INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO
Ni ibiki bitera umwitwarariko?
Ikigo c’ivy’ubuvuzi kizwi cane citwa Mayo Clinic kigira giti: “Abantu bakuze benshi bavuga ko bafise umwitwarariko urushiriza kwiyongera. Ubuzima bwa kino gihe bwuzuyemwo amahinduka be n’ibishika giturumbuka.” Raba amahinduka n’ibintu bimwebimwe bishobora gutuma umuntu agira umwitwarariko:
kwahukana
kubura uwawe
indwara ikomeye
amasanganya akomeye
ubugizi bwa nabi
ugucurumba muri vyinshi
ivyago vy’ivyaduka canke biterwa n’abantu
imikazo yo kw’ishure canke ku kazi
ingene woronka kandi ukagumana akazi gatunga umuryango