ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/12 rup. 25-26
  • Kuvura hadakoreshejwe amaraso

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuvura hadakoreshejwe amaraso
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki mutemera guterwa amaraso?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Uburyo burushirije kuba bwiza bwo kuvurwa ni ubuhe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Woba uzi uburyo wohitamwo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Woba uzi uburyo wohitamwo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Be maso!—2012
g 9/12 rup. 25-26

Kuvura hadakoreshejwe amaraso

ABAHINGA karuhariwe bava mu bihugu birenga 40 barakoraniye i Moscou ku wa 20 gushika ku wa 22 Rusama 2011, ku bwa yubile igira 60 y’Inama mpuzamakungu y’ishirahamwe ry’Abanyaburaya ryitaho ibijanye no kubaga umutima n’imitsi. Umumenyeshamakuru umwe w’Umurusiya akora kuri televiziyo yavuze ati: “Ikiringo nk’ico kirahambaye cane ku baganga nka kurya inkino mpuzamakungu zihambaye ku banonotsi.”

Mu misi itatu yose iyo nama yamaze, abantu baguma baza kuraba ikibanza kimwe carimwo abatanga amakuru ajanye n’ukuvura hadakoreshejwe amaraso. Urwego rw’Ivyabona vya Yehova rutanga amakuru y’ivy’ubuvuzi ni rwo rwakorera muri ico kibanza. Abaganga baratoye ku bwinshi impapuro, ibitabu, utudisiki DVD be n’amakuru y’ivy’ubuvuzi ajanye n’ico ciyumviro gihambaye. Barasavye canecane ka kadisiki kariko videwo ivuga ngo “ Les alternatives à la transfusion : simples, sûres, efficaces ” (Uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso bworoshe, bwizigirwa kandi ngirakamaro).a

Abaganga benshi baje muri ico kibanza bariyemereye ko bikenewe kugabanya amaraso umurwayi atakaza igihe ariko arabagwa. Umuganga wo Butaliyano abaga umutima yashikirije ijambo muri iyo nama, yavuze ko amenyereye Ivyabona vya Yehova be n’uko amaze kubaga Ivyabona nka 70 bikagenda neza atarinze gukoresha amaraso. Yavuze kandi ko kubaga hadakoreshejwe amaraso ari ibisanzwe mu bitaro akoreramwo. Umwigisha wo muri kaminuza imwe yo mu Budagi (German Heart Institute Berlin) yaratoye ako kadisiki yongera agatorera uwundi bakorana. Yabwiye abari ng’aho ko yari aherutse kubaga uruyoya rupima ibilo 2 n’inusu adakoresheje amaraso be n’uko mu bitaro akoreramwo bamaze kubaga umutima inzoya zitanashikana ivyo bilo.

Haciye ukwezi iyo nama y’i Moscou ibaye, abaganga bo mu bihugu bitandukanye baritavye inama igira kane y’abahinga mu vyo gusinziriza n’abaganga bitwararika indembe yabereye i Belomorsk mu buraruko bushira uburengero bw’Uburusiya, mu gisagara ca Arkhangel’sk. Rwa rwego rutanga amakuru y’ivy’ubuvuzi ni ho rwari ruri, kandi n’ico gihe abantu bagumye baza aho rukorera. Aho umuganga umwe w’i Saint-Pétersbourg aboneye ivyo rwariko rurashikiriza, yavuze ati: “Emwe, ivyo ni vyo nyene dukeneye!” Yavuze ko bimubabaza kubona hari abo bakorana babandanya gutera amaraso abantu bahiye, bakabigira kubera akamenyero gusa. Yongeyeko n’akamwemwe ati: “Amakuru mutanga yoshobora kuzofasha cane mu nama ijanye n’ukuvura ubushe izobera i Saint-Pétersbourg.”

Hirya no hino kw’isi, abaganga benshi baguma babona ivyiza vyo kuvura no kubaga hadakoreshejwe amaraso. Nta wuzi ko hatazogera igihe ubwo buryo ugasanga ni bwo busigaye bukoreshwa hose.

[Akajambo k’epfo]

a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 25]

Urwego rw’Ivyabona vya Yehova rutanga amakuru y’ivy’ubuvuzi ni rwo rwakorera muri iki kibanza. Abaganga baratoye ku bwinshi impapuro, ibitabu, utudisiki DVD be n’amakuru y’ivy’ubuvuzi

[Ifoto ku rup. 26]

Kubaga hadakoreshejwe amaraso birashoboka igihe hakoreshejwe ubuhinga, ibikoresho be n’imiti bituma hadatakara amaraso menshi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika