ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/12 rup. 20-21
  • Vyoba bikenewe ko uba uri mw’idini kanaka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyoba bikenewe ko uba uri mw’idini kanaka?
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abagenzi b’Imana bo mu bihe vya kera
  • Ivyiza biva ku gusenga Imana wifatanije n’ishengero
  • Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Idini
    Be maso!—2014
  • Ugusenga kwokubera kwiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Be maso!—2012
g 9/12 rup. 20-21

Twisunze Bibiliya

Vyoba bikenewe ko uba uri mw’idini kanaka?

NIMBA waravunywe umutima n’idini kanaka canke ukaba ubona ko ata co rimaze, nturi wenyene. Nkako, igitigiri c’abahitamwo kutifatanya n’idini kanaka kiriko kirongerekana ningoga.

Bamwe barahevye amadini kubera yuko babona ko atuma abantu baba indyarya n’abinuba abandi. Abandi babona ko bigoye cane gukurikiza uburyo bunaka bwo gusenga. Abandi na bo babona ko idini ata kindi riri atari ico twokwita umuhuza adakenewe hagati y’Imana n’abasavyi bayo. Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’idini?

Abagenzi b’Imana bo mu bihe vya kera

Bibiliya iravuga mu buryo butomoye ibijanye n’ugusenga kwagirwa na ba sekuruza b’imiryango ba kera, nka Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Nk’akarorero, Imana yarigeze kuvuga iti: “Na[ra]menyanye na [Aburahamu] kugira ategeke abahungu biwe n’urugo rwiwe mu nyuma ziwe, ku buryo bazogumya inzira ya Yehova kugira bashitse ubugororotsi n’ubutungane.” (Itanguriro 18:19) Aburahamu yari umugenzi w’Imana, gutyo akaba yari afitaniye ubucuti n’Umuremyi ku giti ciwe. Mugabo kandi yasenga Imana ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe. Muri ubwo buryo nyene, hariho abandi ba sekuruza b’imiryango bari abagenzi b’Imana, bakaba bayisenga bifatanije n’abandi, akenshi bano bakaba bari abagize imiryango yabo, incuti zabo hamwe n’abasuku babo.

Mu nyuma, Imana yarasavye Abisirayeli ba kera, be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere babayeho inyuma y’aho, gukoranira hamwe kugira ngo bayisenge. (Abalewi 23:2, 4; Abaheburayo 10:24, 25) Muri ivyo biringo vy’ugusenga gutunganijwe, harabamwo ivyo kuririmba, gusoma Ivyanditswe no guserukira abandi mw’isengesho. (Nehemiya 8:1-8; Abakolosayi 3:16) Ivyanditswe vyarategeka kandi yuko umugwi w’abagabo bakwije ibisabwa uyobora ishengero mu bijanye n’ugusenga.—1 Timoteyo 3:1-10.

Ivyiza biva ku gusenga Imana wifatanije n’ishengero

Dufatiye kuri ubwo burorero bwo mu Vyanditswe, ntitwoba twihenze tuvuze yuko no muri iki gihe Imana yokwitega ko abagenzi bayo bayisenga mu buryo butunganijwe. Vyongeye, hariho ivyiza umuntu akura ku gusenga Imana yifatanije n’ishengero.

Nk’akarorero, Ivyanditswe bigereranya umusavyi w’Imana w’ukuri n’umuntu ariko araca mu nzira ipfunganye, ahandi na ho bikamugereranya n’umwirutsi ari mw’isiganwa. (Matayo 7:14; 1 Abakorinto 9:24-27) Igihe umwirutsi ariko ariruka mw’isiganwa rirerire rigoye kandi aca ahantu hagoye, yoshobora kuruha bitagoranye, amaherezo agaheba. Ariko rero, akenshi arashobora kwihata agakora ivyo ataziga mu gihe aremeshejwe n’abandi. Muri ubwo buryo nyene, umuntu yipfuza gusenga Imana mu buryo bubereye arashobora kuguma afitaniye na yo ubucuti bwiza naho yoba ari mu ngorane, mu gihe aremeshejwe n’abandi basavyi b’Imana.

Ivyo biradufasha gutahura ibivugwa mu Baheburayo 10:24, 25, ahagira hati: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.” Nkako, Ivyanditswe bivuga ko abasavyi b’Imana b’ukuri boyisenze ari abavukanyi bunze ubumwe, bagize umubiri w’ikigereranyo.

Bibiliya ivuga ko uwo mubiri, ari ryo shengero, wunze ubumwe biciye ku mugozi w’urukundo n’amahoro. Nk’akarorero, mu Banyefeso 4:2, 3 hahanura abasavyi b’Imana b’ukuri gukora ibintu ‘bari n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya, bihanganirana mu rukundo, bihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.’ Wumva none woshobora gukurikiza iyo mpanuro mu gihe wosenga Imana uri ukwawe, witandukanije n’abandi basavyi bayo?

Imana igomba ko abayisenga b’ukuri baba umuryango w’abasangiye ukwizera ufatanye mu nda, aho kuba ishirahamwe rigizwe n’abantu bakunda Imana mugabo bayisenga umwumwe wese ku giti ciwe. Bibiliya iremesha abasavyi b’Imana kuvuga rumwe, kwirinda ukwicamwo ibice no kuba “abunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe.” (1 Abakorinto 1:10) Ayo majambo nta co yoba avuze mu gihe Imana yoba yipfuza ko abantu bayisenga umwumwe wese ku giti ciwe.

Biragaragara ko ibimenyamenya vyo muri Bibiliya vyerekana ko ugusenga gutunganijwe ari kwo kwemerwa n’Imana. Vyongeye, idini ritunganijwe rivugwa mu Vyanditswe, iryo Imana ishigikira, rirashobora kugufasha kuronka ivyo ukeneye mu vy’Imana.—Matayo 5:3.

Ni ivy’ukuri ko amadini menshi yo muri iki gihe yagirwa n’uburyarya be n’ayandi mabi adaharurika. Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko ukwiye kwiyamiriza amadini yose. Kw’isi hategerezwa kuba hariho idini kanaka ritunganijwe kubwo kugaragariza urukundo abantu bose, ni ukuvuga idini ritunganijwe kubwo kwigisha abandi ibijanye n’ingingo ngenderwako z’Imana zigenga ikibereye n’ikitabereye. Iryo dini rirashobora kugufasha kugira ukwizera nyakuri. Bibiliya irerekana ibintu vya nkenerwa vyogufasha kumenya ugusenga kwemerwa n’Imana ukwo ari kwo.

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

  • Muri Bibiliya hoba harimwo icitegererezo idini ritunganijwe ryisunga?—Abalewi 23:2, 4.

  • Kimwe mu bintu bihambaye twungukira ku gusenga Imana twifatanije n’ishengero ni ikihe?—Abaheburayo 10:24, 25.

  • Ni umugozi wunga ubumwe uwuhe utuma abantu baja hamwe mu gusenga gutunganijwe?—Abanyefeso 4:2, 3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika