ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/12 rup. 15
  • Impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ijisho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ijisho
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nugume uremuruye ijisho ryawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Twitwararike abo tuyaga—Mu kurabana na bo mu buryo ngirakamaro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ijisho ryawe ryoba riremuruye?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Be maso!—2012
g 4/12 rup. 15

Impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ijisho

● Ijisho ry’umuntu, uretse ko ari akaroruhore, rirafise n’ubushobozi budasanzwe. Igitabu kimwe (Visual Impact, Visual Teaching) kivuga yuko “ibice mirongo ine kw’ijana vy’udutsi nsozabwenge twose dukorana n’ubwonko dufashe ku gahimba k’ijisho kitwa rétine,” kano kakaba ari akantu kameze nk’agashato k’intimbatimba ntoyi cane kandi kagizwe n’utuntu twinshi kari imbere mu jisho.

Birabereye kuba Yezu Kristu yavuze ko ijisho ari “itara ry’umubiri.” Mu gusigura ico yashaka kuvuga, yabandanije ati: “Nimba . . . ijisho ryawe riremuruye [ni ukuvuga ritarimwo uburyarya, riraba iciza gusa], umubiri wawe wose uzokayangana; mugabo nimba ijisho ryawe ari ribi, umubiri wawe wose uzocura umwiza.” (Matayo 6:​22, 23) Mu gukoresha ayo majambo, Yezu yariko aratwibutsa ubushobozi ijisho ry’ikigereranyo rifise bwo kugira ico rikoze ku vyiyumviro vyacu, ku nyiyumvo zaco no ku vyo dukora. Ivyiyumviro vyiza biramurikira ubuzima bw’umuntu, ivyiyumviro bibi na vyo bikabushira mu mwiza.

Nk’akarorero, rimbura amajambo ya Yezu ari muri Matayo 5:​28, 29 agira ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe. Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe [mu buryo bw’ikigereranyo].” None yashaka kuvuga iki? Ijisho rikebaguzwa rirashobora gutuma umuntu agira ivyipfuzo bibi ku buryo aronse akaryo yoshobora gukora ivy’ubushegabo maze ntabe agitoneshwa n’Imana.​—⁠Yakobo 1:14, 15.

Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza twigumije, naho nyene kubigira bigoye cokimwe no kunogora ijisho! Mbega nyene vyoba bibereye ko duheba ubuzima budahera tubukavye ukuryoherwa kw’akanya gato gusa?

Ivyo turaba birashobora kandi gutuma tugira umwina. Ni co gituma Bibiliya itugabisha yuko “icipfuzo [kirangwa ubwikunzi] c’amaso . . . kidakomoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi. Ikigeretseko, isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”​—⁠1 Yohani 2:​16, 17.

Bibiliya yoba irenza urugero? Habe namba! Igihe twirengagije ingingo mfatirwako ziri muri yo tuba twikwegeye ingorane n’ukubura agahimbare. (Abagalatiya 6:​7, 8) Igihe dukurikije Ijambo ry’Imana, harimwo n’impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ijisho ryacu ry’ikigereranyo, tuba tubivye agahimbare. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya.” (Luka 11:​28) N’ikindi kandi, barafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera, mu gihe abatsimbataza ijisho ry’ubuhumbu canke ry’umwina babura agahimbare n’ubuzima.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika