Ikigabane ca 92
Abanyamibembe Cumi Bakizwa Igihe Yezu Agiye i Yeruzalemu Ubwa Nyuma
YEZU yahinduye ubusa utwigoro twagizwe n’Ikombe two kumwica, mu kuva i Yeruzalemu agafata urugendo aja mu gisagara ca Efurayimu, kumbure ku birometero gusa nka 24 gutyo amaja mu buraruko bushira ubuseruko bwa Yeruzalemu. Ngaho agumana n’abigishwa biwe, kure y’abansi biwe.
Ariko rero, igihe ca Pasika yo mu 33 G.C. kiriko kiregereza, kandi mu nyuma gatoyi Yezu arasubira gufata inzira. Aca i Samariya maze aduga i Galilaya. Ni bwo bwa nyuma agendera iyo ntara imbere y’urupfu rwiwe. Igihe ari i Galilaya, bisa n’uko we hamwe n’abigishwa biwe bafatanya n’abandi inzira baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Bafata inzira ica mu ntara y’i Pereya, mu buseruko bw’Uruzi Yorodani.
Mu ntango y’urwo rugendo, mu gihe Yezu ariko yinjira mu kigwati kimwe i Samariya canke i Galilaya, asanganirwa n’abantu cumi barwaye imibembe. Iyo ndwara y’agaterabwoba irakuguta ibihimba vy’umuntu gahorogahoro—intoke, amano, amatwi, izuru, n’umunwa. Kugira ngo abandi ntibandukizwe, Ivyagezwe vy’Imana bivuga ku vyerekeye umunyamibembe biti: “Yipfu[ke] ku munwa, agende arasemerera, ati Ndahumanye, ndahumanye! Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; . . . abe ukwiwe.”
Abo banyamibembe cumi barubahiriza amategeko yo mu Vyagezwe yashiriweho abanyamibembe, baguma kure cane ya Yezu. Yamara, barasemerera n’ijwi rirenga, bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi.”
Yezu ababonye bari kure, abategeka ati: “Ni mugende, mwiyereke abaherezi.” Yezu avuze ivyo kubera ko Ivyagezwe vy’Imana birekurira abaherezi kumenyesha yuko abanyamibembe bakize iyo baruhutse indwara yabo. Muri ubwo buryo, mwene abo baremererwa gusubira kubana n’abantu b’amagara meza.
Ba banyamibembe cumi barizigiye ububasha Yezu afise bwo gukora ibitangaro. Nuko baranyaragasa bavaho baja kuraba nya baherezi, naho nyene bataribwakire. Bari mu nzira, ukwizera bafitiye Yezu barakuronkeye impera. Batangura kubona no kwumva yuko amagara yabo asubiranye!
Icenda muri abo banyamibembe bahumanuwe babandanya bagenda, ariko umunyamibembe wundi, akaba ari Umusamariya, aragaruka kurondera Yezu. Amuronderera iki? Kubera ko akengurutse cane ivyamubayeko. Ashemeza Imana n’ijwi rirenga, hanyuma abonye Yezu yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, amukurira ubwatsi.
Mu kwishura, Yezu avuga ati: “Ntibahumanutse bose ukw ari cumi? Abandi cenda bari hehe? Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’uyu [wo mu rindi hanga]?”
Maze abwira uwo Musamariya ati: “Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije.”
Iyo dusomye ivy’ukuntu Yezu yakijije abo banyamibembe cumi, dukwiye kugumiza ku muzirikanyi icigwa kiri muri iki kibazo: “Abandi cenda bari hehe?” Ukudashima kwagaragajwe n’abo bantu icenda ni akanenge gakomeye cane. Twebwe none tuzomera nk’uwo Musamariya tukerekana ko dukenguruka ibintu turonka ku Mana, dushizemwo wa muhango udakekeranywa w’ubuzima budahera mw’isi nshasha itunganye y’Imana? Yohana 11:54, 55; Luka 17:11-19; Abalewi 13:16, 17, 45, 46; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
▪ Ni gute Yezu yahinduye ubusa utwigoro tugirwa two kumwica?
▪ Mu nyuma Yezu agira urugendo agaca hehe, kandi ariko aja hehe?
▪ Ni kuki abanyamibembe bahagarara kure, kandi ni kuki Yezu ababwira ngo baje ku baherezi?
▪ Ivyo bintu vyabaye dukwiye kubikuramwo icigwa ikihe?