Ikigabane ca 49
Urundi Rugendo i Galilaya rwo Kuja Kwigisha
INYUMA y’imyaka nk’ibiri Yezu amaze yigisha cane, yoba ubu aca atangura gutezura no kwiyicarira? Oya nyabuna, arâgura igikorwa ciwe co kwamamaza inkuru nziza mu gutangura urundi rugendo rugira gatatu i Galilaya. Aragendera ibisagara vyose n’ibigwati vyose vyo muri ako karere, yigisha mu masinagogi yongera yamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ivyo abona kuri urwo rugendo biza vyamushwirura kuruta ku vy’uko igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza gikeneye gukorwa cane.
Aho Yezu aja hose, arabona amasinzi y’abantu akeneye gukizwa no guhumurizwa mu vy’impwemu. Bameze nk’intama zitagira umwungere, zakokowe kandi zikirengagizwa, na we akabumvira ikigongwe. Abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”
Yezu ari n’urutonde rw’ivyo ategerezwa gukora. Atumako za ntumwa 12, abo haciye nk’umwaka atoranije. Abagabura babiribabiri, abacamwo imigwi itandatu y’abamamaji, hanyuma abaha amategeko. Asigura ati: “Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya. Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli. Uko mugenda kwose mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.”
Ubwo Bwami babwirizwa kwamamaza ni bumwe Yezu yabigisha gusaba muri rya sengesho ry’akarorero. Ubwo Bwami buri hafi mu buryo bw’uko Umwami yagenywe n’Imana, ari we Yezu Kirisitu, ari ho ari. Kugira abigishwa biwe bemerwe ko ari abaserukizi b’iyo ntwaro irengeye iz’abantu, Yezu abaha ubushobozi bw’ugukiza abarwaye no kuzura mbere abapfuye. Ivyo bikorwa bokoze abategeka kubirangura kuri gusa.
Ubukurikira abwira abigishwa biwe kutitegekanya ivy’umubiri mu rugendo bagiyemwo rwo kwamamaza inkuru nziza. “Ntimutekere izahabu cank’ifeza cank’amahera mu mipfuko yanyu cank’isaho y’impamba, kandi ntimujane amapfundo abiri, cank’inkweto cank’inkoni, kuk’umukozi akwiye [“imfungurwa ziwe,” NW].” Abashima ubwo butumwa bazobakira babaronse ivyo kurya n’indaro. Nk’uko Yezu abivuga: “Igisagara cose cank’imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye, mumurārire gushitsa aho muzovirayo.”
Yezu aca abaha amategeko ku kungene boganiriza abo bahasanze mu kubashikiriza ubutumwa bw’Ubwami. Abategeka ati: “Mucinjira mu nzu muyiramutse; nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako. Kand’umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.”
Ku vy’igisagara ciyamiriza ubutumwa bazanye, Yezu ahishura yuko kizocirwa urubanza rukomeye vy’ukuri. Asigura ati: “Ndababgire ukuri, ku musi w’amateka igihugu c’i Sodomu n’i Gomora kizogira agahengekezo kurusha nya gisagara.” Matayo 9:35–10:15; Mariko 6:6-12; Luka 9:1-5.
▪ Yezu yatanguye ryari urugendo rugira gatatu rwo kuja kwigisha i Galilaya, kandi rwamushwiruye ku biki?
▪ Igihe yarungika intumwa ziwe 12 ngo zigende kwamamaza inkuru nziza, yazihaye amategeko ayahe?
▪ Ni kuki bikwiriye yuko abo bigishwa bigisha yuko Ubwami buri hafi?