ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 1 rup. 14-15
  • Ubuzima butarimwo imyitwarariko burashoboka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima butarimwo imyitwarariko burashoboka
  • Be maso!—2020
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2020
  • Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi”
    Be maso!—2019
  • Wokora iki ufise umwitwarariko?
    Be maso!—2020
  • Ubwami bw’Imana—Igituma Yezu abuha agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 1 rup. 14-15
Agahungu na se bariko barakina mu mipfunda y’ikiyaga, nyina n’udukobwa twiwe na bo bariko barabihweza bari ku nkengera.

INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO

Ubuzima butarimwo imyitwarariko burashoboka

Ivyo Bibiliya yigisha birashobora kudufasha kwirinda kurengerwa n’imyitwarariko idakenewe. Twebwe ubwacu ntidushobora gukuraho ibintu vyose bidutesha umutwe. Ariko Umuremyi wacu we arabishoboye. Yaragenye mbere uwuzodutabara, akaba ari Yezu Kristu. Vuba Yezu agiye gukora ibintu vyinshi vy’agatangaza kw’isi yose kuruta ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. Nk’akarorero:

YEZU AZOKIZA ABARWAYE, NK’UKO NYENE YABIGIZE.

“Bamuzanira abamerewe nabi bose, barembejwe n’indwara be n’imibabaro bitari bimwe, . . . na we arabakiza.”​—MATAYO 4:24.

YEZU AZORONSA ABANTU BOSE UBURARO N’IBIFUNGURWA.

“Emwe, [abatwarwa ba Kristu] bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye.”​—YESAYA 65:21, 22.

UBUTEGETSI BWA YEZU BUZOZANA AMAHORO N’UMUTEKANO KW’ISI YOSE.

“Mu misi yiwe umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho. Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva kuri rwa Ruzi gushika ku mpera z’isi. . . . Abansi biwe bazorigata umukungugu.”​—ZABURI 72:7-9.

YEZU AZOKURAHO AKARENGANYO.

“Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”​—ZABURI 72:13, 14.

YEZU AZOKURAHO IMIBABARO N’URUPFU.

“Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—IVYAHISHUWE 21:4.

“IBIHE BITOROSHE KANDI BIGOYE KWIHANGANIRA”

“Muri iki gihe isi yuzuyemwo umwitwarariko, ifise ubwoba kandi iri mu mubabaro kuruta uko vyigeze kubaho.”​—Vyavuzwe na Mohamed S. Younis, umwe mu bayoboye ishirahamwe Gallup.

Kubera iki abantu benshi usanga bafise umwitwarariko? Bibiliya iratanga imvo yumvikana cane. Muri 2 Timoteyo 3:1 hagira hati: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Bibiliya ica yerekana ko ivyo biva ku ngeso mbi abantu bafise. Muri izo ngeso harimwo umwina, ubwibone, uburyarya bwo mu madini, agatima k’ubukazi, kudakunda abo mu muryango no kutagira ukwigumya. (2 Timoteyo 3:2-5) Imisi ya nyuma izohera Yezu Kristu, we Mwami w’Ubwami bw’Imana niyategeka isi yose. Ubwo Bwami ni intwaro yo mw’ijuru.​—Daniyeli 2:44.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika