ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/13 rup. 8-9
  • Impongo bihembe​—Igihangange co mw’ishamba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impongo bihembe​—Igihangange co mw’ishamba
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE IBAHO MU MBEHO Y’URUSHANA
  • NI IGIKOKO GIKUNDA GUKINA
  • Ibirimwo
    Be maso!—2013
  • Tuja mu gahinga amahero k’ibibarafu vyera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Hahirwa uwo Imana yiwe ari yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Be maso!—2013
g 3/13 rup. 8-9

IBIKOKO

Impongo bihembe​—Igihangange co mw’ishamba

“IMPONGO bihembe isa nabi rwose ku buryo itaryoshe kuraba. Kubera iki usanga itaramutse gutyo ku maguru yayo y’imbere? Kubera iki ifise umutwe muremure ukuraho?” Ayo majambo yanditswe n’umwanditsi umwe wo mu kinjana ca 19 yitwa Henry David Thoreau, kandi si we wenyene yadondoye gutyo iyo mpongo. Kubera ko iyo mpongo itwengeje uravye ukuntu isa, ikaba kandi idakunda kwibonekeza mw’ishamba, hari abiyumvira yuko ico gikoko nyamwigendako gitambuka nabi, kikagira n’ubwenge buke. Ivyo none vyoba ari vyo? Abashakashatsi bo muri Amerika ya Ruguru, i Buraya na Aziya barubuye ibintu bitari bike ku bijanye n’ico gikoko kidasanzwe.

Nta woharira yuko iyo mpongo bihembe ari gikoko gikomeye. Naho amaguru maremare yaco atuma kiboneka ukuntu, kirashobora kuyakoresha mu kwivuna igitero c’amabingira. Iyo mpongo yiga kwoga imaze imisi mikeya ivutse, kandi hari abamaze kuyibona imara ibilometero n’ibilometero iriko iroga yongera yibira gushika ku metero 6 irondera ivyatsi vyo mu mazi yorya!

IVYAYO MURI MAKE

  • Ubwoko: Igikoko consa

  • Ivyo irya: Udushami tw’ibiti, amababi, n’ibimera vyo mu mazi

  • Ubunyarutsi: Irashobora kwiruka gushika ku bilometero 55 kw’isaha

  • Igihagararo: Kuva ku metero 1,5 gushika kuri 2 uhereye ku binono gushika ku bitugu

  • Uburemere: Irashobora gupima ibilo bishika ku 816

Impongo bihembe irashobora guhindukiza amaso igahakwa kubona ikintu gikakaje neza na neza inyuma yayo itiriwe irahindukiza umutwe. Amazuru yayo na yo nyene arayifasha cane. Abashakashatsi berekana yuko kuba imyenge y’amazuru yayo iri kure na kure bishobora kuba bituma igira ubushobozi budasanzwe bwo kumenya aho ikintu kanaka kiri ata kwihenda. N’amatwi yayo ni igitangaza. Irashobora kuyarabisha aho yipfuza hose, kandi irashobora kwumva amajwi y’izindi mpongo ziri ku bilometero 3!

Ivyana vy’iyo mpongo, ibifise “ubwiza butwengeje” nk’uko umwanditsi umwe yabivuze, usanga bishashaye kumenya ibintu kandi bikabaho ata co vyinona. Impongokazi z’ubwo bwoko zirakingira ivyana vyazo mu kuvyitwararikana ikibabarwe zidahengeshanya. Izo mpongokazi zirivuna ico cose kirondera kwica ivyana vyazo, ushizemwo n’amabingira, igikoko citwa idubu, eka mbere n’abantu. Iyo rero icana c’iyo mpongokazi gifise nk’umwaka umwe, na yo ikaba ifise amezi, ica icirukana yaratse kugira ngo cige kwironderera.

INGENE IBAHO MU MBEHO Y’URUSHANA

None ko impongo bihembe zirya gusa ibimera, zibaho gute mu gihe c’imbeho ikaze yo mu rushana mu bihugu vya Buraya, Aziya na Amerika? Kimwe mu bizifasha kubaho ni ukurya vyinshi mu gihe c’ubushuhe. Izo mpongo usanga ku musi zishobora kurya gushika ku bilo 23 vy’ibimera, vyaba ibiri hejuru ku metero 3 canke epfo mu mazi. Kugira zungukire cane ku vyo zirya, umushishito wazo ufise ivyumba bine urabisya, ukabikuramwo ingaburo zikenewe, ibinure na vyo bigaca vyibika mu mubiri. Ariko rero izo mpongo ziragira izindi ngorane mu gihe c’imbeho ikaze yo mu rushana.

Imbeho ikaze be n’urubura rw’ifu rukoragurika mu gihe c’urwo rushana birabangamira cane iyo mpongo bihembe. Muri ico kiringo, usanga iyo mpongo ikunda kwigumira hamwe, ikagendagenda gake gashoboka kugira izigame ubushuhe ikesha ivyoya vyayo biyifasha muri ico kiringo. Mu gihe c’urubura rw’ifu, birayigora cane guhunga amabingira. Ariko kenshi, ikiyigeramira rwose ni abantu, na canecane abayihiga be n’abagendesha imiduga.

Mu bihugu vyo mu buraruko bwa Buraya, Aziya na Amerika, usanga iyo mpongo ikunda ivyunyunyu ikura mu myunyu bashira mu mabarabara menshi makurumakuru kugira batume rwa rubura rw’ifu runyaruka gushonga. Ariko rero, kubera ko ubwoya bw’iyo mpongo bwirabura, ikaba kandi ikunda kujabuka amabarabara izuba rimaze kurenga, biragora abashoferi kuyibona imbere y’igihe kugira ngo ntibayigonge. Ivyo biramaze gutuma abantu be n’izo mpongo bihasiga ubuzima.

NI IGIKOKO GIKUNDA GUKINA

Abantu baramaze kubona iyo mpongo bihembe iriko irakina isekagura imipfunda y’ibahari canke yiginagura mu mazi ashushe y’imbizi. Iyo mpongo be n’impongokazi yayo biragaragarizanya igishika mu gihe co kurinda no kwima, kandi uravye ukuntu impongokazi yitaho icana cayo idahengeshanya birakora ku mutima cane. Hariho mbere ivyana vy’iyo mpongo vyashoboye kwiyumvamwo abari babitunze nk’uko vyokwiyumvamwo nyina wavyo. Umuhinga mu vy’ibikoko yitwa Valerius Geist avuga ati: “Ico gikoko kidasanzwe kandi kidateye igomwe kirashobora gukerebuka, kugaragaza igishika, kandi kikaguma citwararika ivyana vyaco bimwe bidasanzwe.”

Ivyana vy’iyo mpongo usanga bishashaye kumenya ibintu kandi bikabaho ata co vyinona

Ariko rero uragaba: Iyo mpongo ni igikoko gikomeye cane co mw’ishamba. Niwahura na co, uze ucubahirize kandi wirinde kucegera cane. Birahambaye ko ugica kure canecane igihe ivyana vyaco biba biri mu micungararo. Ariko naho wocitegereza uri kure, ico womenya co ni uko utazobura kujorezwa n’ico gihangange co mw’ishamba.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika