ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 1 rup. 4
  • Ni ibiki bitera umwitwarariko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki bitera umwitwarariko?
  • Be maso!—2020
  • Ivyo bijanye
  • Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Umwitwarariko ni iki?
    Be maso!—2020
  • Woba ufise umwitwarariko?
    Be maso!—2020
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 1 rup. 4

INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO

Ni ibiki bitera umwitwarariko?

Ikigo c’ivy’ubuvuzi kizwi cane citwa Mayo Clinic kigira giti: “Abantu bakuze benshi bavuga ko bafise umwitwarariko urushiriza kwiyongera. Ubuzima bwa kino gihe bwuzuyemwo amahinduka be n’ibishika giturumbuka.” Raba amahinduka n’ibintu bimwebimwe bishobora gutuma umuntu agira umwitwarariko:

  • kwahukana

  • kubura uwawe

  • indwara ikomeye

  • amasanganya akomeye

  • ubugizi bwa nabi

  • ugucurumba muri vyinshi

  • ivyago vy’ivyaduka canke biterwa n’abantu

  • imikazo yo kw’ishure canke ku kazi

  • ingene woronka kandi ukagumana akazi gatunga umuryango

GUTAKAZA AKAZI

Ishirahamwe rimwe ryo muri Amerika riraba ivy’inyifato rivuga ko “gutakaza akazi bituntuza cane, bikaba bituma abagatakaje barwara, bakagira ingorane mu mubano, amaganya, akabonge, mbere no kwiyahura bakiyahura. Gutakaza akazi bigira ingaruka ku mice yose y’ubuzima.”

UMWITWARARIKO MU BANA

Bisigaye ari ibisanzwe ko abana barengerwa n’umwitwarariko. Hari abatotezwa kw’ishure canke bagafatwa minenegwe muhira. Abandi barakubagurwa ku mubiri no mu vy’igitsina canke bakabarya umutima. Benshi bariganyira ku bijanye n’ibibazo be n’amanota kw’ishure, abandi na bo bagatuntuzwa no kubona abavyeyi babo bahukana. Abana baremerewe n’umwitwarariko barashobora kurota ibintu biteye ubwoba, bakagira akabonge, ingorane zo kwiga canke bakigunga. Hari abo bigora kuvyihanganira bagaca barengerwa. Umwana arengewe n’umwitwarariko ni uwo gufasha vyihutirwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika