Vyoba vyariyadukije?
Ukuntu amafi agendera mu mugwi
● Buri mwaka, amasanganya y’imiduga ahitana abantu barenga umuliyoni, agakomeretsa abantu hafi imiliyoni 50. Ariko amafi amamiliyoni arashobora kwoga agendera mu mugwi umwe kandi ntagongane. None amafi abishobora gute, kandi ni igiki ashobora kutwigisha ku bijanye no kugabanya amasanganya y’imiduga?
Rimbura iki kintu: Kugira ngo ifi iriko igendera mu mugwi imenye ibiri irya n’ino yayo, ikoresha amaso yayo be n’agahimba kadasanzwe kari mu mbavu kameze nk’umurongo. Irakoresha amaso n’ako gahimba kugira ngo imenye aho ayandi mafi biri kumwe mu mugwi ari, maze igaca yiyunguruza mu buryo bukurikira:
1: Kugenda abangikanye. Ifi ica igendera ku muvuduko w’iyindi fi bibangikanye kandi ikagenda ku buryo ikirere kiyitandukanya n’iyindi kiguma ari ca kindi nyene.
2: Kwegerana. Ifi ica yegera amafi aba ari kure yayo.
3: Kwirinda kugongana. Ifi ica ihindura inzira kugira ntigongane n’iyindi.
Ishirahamwe rimwe rihingura imiduga ryo mu Buyapani, ryisunze ivyo bintu bitatu amafi agira, ryarahinguye utuduga dutoduto twigendesha dushobora kugendera mu mugwi umwe kandi ntitugongane. Mu gishingo c’amaso, utwo tuduga dukoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru; mu gishingo ca ka gahimba ko mu mbavu, nya tuduga dukoresha akuma karekura umuco witwa laser gafasha guharūra ikirere kiri hagati y’akaduga n’akandi. Iryo shirahamwe ribona yuko ubwo buhinga buzobafasha guhingura imiduga “idashobora kugongana n’iyindi” gutyo “bitume abantu banyonga imiduga ku buryo batonona ibidukikije canke ngo habe umurundano w’imiduga mw’ibarabara.”
Uwitwa Toshiyuki Andou, uno akaba ari we muhinga mukuru mu bijanye n’umugambi wo guhingura utwo tuduga, avuga ati: “Mu vyo twakoze, twariganye ibigirwa n’ikigwi c’amafi agendera hamwe dukoresheje ubuhinga bushasha bwa elegitoronike.” Avuga kandi ati: “Naho tubayeho mw’isi iteye imbere mu bijanye n’ivyuma bigendeshwa n’imoteri, hariho ibintu vyinshi twigira ku kigwi c’amafi agendera hamwe.”
None uvyibazako iki? Uravye ukwo kuntu amafi agendera mu mugwi, vyoba ari ibintu vyiyadukije? Canke ni ikintu cakozwe ku buhinga?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 19]
Amafi: © Ralf Kiefner/age fotostock