bobonye ibintu vyogiye biraba bikurikirana, bikaba vyotanze ikimenyetso cerekana yuko Ubwami bwimirije kugira ico bukoze. Yavuze yuko kimwe muri ivyo bintu cobaye ukwaduka ‘kw’ibiza hirya no hino’ (Luka 21:10, 11; Matayo 24:3, 7). Ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe ku ‘biza’ ryerekeza ku “ndwara iyo ari yo yose yica kandi yandukira”. Ikinjana ca 20 cariboneye vy’ukuri ukwaduka guteye ubwoba kw’ibiza, naho habaye amaterambere menshi mu vy’ubuvuzi.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abapfuye bivuye ku ndwara z’ibiza kuva mu 1914”.
Hari ubuhanuzi bwo mu gitabu c’Ivyahishuriwe, buhuye n’amajambo ya Yezu yo mu Njili, budondora abagendera ku mafarasi benshi bakurikira Yezu Kirisitu igihe ahabwa ububasha mw’ijuru. Uwugendera kw’ifarasi agira kane ari kw’ “ifarasi ibenjutse”, akaba kandi agenda arasiga “akaranda” canke ikiza cica aho aciye (Ivyahishuriwe 6:2, 4, 5, 8, UB). Wihweje abishwe na zimwezimwe mu ndwara nyamukuru zandukira kuva mu 1914, uca ubona yuko uwo muntu agendera kw’ifarasi w’ikigereranyo akokeye. Ukuba isi iyo iva ikagera iriko irakubitwa n’ “akaranda” canke ikiza cica biratanga ikindi kimenyamenya c’uko Ubwami bw’Imana buri hafib.—Mariko 13:29.
Naho ubuhinga mu vy’ubuvuzi bwashoboye kurwanya mu myaka mirongo gusa ikwiragira ry’indwara zandukira, hariho izindi ndwara zitanguye kutumerera nabi. Biratomoye rero yuko dukeneye ubushobozi buruta ubw’umuntu kugira ngo butorere umuti iyo ngorane rimwe rizima. Ivyo ni vyo nyene Umuremyi wacu adusezeranira. Umumenyeshakazoza Yesaya aradukura amazinda yuko mu gihe c’Ubwami bw’Imana, “uwaho [ata]zovuga, ati Ndarwaye”. Vyongeye, “urupfu [Imana i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose” (Yesaya 25:8; 33:22, 24). Ico gihe nicashika, indwara zizoba zitsinzwe rimwe rizima.
[Utujambo tw’epfo]
a Ivyagezwe vya Musa vyarimwo inyobozo zijanye no guta umwanda, isuku, amagara be n’ikumirwa ry’abarwaye indwara zandukira. Dogoteri. H. O. Philips yavuze yuko “ibintu vy’ishimikiro bijanye n’irondoka, ubuhinga bwo gutora indwara, ukuvura indwara be n’ibikorwa bijanye no kwikingira indwara nk’uko bitangwa muri Bibiliya, biteye imbere kuruta za nyigisho za Hippocrate kandi ko vyokwizigirwa rwose kuziruta”.
b Ku vyerekeye umwihwezo w’ibindi bimenyetso vyemeza yuko Ubwami bw’Imana buri hafi, raba ikigabane ca 11 c’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro ku rup. 12]
Abapfuye bivuye ku ndwara z’ibiza kuva mu 1914
Ibiharuro bikurikira ni ivyo bagereranije gusa. Ariko rero, birerekana urugero indwara z’ibiza zashikanyeko mu gutikiza abantu kuva mu 1914.
◼ Indwara y’ibihara (abantu bari hagati y’imiliyoni 300 n’imiliyoni 500) Nta muti ruhasha w’ibihara wigeze utorwa. Porogarama yo gucandaga abantu ikivunga kw’isi yose ni yo yahavuye ihagarika iyo ndwara mu 1980.
◼ Igituntu (abantu bari hagati y’imiliyoni 100 n’imiliyoni 150) Muri iki gihe igituntu cica abantu nk’imiliyoni zibiri ku mwaka ku mwaka, kandi umuntu 1 kuri 3 kw’isi usanga afise umugera w’igituntu.
◼ Malariya (abantu bari hagati y’imiliyoni 80 n’imiliyoni 120) Mu gice ca mbere c’ikinjana ca 20, abishwe na malariya bagumye bashika nko ku miliyoni zibiri ku mwaka ku mwaka. Igitigiri kinini c’abapfa ubu tugisanga muri Afirika mu gice co mu Bumanuko bwa Sahara, aho malariya yica abantu barenga umuliyoni umwe uko umwaka utashe.
◼ Ya nyonko yitwa inyonko yo muri Esupanye (abantu bari hagati y’imiliyoni 20 n’imiliyoni 30) Abatohozakahise bamwebamwe bavuga yuko hapfuye abaruta abo. Ico kiza ruhonyanganda carabiciye biracika kw’isi mu 1918 no mu 1919, intambara ya mbere y’isi yose ikimara kurangira. “Mbere na ca kiza ciswe peste bubonique nticishe abantu benshi mu gihe gito nk’ico”. Ivyo bivugwa mu gitabu Umuntu be n’imikorobi.—Mu congereza.
◼ Tifunsi (abantu nk’imiliyoni 20) Ibiza vya tifunsi akenshi bikurikira intambara, intambara ya mbere y’isi ikaba yaratumye haba ikiza ca tifunsi cabiciye bigacika mu bihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko.
◼ SIDA (imiliyoni zirenga 20) Ico kiza ruhonyanganda ubu cica abantu bashika ku miliyoni zitatu ku mwaka ku mwaka. Ibitigiri vyo kugereranya bitangwa n’umugambi w’Ishirahamwe mpuzamakungu wishinze kurwanya ikiza ca SIDA, vyerekana yuko “abantu nibatikingira ico kiza bimwe bikomeye kandi ngo bongereze utwigoro two kukivura, abantu imiliyoni 68 bazopfa . . . hagati y’umwaka wa 2000 na 2020”.
[Ifoto ku rup. 11]
Igihe Ubwami bw’Imana buzoba butwara, indwara nk’izo ntizizoba zikigeramira abantu
SIDA
Malariya
Igituntu
[Abo dukesha ifoto]
SIDA: CDC; malariya: CDC/Dr. Melvin; TB: © 2003 Dennis Kunkel Microscopy, Inc.
[Ifoto ku rup. 13]
Yezu yarakiza ubwoko bwose bw’indwara n’ubumuga