ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 1 rup. 12-13
  • Inyigisho ituma tugira icizigiro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyigisho ituma tugira icizigiro
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana izokuraho ababisha
  • Imana izokuraho Shetani
  • Imana izokuraho indwara n’urupfu
  • Umuremyi wacu azotuma isi icika Iparadizo
  • Imana izozura abapfuye
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Urashobora Kuzogira Kazoza k’Ubuhirwe!
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 1 rup. 12-13

Inyigisho ituma tugira icizigiro

Imana isezerana ko vuba ibintu bizohinduka bikamera neza. Igiye gukuraho ingorane maze itume abantu baba kw’isi bahimbawe. (Zaburi 37:11) Kubera iki twokwizigira ivyo bintu isezerana? Ni kubera ko “Imana [atari] umuntu ngo ibeshe.” (Guharūra 23:19) Raba ivyiza bimwebimwe Umuremyi wacu azokora.

Imana izokuraho ababisha

“Iyo ababisha banaze nk’ivyatsi, n’abakora ibibabaza bose bagashurika, ni ukugira ngo bazimanganywe buhere.”​—ZABURI 92:7.

Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ubukozi bw’ikibi bubandanya kugwira. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Nakare Bibiliya yari yaravuze muri 2 Timoteyo 3:1-5 ko “mu misi ya nyuma” abantu bobaye babi bimwe bidasanzwe. None ni imisi ya nyuma y’iki? Ni imisi ya nyuma y’iyi si mbi igizwe n’abantu batagamburukira Imana. Vuba Imana izokuraho abantu bose badashaka guheba inyifato yabo mbi. Hazosigara gusa abantu beza, ni ukuvuga abantu bagamburukira Imana. “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

Imana izokuraho Shetani

“Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyora Shetani.”​—ABAROMA 16:20.

Ababisha nibakurwaho, na Shetani n’amadayimoni yiwe bakavaho, amahoro azoca asasagara mw’isi yose. Umuremyi wacu adusezeranira ati: “Nta n’umwe azobajugumiza.”​—Mika 4:4.

Imana izokuraho indwara n’urupfu

“Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu . . . Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—IVYAHISHUWE 21:3, 4.

Ingorane n’indwara bizohera kubera ko Imana izokuraho amabi yose twatejwe na Shetani, Adamu na Eva, hamwe n’umubiri wacu udatunganye. Ku bw’ivyo, mbere n’“urupfu ntiruzoba rukiriho.” Abantu bakunda Umuremyi wacu kandi bakamugamburukira bazoca biberaho ibihe bidahera. Ariko none bazoba hehe?

Umuremyi wacu azotuma isi icika Iparadizo

“Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”​—YESAYA 35:1.

Imana niyakuraho ababisha, isi izoca icika Iparadizo. Izoba yuzuyeko imirima n’amashamba bibereye ijisho, kandi izoba yimbuka cane. (Zaburi 72:16) Amabahari, ibiyaga n’inzuzi bizoba bisukuye kandi vyuzuyemwo ibinyabuzima. Mbere n’ivyo gutosekaza ibidukikije nta wuzokwibuka ko vyigeze kubaho. Umuntu wese azoba aba mu nzu yiyubakiye. Ntawuzosubira kubaho atagira aho aba, kandi nta nzara canke ubukene bizoba bikiriho.​—Yesaya 65:21, 22.

Imana izozura abapfuye

“Hagiye kubaho izuka.”​—IVYAKOZWE 24:15.

Woba woshima gusubira kubona abawe wabuze? Imana Mushoboravyose igiye kubazura, babe mw’isi y’iparadizo. Uzobamenya kandi na bo nyene bazokumenya. Iyumvire ukuntu mwese muzohimbarwa! None twokwemezwa n’iki ko ivyo bizoba koko? Tuvyemezwa n’uko Bibiliya irimwo uburorero bw’abato n’abakuze bazutse bagasubira kubonana n’imiryango yabo. Vyongeye, akenshi Yezu yazura abapfuye hari abantu benshi bavyitegereza.​—Luka 8:49-56; Yohani 11:11-14, 38-44.

Ubu ndahimbawe vy’ukuri

“Ndibuka umusi wa mbere numva ko hazobaho Iparadizo kw’isi, aho ata ngorane, indwara canke urupfu bizoba biriho. Muri jewe naritwengeye, nibwira nti: ‘Ivyo ntibishoboka.’ Ariko kwiga Bibiliya vyaratumye nizigira ico gitabu kidasanzwe hamwe n’ivyo kivuga ku bijanye na kazoza. Narajijutse ko Bibiliya iva ku Mana. Kera naguma mpagaritse umutima kandi nijiriwe mu maso. Ariko ubu ndahimbawe vy’ukuri. Mbere n’incuti n’abagenzi barabona ko hari icahindutse muri jewe.”​—Ravi.

Menya n’ibindi:

Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’umugambi Umuremyi afitiye abantu wo kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi, nuje kuri jw.org urabe ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA > UBUZIMA N’URUPFU.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika