Ikigabane ca 51
Ubwicanyi ku Musi Mukuru w’Ukwibuka Ivuka
YEZU ahejeje guha amategeko intumwa ziwe, abarungika mu turere bakebewe ari babiribabiri. Kumbure abavukana Petero na Andereya barajana, nk’uko nyene Yakobo na Yohani bajanye, Filipo na Barutolomayo, Toma na Matayo, Yakobo na Tadeyo, Simoni be na Yuda Iskariyoti na bo barajana. Iyo migwi itandatu y’abamamaji b’Injili igizwe na babiribabiri iramenyesha inkuru nziza y’Ubwami kandi bagakiza abantu ku gitangaro aho bagiye hose.
Muri ico gihe, Yohani Umubatizi aracari mw’ibohero. Ubu amazeyo imyaka yababa ibiri. Uribuka ko Yohani yamenyesheje icese yuko vyari bibi ko Herode Antipa atwara Herodiya muka mwenewabo Filipo, akamugira umugore wiwe. Kubera ko Herode Antipa yavuga ko akurikiza Ivyagezwe vya Musa, Yohani yari yagize ibibereye mu gushira ku kabarore ukwo kurenga ibigo. Ni co catumye Herode atesha Yohani mu mvuto, kumbure ahimirijwe na Herodiya.
Herode Antipa arabona yuko Yohani ari umugabo w’intungane, kandi n’ukumwumviriza akaba amwumviriza n’akanyamuneza. Ivyo bituma aca abura ico yomugira. Mugabo Herodiya we aranka Yohani kandi akaguma arondera kumwicisha. Amaherezo, akaryo yarondera kaza kaboneka.
Hasigaye igihe gitoyi ngo Pasika yo mu 32 G.C. igere, Herode aringaniza umusi mukuru uhambaye wo kwibuka ivuka ryiwe. Abahakoraniye kuri uwo musi mukuru ni abakozi bakurubakuru bo kwa Herode bose, abagabisha b’ingabo biwe bose, hamwe n’abantu bakomakomeye b’i Galilaya. Buriko burahwibira, Salome umukobwa w’inkumi Herodiya yavyaranye n’umugabo bahorana ari we Filipo, arungikwa kuvyinira abashitsi. Abagabo bahari bavyitegereza, bararyoherwa cane n’ukuntu avyina neza.
Herode ahimbarwa cane na Salome. Amubwira ati: “Nsaba ico ugomba cose, ndakiguha.” Aranarahira ati: “Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.”
Imbere yo kwishura, Salome arasohoka ahanuza nyina wiwe. Amubaza ati: “Nsabe iki?”
Si we agiye yaronka ako karyo! Herodiya yishura ata kugonanwa ati: “Saba umutwe wa Yohana Umubatizi.”
Salome asubira kwa Herode ningoga, amusaba ati: “Ndagomba k’umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe.”
Herode biramubabaza cane. Yamara kubera ko abashitsi biwe bumvise indahiro yarahiye, aterwa isoni no kwirahuruza, naho nyene ivyo bisaba ko agandagura umuntu ataco azira. Uwumwica buno nyene aca atumwa kw’ibohero amuha amategeko akaze. Bidatevye, ahindukira azanye umutwe wa Yohani ku mubehe, hanyuma awuha Salome. Uno na we aca awutwara kwa nyina. Aho abigishwa ba Yohani bumviye ivyabaye, baraza bakuraho ikiziga ciwe, baragihamba, hanyuma babishikana kuri Yezu.
Mu nyuma, aho Herode yumviye yuko Yezu akiza abantu n’uko asenda amadayimoni, agira ubwoba, atinya yuko Yezu yoba vy’ukuri ari Yohani yazuwe mu bapfuye. Hanyuma y’ivyo, yipfuza cane kubona Yezu, atari kugira yumve inyigisho yiwe, ariko kugira arabe ko ubwoba bwiwe bwoba buri n’aho buhagaze. Matayo 10:1-5; 11:1; 14:1-12; Mariko 6:14-29; Luka 9:7-9.
▪ Yohani yapfungiwe iki, kandi ni kuki Herode adashaka kumwica?
▪ Amaherezo Herodiya yashoboye gute kwicisha Yohani?
▪ Inyuma y’urupfu rwa Yohani, ni kuki Herode ashaka kubona Yezu?