ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 1 rup. 12-15
  • Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi”
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBWAMI BW’IMANA BUZOZA RYARI?
  • UBWAMI BW’IMANA BUZOTANGURA KUGANZA ISI GUTE?
  • WOKWUNGUKIRA GUTE KU NTWARO Y’UBWAMI BW’IMANA?
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubwami “Butazokwigera Buhangūra”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 1 rup. 12-15
Abantu bariko bararyoherwa mw’Iparadizo

INGENE URWO RUGAMBA RUZORANGIRA

Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi”

Vuba bwa Bwami bw’Imana tumaze igihe turindiriye, ni ukuvuga intwaro yashinzwe n’Imana izoba iganza isi yose, bugiye kuzana ubumwe n’amahoro kuri bose. Muri Zaburi 72:7 hasezerana ko “hazobaho amahoro menshi.” None ubwo Bwami buzotangura kuganza isi yose ryari? Buzobigenza gute? Kandi wokwungukira gute ku ntwaro yabwo?

UBWAMI BW’IMANA BUZOZA RYARI?

Bibiliya yari yaravuze ibintu bidasanzwe vyokwerekanye ko Ubwami bw’Imana buri hafi. Ivyo bintu bigize “ikimenyetso” kigizwe n’ibintu vyinshi. Muri ivyo harimwo intambara zobaye hirya no hino kw’isi, amapfa, indwara, vya nyamugigima, hamwe n’ukwongerekana kw’ubugarariji.​—Matayo 24:3, 7, 12; Luka 21:11; Ivyahishuwe 6:2-8.

Bibiliya yari yaravuze n’ibindi bintu vyobaye. Igira iti: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, . . . abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” (2 Timoteyo 3:1-4) Kuva kera hamye hari abantu bafise izo ngeso ku rugero kanaka. Ariko ubu ibintu vyarunyutse.

Ivyo bintu Bibiliya yari yaravuze vyatanguye kuranguka mu mwaka wa 1914. Nkako, abatohozakahise, abategetsi n’abanditsi baravuze ingene isi yahindutse cane inyuma y’uwo mwaka. Nk’akarorero, umutohozakahise wo muri Danemarke yitwa Peter Munch yanditse ati: “Intambara yadutse mu 1914 yarahinduye bimwe bidasanzwe kahise k’abantu. Twavuye mu kiringo ciza cane c’amaterambere, . . . duca twinjira mu gihe c’ivyago, ubwoba n’urwanko, igihe kirangwa n’umutekano muke mu mice yose.”

Ku rundi ruhande, ivyo bintu naho bibabaje ni integuza y’ivyiza. Vyerekana ko Ubwami bw’Imana bugiye kuganza isi yose. Nkako, muri ca kimenyetso cerekana ko iherezo ryegereje, Yezu yaravuzemwo ikintu ciza cobaye. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—Matayo 24:14.

Iyo nkuru nziza ni yo shimikiro ry’ubutumwa Ivyabona vya Yehova bigisha. Mbere ikinyamakuru basohora cane citwa Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova. Wama umenyesha ibintu vyiza igitangaza Ubwami bw’Imana buzokorera abantu hamwe n’isi.

UBWAMI BW’IMANA BUZOTANGURA KUGANZA ISI GUTE?

Inyishu ishingiye kuri ibi bintu bine bihambaye:

  1. Ubwo Bwami ntibuzokoresha indongozi mu vya politike z’iki gihe canke ngo buserukirwe na zo.

  2. Kubera ko indongozi mu vya politike zizoba zishaka kuguma ku butegetsi, zizogerageza kurwanya Ubwami bw’Imana.​—Zaburi 2:2-9.

  3. Bizoba ngombwa ko Ubwami bw’Imana bukuraho intwaro zose zishaka kuguma ziganza abantu. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 19:17-21) Iyo ntambara ya nyuma izoba ikwiye kw’isi yose yitwa Harumagedoni.​—Ivyahishuwe 16:14, 16.

  4. Abo bose bayoboka Ubwami bw’Imana n’umutima ukunze bazorokoka iyo ntambara ya Harumagedoni, binjire mw’isi nshasha y’amahoro. Bazoba bari mu mugwi w’abo Bibiliya yita “isinzi rinini,” bakaba baharurwa mu mamiliyoni.​—Ivyahishuwe 7:9, 10, 13, 14.

    UBWAMI BW’IMANA BUZOKORA IKI?

    Igihe Yezu yari kw’isi, yaraduhaye imponjo y’ivyo azokora igihe azoba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Yarakijije abarwaye n’abamugaye. (Matayo 4:23) Yaragaburiye abantu ibihumbi n’ibihumbi. (Mariko 6:35-44) Yarerekanye kandi ko afise ububasha ku bidukikije.​—Mariko 4:37-41.

    Yezu ariko arigisha abantu baje kumuraba

    N’ikiruta vyose, Yezu yarigishije abantu ingene bobana mu bumwe n’amahoro. Abantu bose bashira mu ngiro inyigisho ziwe bicishije bugufi, baragaragaza imico izotuma babaho bahimbawe ibihe bidahera ku ngoma y’Ubwami bwiwe. Nta wundi mwigisha yoshika ku bintu nk’ivyo. Uburorero bumwebumwe bw’ivyo Yezu yigishije, tubusanga muri ya Nsiguro yo ku Musozi iboneka muri Matayo ikigabane ca 5-7. Ubona gute uhasomye? Amajambo arimwo aroroshe ariko atekeye ivyigwa bihambaye cane, kandi arakora ku mutima vy’ukuri.

WOKWUNGUKIRA GUTE KU NTWARO Y’UBWAMI BW’IMANA?

Ikintu ca mbere umuntu yokora kugira abe umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, ni ukwiga Bibiliya. Nakare, Yezu yasenze Imana avuga ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Igihe abantu bamenye ko Yehova ari Imana ibaho, baravyungukirako mu buryo bwinshi. Raba uburorero bubiri gusa. Ubwa mbere, biratuma barushiriza kumwizera. Ukwo kwizera gushingiye ku bimenyamenya kurabereka neza ko Ubwami bw’Imana bubaho koko kandi ko buri hafi kuganza. (Abaheburayo 11:1) Ubwa kabiri, biratuma barushiriza gukunda Imana n’abantu. Urukundo bakunda Imana rutuma bayigamburukira n’umutima ukunze. Urukundo bakunda abandi na rwo ruratuma bashira mu ngiro amajambo ya Yezu agira ati: “Uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.”​—Luka 6:31.

Cokimwe n’umuvyeyi munyarukundo, Umuremyi wacu atwipfuriza ineza. Ashaka ko turonka ico Bibiliya yita “ubuzima nyakuri.” (1 Timoteyo 6:19) Ariko muri iki gihe, nta “buzima nyakuri” dufise. Abantu amamiliyoni babayeho mu buzima bugoye, kandi kugira baronke icorirenza ni urugamba rukomeye. Kugira umenye ingene ubwo “buzima nyakuri” buzoba bumeze, raba bimwebimwe mu bintu vyiza igitangaza Ubwami bw’Imana buzokorera abo butwara.

INGENE UBUZIMA NYAKURI BUZOBA BUMEZE

  • “Mu misi yiwe [igihe Kristu azoba ari Umwami] umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi . . . Azogira abatwarwa . . . gushika ku mpera z’isi.”​—Zaburi 72:7, 8, 13, 14.

  • “[Yehova Imana] ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura.”​—Zaburi 46:9.

  • “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”​—Zaburi 72:16.

  • “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; . . . bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. . . . Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”​—Yesaya 65:21, 22.

  • “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu . . . Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Abantu bariko bararyoherwa mw’Iparadizo

Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana abantu bazoba bafise umutekano be n’imfungurwa nyinshi

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

INYIGISHO ZA YEZU ZITUMA ABANTU BARONKA INGUVU ZO GUKORA IBIGOROROTSE. ABAZIKURIKIZA BOSE BITUMA BABA ABATWARWA B’INTWARO YIWE, BUNZE UBUMWE KANDI BABANA MU MAHORO

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika