ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bt ikig. 5 rup. 40-48
  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana»
  • “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • «Umumarayika wa Yehova yugurura imiryango» (Ivyak. 5:12-21a)
  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu» (Ivyak. 5:21b-33)
  • «Ntimuzoshobora kubisenyura» (Ivyak. 5:34-42)
  • Abagabo babishoboye kugira ngo bakore «igikorwa gikenewe» (Ivyak. 6:1-6)
  • «Ijambo ry’Imana . . . ribandanya gukwiragira» (Ivyak. 6:7)
  • ‘Ntidushobora kureka kuvuga ivyerekeye Yezu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Wewe wumvira nde: Imana canke abantu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nta cari kubabuza kwamamaza
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Bahamagaza Abanyekombe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
bt ikig. 5 rup. 40-48

IKIGABANE CA 5

«Dutegerezwa kugamburukira Imana»

Intumwa zirasiga akarorero abakirisu b’ukuri bose bokwigana

Bishingiye ku Vyakozwe 5:12–6:7

1-3. (a) Ni kubera iki intumwa zarengukijwe imbere y’Inama nkuru? Ikibazo nyamukuru cari ikihe? (b) Ni kubera iki dukwiye kwitwararika cane ibijanye n’impagararo intumwa zagize?

ABACAMANZA bo mu Nama nkuru ishavu riraniga. Intumwa za Yezu zarengukijwe imbere y’iyo sentare nkuru. Uti kubera iki? Yozefu Kayifa, umuherezi mukuru akaba n’umukuru w’iyo Nama nkuru, abwira izo ntumwa azikarira ati: «Twarabihanikirije kutaguma mwigisha mwishimikije iryo zina.» Uwo mukuru yashangashiwe ku buryo adashobora no gucisha mu kanwa izina rya Yezu. Kayifa abandanya ati: «Yamara ehe mwujuje Yeruzalemu inyigisho zanyu, kandi mwiyemeje kuturemeka amaraso y’uwo muntu.» (Ivyak. 5:28) Ico ashaka kuvuga kiratomoye: Hagarika kwamamaza, atari ukwo na ho muribonerako!

2 None ga yemwe izo ntumwa ziza kubikika gute? Ico gikorwa co kwamamaza bagishinzwe na Yezu, uwahawe ubukuru n’Imana. (Mat. 28:18-20) None izo ntumwa zoba ziza kugwa mu mutego wo gutinya abantu hanyuma zihebe ico gikorwa? Canke ziraza kugira umutima rugabo wo guhagarara zishikamye no kubandanya zamamaza? Mu vy’ukuri ikibazo ni iki: Boba baza kwumvira Imana canke abantu? Ata kugonanwa, intumwa Petero aravugira izindi ntumwa zose. Amajambo avuga aratomoye kandi aranga ubutinyutsi.

3 Kubera ko turi abakirisu b’ukuri, turitwararika cane ukuntu intumwa zavyifashemwo igihe Inama nkuru yabagirako iterabwoba. Na twebwe twashinzwe n’Imana igikorwa co kwamamaza kandi turashobora kurwanywa igihe tukirangura. (Mat. 10:22) Abaturwanya boshobora kukiburabuza. None twoca dukora iki? Turimbuye impagararo intumwa zagize be n’ivyazishikiye igihe zarengutswa imbere ya ya Nama nkuru, birashobora kudufasha cane.a

YA NAMA NKURU YARI SENTARE NKURU Y’ABAYUDA

Naho Inganji y’Uburoma ari yo yatwara intara ya Yudaya, yari yarahaye Abayuda uburenganzira bwo gukurikiza imigenzo yabo, ibemerera no kwitunganiriza ivy’intwaro yabo. Ivyaha bitobito be n’ingorane z’abanyagihugu vyatunganywa n’amasentare y’intango, ariko ibibazo bitashobora gutunganywa n’ayo masentare vyaca birungikwa mu Nama nkuru i Yeruzalemu. Iyo Nama nkuru ni yo yari Sentare nkuru y’Abayuda, ikaba n’inama nkuru y’igihugu ijejwe ivy’intwaro. N’ikindi kandi, ni yo yari ifise ijambo rya nyuma ku kuntu amategeko y’Abayuda akwiye gukurikizwa, kandi ububasha yari ifise bwarubahirizwa n’Abayuda bo mu mihingo yose.

Abari bagize iyo Nama nkuru bama bahurira mu cumba c’amanama, bikaba bishoboka ko cari mu rusengero canke mu micungararo yarwo. Iyo Nama nkuru yari igizwe n’abantu 71. Harimwo umuherezi mukuru, ari na we yari ayihagarikiye, abanyacubahiro bigeze kuba abaherezi, ushizemwo n’Abasadukayo. Harimwo kandi n’abakomoka mu miryango yubahwa, be n’abanditsi b’incabwenge. Ingingo zafatwa n’iyo sentare zari ntabanduka.

«Umumarayika wa Yehova yugurura imiryango» (Ivyak. 5:12-21a)

4, 5. Ni kubera iki Kayifa be n’Abasadukayo baciye “buzura ishari”?

4 Niwibuke yuko igihe Petero na Yohani bategekwa ari bwo bwa mbere ngo bahagarike kwamamaza, bishuye bati: «Ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye n’ivyo twumvise.» (Ivyak. 4:20) Inyuma y’aho baviriye imbere y’Inama nkuru, Petero na Yohani, hamwe n’izindi ntumwa, barabandanije kwamamaza mu rusengero. Izo ntumwa zarakoze ibimenyetso bikomeye, nko gukiza abarwaye no kwirukana amadayimoni. Ivyo babikoreye «mw’ibaraza rya Salomo,» ibaraza risakaye ryari ku ruhande rwo mu buseruko bw’urusengero, aho Abayuda benshi bakunda gukoranira. Emwe, mbere n’abo igitutu ca Petero cacako baca bakira! Abenshi mu bakijijwe indwara baremeye gukizwa no mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyatumye «abemera Umukama baguma bongerekana, abagabo n’abagore benshi cane.»​—Ivyak. 5:12-15.

5 Kayifa hamwe n’abo mu mugwi w’idini yarimwo w’Abasadukayo, baciye “buzura ishari” hanyuma bashira izo ntumwa mw’ibohero. (Ivyak. 5:17, 18) Ni igiki none catumye abo Basadukayo bashavura cane? Intumwa zariko zirigisha yuko Yezu yazutse, yamara nya Basadukayo ntibemera izuka. Izo ntumwa zariko zivuga yuko umuntu ashobora gukizwa mu gihe gusa yokwizera Yezu, Abasadukayo na bo bakaba batinya ko Uburoma bwobamerera nabi hamwe abantu boramuka bemeye ko Yezu ari we Ndongozi yabo. (Yoh. 11:48) Ntibitangaje rero kubona Abasadukayo bari biyemeje kunumya izo ntumwa!

6. Muri kino gihe, ni bande ahanini batuma abasavyi ba Yehova bahamwa? Kubera iki ivyo bidakwiye kudutangaza?

6 No muri kino gihe, abanyamadini barwanya ivyo twemera ni bo ahanini batuma twebwe abasavyi ba Yehova duhamwa. Abo bantu akenshi usanga bagerageza kwosha abakuru mu vy’intwaro be n’ibimenyeshamakuru kugira ngo batubuze kwamamaza. None ivyo vyoba bikwiye kudutangaza? Habe na buhoro. Ubutumwa twamamaza burashira ku kabarore idini ry’ikinyoma. Mu gihe abantu b’imitima nziraburyarya bemeye ukuri kwo muri Bibiliya, barabohorwa bagakurwa mu nyigisho be n’imigenzo bidashingiye ku Vyanditswe. (Yoh. 8:32) Ntibitangaje rero kubona ubutumwa twamamaza akenshi butuma indongozi z’amadini zuzura ishari n’urwanko.

7, 8. Itegeko umumarayika yatanze ryagize ico rikoze gute ku ntumwa? Vyoba vyiza twibajije ikibazo ikihe?

7 Igihe intumwa zari mw’ibohero zirindiriye gucirwa urubanza, zishobora kuba zaribajije nimba abansi bazo bari bagiye kuzica bazihora ivyo zemera. (Mat. 24:9) Ariko rero mw’ijoro, harabaye ikintu kitari citezwe. Ico gihe «umumarayika wa Yehova [yaruguruye] imiryango y’iryo bohero.»b (Ivyak. 5:19) Uwo mumarayika yaciye aha izo ntumwa ubuyobozi butomoye bugira buti: «Genda muhagarare mu rusengero, mubandanye [kubabwira].» (Ivyak. 5:20) Nta gukeka ko iryo tegeko ryakuye amazinda izo ntumwa yuko zariko zikora ikintu kibereye. Amajambo y’uwo mumarayika ashobora kandi kuba yarakomeje izo ntumwa atuma ziguma zishikamye naho zoshikirwa n’iki. Izo ntumwa zibigiranye ukwizera gukomeye be n’umutima rugabo, “zarinjiye mu rusengero mu mutwenzi, zitangura kwigisha.”​—Ivyak. 5:21.

8 Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: “Ubwo noba mfise ukwizera be n’umutima rugabo bikenewe vyotuma mbandanya kwamamaza mu bihe nk’ivyo?” Ese twese twohumurizwa no kumenya yuko igikorwa gihambaye co “gushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana” gishigikiwe n’abamarayika kandi ko ari bo bakiyobora!​—Ivyak. 28:23; Ivyah. 14:6, 7.

«Dutegerezwa kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu» (Ivyak. 5:21b-33)

Kayifa ariko aragiriza intumwa n’ishavu ryinshi, abandi bagize Sentare nkuru y’Abayuda bakaba bariko bitegereza.

«Bamaze kubashikana, babahagarika imbere y’Inama nkuru.»​—Ivyakozwe 5:27

9-11. Intumwa zishuye gute igihe abagize Inama Nkuru bazisaba guhagarika kwamamaza? Ukuntu bavyifashemwo vyabereye gute akarorero abakirisu b’ukuri?

9 Ubu Kayifa be n’abandi bacamanza bo mu Nama nkuru bariteguriye kurengutsa intumwa. Abagize iyo sentare bararungika abapolisi kugira ngo bazane izo mbohe batazi ivyaraye bibaye mwibohero. Iyumvire ukuntu abo bapolisi bakubitwa n’inkuba basanze ahari impene hasigaye ikiziriko naho iryo bohero ryari ryugaye neza, «n’abarinzi bahagaze ku miryango.» (Ivyak. 5:23) Bidatevye, umukuru w’abarinzi b’urusengero aramenya yuko izo ntumwa zagarutse mu rusengero, zikaba ziriko zishingira intahe Yezu Kristu, kandi ari co cari catumye zitabwa mw’ibohero. Uwo mukuru w’abarinzi b’urusengero be n’abapolisi biwe, baca baja ku rusengero gucakira izo mbohe maze bakazizana imbere y’Inama nkuru.

10 Nk’uko vyavuzwe mu ntango z’iki kigabane, izo ndongozi z’idini zari zashangashiwe zategetse izo ntumwa kureka kwamamaza. None izo ntumwa zavyakiriye gute? Petero yaraserukiye izindi ntumwa, yishurana ubutinyutsi ati: «Dutegerezwa kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu.» (Ivyak. 5:29) Gutyo intumwa zari zisigiye akarorero abakirisu bose b’ukuri. Igihe abategetsi batubujije gukora ivyo Imana idusaba canke bakadusaba gukora ivyo Imana itubuza ntitubagamburukira. Muri iki gihe cacu rero, igihe «abakuru batuganza» bahagaritse igikorwa co kwamamaza inkuru nziza Imana yadushinze, ntiduheba. (Rom. 13:1) Ahubwo, turagerageza kurondera uburyo budashoka bwibonekeza bwo kubandanya dushinga intahe bimwe bishitse ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.

11 Ntibitangaje rero kubona inyishu iranga ubutinyutsi izo ntumwa zatanze yaciye ituma abo bacamanza, bari basanzwe bashavuye, barushiriza kururumba ishavu. Bari biyemeje “kwica” izo ntumwa. (Ivyak. 5:33) Ico gihe hoho ivyo vyabona b’abanyamwete kandi b’ubutinyutsi vyasa n’uko bataza kurusimba. Ariko, bari bagiye gufashwa mu buryo budasanzwe!

«Ntimuzoshobora kubisenyura» (Ivyak. 5:34-42)

12, 13. (a) Ni impanuro iyihe Gamaliyeli yahaye abo bakorana, kandi baciye bakora iki? (b) Muri kino gihe Yehova ashobora gute kuhaseruka ku bw’abasavyi biwe? Ni ibiki dukwiye kwizigira tudakeka bishitse akareka “tukababara duhorwa ubugororotsi”?

12 Gamaliyeli, «umwigisha w’amategeko y’Imanac, yubahwa n’abantu bose,» yaciye afata ijambo. Uwo muhanga mu vy’amategeko ategerezwa kuba yarubahwa cane n’abo bakorana, akaba ari co gituma yafashe ijambo, mbere “akanategeka ko basohora [izo ntumwa] akanya gatoyi.” (Ivyak. 5:34) Amaze kuvuga uburorero bw’imigwi y’abagumutsi itatevye kuzimangana inyuma y’aho abari bayirongoye bapfiriye, Gamaliyeli yaciye ahanura abagize iyo sentare kugenza buhoro no kwitonda mu vyo bagirira izo ntumwa, narirya Indongozi yazo Yezu yari amaze igihe gitoyi gusa apfuye. Gamaliyeli yatanze iciyumviro kijijura ati: «[Mureke] kwisuka mu vy’aba bantu. Nimubareke. Nimba uyu mugambi canke iki gikorwa ari ivy’abantu, bizosenyuka. Mugabo nimba ari ivy’Imana, ntimuzoshobora kubisenyura. Mutaravye neza, hari aho mbere mwosanga muriko murwanya Imana ubwayo.» (Ivyak. 5:38, 39) Abo bacamanza barumviye iyo mpanuro. Naho vyari ukwo, babanje gushishura izo ntumwa bongera bazitegeka «kureka kuvuga zishimikije izina rya Yezu.»​—Ivyak. 5:40.

13 Nk’uko vyagenze ico gihe, muri iki gihe Yehova yoshobora guhagurutsa abantu bubahwa nka Gamaliyeli kugira ngo baburanire abasavyi biwe. (Imig. 21:1) Yehova yoshobora gukoresha impwemu yiwe kugira ngo atume abategetsi bakomakomeye, abacamanza, canke abashinga amategeko, bakora mu buryo buhuza n’ivyo agomba. (Neh. 2:4-8) Ariko rero, bishitse akareka “tukababara duhorwa ubugororotsi,” turakwiye kwizigira tudakeka ibintu bibiri. (1 Pet. 3:14) Ica mbere, Imana irashobora kuturonsa inkomezi kugira ngo twihangane. (1 Kor. 10:13) Ica kabiri, abaturwanya “ntibazoshobora gusenyura” igikorwa c’Imana.​—Yes. 54:17.

14, 15. (a) Igihe intumwa zashishurwa zavyifashemwo gute, kandi kubera iki? (b) Nuvuge ikintu cabaye cerekana ko abasavyi ba Yehova bihangana banezerewe.

14 Aho intumwa zimariye gushishurwa, zoba zaracitse intege canke ngo zihebe umwiyemezo zari zifise? Ashwi da! Bibiliya yigana iti: «Bava imbere y’Inama nkuru baragenda, banezerewe.» (Ivyak. 5:41) None ni igiki catumye “banezerwa”? Mu vy’ukuri ntibanezerejwe n’uko bari baseserejwe ku mubiri kubera gushishurwa. Banezerejwe no kumenya yuko bariko bahamwa kubera bariko bagerageza kuguma ari intahemukakuri Yehova be n’uko bariko bakurikira intambuko za Yezu we Karorero kabo.​—Mat. 5:11, 12.

15 Nk’ukwo kw’abo bavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere, na twebwe turihangana tubigiranye umunezero igihe tuba turiko turababazwa duhorwa inkuru nziza. (1 Pet. 4:12-14) Iterabwoba, guhamwa canke gutabwa mw’ibohero, si vyo bituma tunezerwa. Ahubwo turanezerwa igihe tugumye turi intahemuka. Rimbura nk’akarorero ivyerekeye umuvukanyi yitwa Henryk Dornik, yamaze imyaka itari mike afatwa nabi mu gihe c’intwaro z’agahotoro ariko akaguma yihanganye. Aribuka yuko muri Myandagaro 1944, abategetsi bafashe ingingo yo kumurungika mw’ikambi ry’itunatuniro ari kumwe na mwenewabo. Abo bategetsi babarwanya bavuze bati: «Ntibishoboka ko tujijura aba bantu ngo bagire ikintu na kimwe bakoze. Kubabazwa bahorwa ivyo bemera, birabaryohera.» Umuvukanyi Dornik avuga ati: «Naho ntipfuza gupfa nzira ivyo nemera, naranezerejwe no kubona nagumye ndi intadohoka kuri Yehova. Igihe nariko ndagirirwa nabi nagumye mfise umutima mu nda kandi sinamaramazwa n’ivyariko biranshikira.»​—Yak. 1:2-4.

Umugabo n’umugore bariko babwira inkuru nziza umugabo ahagaze imbere y’inzu bakoresheje Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.

Nka kumwe kw’intumwa, turamamaza «inzu ku nzu»

16. Intumwa zerekanye gute yuko zari ziyemeje gushinga intahe bimwe bishitse? Twigana gute uburyo izo ntumwa zakoresha mu kwamamaza inkuru nziza?

16 Izo ntumwa zaciye zikwakwanya zisubira ku gikorwa. Zibigiranye uburindutsi, zarabandanije gukora igikorwa co «kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu,» ivyo zikaba zabigira «imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu.»d (Ivyak. 5:42) Abo bamamaji b’abanyamwete bari biyemeje gushinga intahe bimwe bishitse. Urabona ko ubutumwa babusanza abantu ku mazu yabo, nk’uko Yezu Kristu yari yarabibategetse. (Mat. 10:7, 11-14) Nta gukeka ko ivyo ari vyo vyatumye bashobora kwuzuza Yeruzalemu inyigisho yabo. Muri kino gihe, birazwi ko Ivyabona vya Yehova ari bo bamamaza inkuru nziza nka kumwe kw’intumwa. Igihe twamamaza inzu ku nzu mu karere iwacu, tuba twerekanye neza yuko na twebwe twipfuza gushinga intahe bimwe bishitse, gutyo umuntu wese tukamuronsa akaryo ko kwumva inkuru nziza. None Yehova yoba ahezagira ubusuku turangura inzu ku nzu? Cane nyene! Muri iki gihe c’iherezo, abantu amamiliyoni barakiriye inkuru nziza y’Ubwami, kandi benshi muri bo usanga bayumvise ari bwo bwa mbere igihe Icabona yabagendera i muhira iwabo.

KWAMAMAZA «INZU KU NZU»

Naho Inama nkuru yari yabujije abigishwa kurangura igikorwa cabo co kwamamaza, bo bagumye bamamaza bongera bigisha «imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu.» (Ivyak. 5:42) None iyo mvugo ngo «inzu ku nzu» isobanura iki neza na neza?

Mu kigiriki co mu ntango, ijambo katʼ oiʹkon urudome ku rundi risobanura ngo «hisunzwe inzu.» Abahinduzi batari bake bavuga yuko ijambo ka·taʹ ritanga iciyumviro co kuva ahantu hamwe uja ahandi, ivyo bikaba vyerekana ko mu kwamamaza abigishwa bava ku nzu baja ku yindi. Iryo jambo ka·taʹ rirakoreshwa muri ubwo buryo nyene muri Luka 8:1, ahavuga ko Yezu yamamaza «ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi.»

Iryo jambo, riri mu bwinshi (katʼ oiʹkous), rirakoreshwa mu Vyakozwe 20:20. Intumwa Pawulo yabwiye abahagarikizi mw’ishengero ati: “Sinaretse kubigisha ku mugaragaro n’inzu ku nzu.” Pawulo ntiyariko avuga ibijanye no kwamamaza be no kwigisha mu mazu y’abo bakurambere, nk’uko bamwebamwe bavyiyumvira. Umurongo ukurikira uravyerekana. Ugira uti: «Mugabo narashinze intahe bimwe bishitse imbere y’Abayuda n’Abagiriki yuko bakwiye kwigaya imbere y’Imana, bakizera Umukama wacu Yezu.» (Ivyak. 20:21) Abo bakirisu bagenziwe bari baramaze kwigaya no kwizera Yezu. Ku bw’ivyo, igikorwa yarangura co kwamamaza no kwigisha inzu ku nzu biragaragara neza ko cari kijanye no kubwira inkuru nziza abatari bwizere.

Abagabo babishoboye kugira ngo bakore «igikorwa gikenewe» (Ivyak. 6:1-6)

17-19. Ni ikibazo ikihe cadutse catumye haba ukutumvikana? Intumwa zagitorerwe umuti gute?

17 Muri iryo shengero ryari riherutse gushingwa, hari hadutse ingorane yihishije kandi iteye akaga. Uti ni iyihe? Benshi mu bigishwa bari baherutse kubatizwa, bari ingenzi aho i Yeruzalemu kandi bipfuza kwiga n’ibindi vyinshi imbere y’uko basubira iwabo. Abigishwa baba i Yeruzalemu baratanze amahera n’umutima ukunze kugira ngo haboneke ibifungurwa be n’ibindi bintu vya nkenerwa. (Ivyak. 2:44-46; 4:34-37) Ico gihe rero, hari ikibazo kitoroshe cadutse. «Mw’igaburwa ry’ibifungurwa vya buri musi,» abapfakazi bavuga ikigiriki «bariko barirengagizwa.» (Ivyak. 6:1) Ariko, si ko vyari bimeze ku bapfakazi bavuga igiheburayo. Biboneka rero yuko hari ingorane yo gukumira abandi. Iyo ni yo ngorane ahanini usanga ituma haba ukutumvikana kuruta izindi.

18 Izo ntumwa ni zo zari zigize inama nyobozi y’iryo shengero ryariko riratera imbere. Zaratahuye ko bitobaye biranga ubukerebutsi “ziretse ijambo ry’Imana ngo zije mu vyo kugabura ibifungurwa ku meza.” (Ivyak. 6:2) Mu gutorera umuti iyo ngorane, izo ntumwa zategetse abigishwa kurondera abagabo indwi «buzuye impwemu n’ubukerebutsi» kugira ngo zibashinge ico «gikorwa gikenewe.» (Ivyak. 6:3) Hari hakenewe abagabo babishoboye kuko bisa n’uko ico gikorwa kitari cerekeye gusa kugabura ibifungurwa. Harimwo no gukoresha amahera, kugura ivya nkenerwa, no kubika inyandiko zujujwe mu buryo bwitondewe. Abagabo bose batowe bari bafise amazina y’ikigiriki. Ivyo bishobora kuba vyaratumye abo bapfakazi bari bababaye barushiriza kubizigira. Izo ntumwa zimaze kwihweza ivy’abo bagabo indwi kandi zigasenga, zarabagenye kugira ngo bitwararike ico «gikorwa gikenewe.»e

19 None kwitwararika ivyo kugabura ibifungurwa vyoba vyaca bituma abo bagabo indwi bari bagenywe bakurwako ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza? Habe na buhoro! Muri abo bagabo batowe harimwo Sitefano, uwahavuye ashinga intahe abigiranye umwete n’ubutinyutsi. (Ivyak. 6:8-10) Filipo na we nyene yarimwo muri abo indwi kandi yitwa «umwigisha w’inkuru nziza.» (Ivyak. 21:8) Biragaragara rero ko abo bagabo indwi bagumye ari abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete.

20. Abasavyi b’Imana muri iki gihe bakurikiza gute akarorero intumwa zabasigiye?

20 Muri iki gihe abasavyi ba Yehova bakurikiza akarorero basigiwe n’intumwa. Abagabo bashingwa amabanga mw’ishengero bategerezwa kugaragaza ko bafise ubukerebutsi buva ku Mana no kwerekana ko impwemu nyeranda ikorera muri bo. Biciye ku buyobozi butangwa n’Inama Nyobozi, abagabo bakwije kamere zisabwa n’Ivyanditswe baragenwa kugira ngo babe abakurambere canke abakozi b’ishengero.f (1 Tim. 3:1-9, 12, 13) Ababa bakwije izo kamere zisabwa turashobora kuvuga ko baba bagenywe n’impwemu nyeranda. Abo bagabo bakora cane baritwararika ibintu vyinshi vya nkenerwa. Nk’akarorero, abakurambere boshobora guhagarikira igikorwa cogufasha mu buryo buboneka abageze mu zabukuru b’abizigirwa bari n’ivyo bakeneye vy’ukuri. (Yak. 1:27) Abakurambere bamwebamwe usanga bagira uruhara mu bijanye no kwubaka Ingoro z’Ubwami, gutunganya amahwaniro, canke bagakorana na Komite ija inama n’ibitaro yo mu karere barimwo. Abakozi b’ishengero baritwararika amabanga atari make usanga adafitaniye isano no kuragira intama canke kwigisha. Mwene abo bagabo bose bakwije ibisabwa babwirizwa kugira uburimbane hagati y’amabanga bajejwe mw’ishengero no mw’ishirahamwe be na rya banga twajejwe n’Imana ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.​—1 Kor. 9:16.

«Ijambo ry’Imana . . . ribandanya gukwiragira» (Ivyak. 6:7)

21, 22. Ni igiki cerekana ko Yehova yahezagiye rya shengero ryari riherutse gushingwa?

21 Kubera yuko Yehova yari ashigikiye iryo shengero ryari riherutse gushingwa, ryarashoboye gutsinda uruhamo ryatezwa n’abo hanze y’ishengero riratsinda n’ingorane yadutse muri ryo, yari gutuma haba ukutumvikana. Biragaragara ko Yehova yahezagiye iryo shengero, kubera tubwirwa duti: «Ijambo ry’Imana . . . ribandanya gukwiragira, igitigiri c’abigishwa na co kiguma congerekana cane i Yeruzalemu. Isinzi rinini cane ry’abaherezi ryakira ukwizera.» (Ivyak. 6:7) Iyo ni imwe gusa mu nkuru zitari nke dusanga mu gitabu c’Ivyakozwe zivuga ukuntu ishengero ryagiye riratera imbere. (Ivyak. 9:31; 12:24; 16:5; 19:20; 28:31) None ga yemwe, ntitwumva natwe turemye iyo twumvise amakuru avuga bijanye n’ukuntu igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko gitera imbere mu yindi mihingo y’isi?

22 Za ndongozi z’idini zo mu kinjana ca mbere zari zashangashiwe, ntizarushe zita hasi. Hari uruhamo rukaze rwari rwimirije. Budakeye na kabiri, Sitefano yararwanijwe bimwe bikaze, nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira.

GAMALIYELI: UMURABI YUBAHWA KURUTA ABANDI

Benshi biyumvira yuko Gamaliyeli avugwa mu gitabu c’Ivyakozwe ashobora kuba ari Mutama Gamaliyeli, umwuzukuru wa Hileli, uwashinze rimwe mu mashure abiri y’Abafarizayo atumira cane ku mategeko. Gamaliyeli yari afise igiti gikomeye muri ya Nama nkuru, kandi yari umurabi yubahwa cane ku buryo ari we yatanguye guhabwa izina ry’icubahiro, ari ryo «Rabani.» Igitabu c’Abayuda citwa Mishnah kivuga giti: «Igihe Mutama Gamaliyeli Rabani yapfa, amategeko yaciye atakaza icubahiro yari afise. Ivyokutandura no kwirinda vyari birangiye.» Ni we avugwa ko yafashe ingingo zitandukanye zafashije abantu. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi c’Abayuda (Encyclopaedia Judaica) kigira giti: «Ingingo idasanzwe mu zo yafasha, ni iyiha umugore uburenganzira bwo gusubira kwubaka urwiwe igihe habonetse gusa icabona kimwe cemeza yuko umugabo wiwe yapfuye.» Bivugwa kandi ko yashinze amategeko akingira abakenyezi bafise abagabo ata co bibanga, be n’ayakingira abapfakazi bafise abana ata co bibanga. Yaraharaniye kandi ivy’uko abanyamahanga bakenye be n’Abayuda bakenye, bose bakwiye kugengwa n’amategeko amwe mu bijanye no gutoragura ivyaba vyasigajwe mu mirima.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Ya Nama nkuru yari Sentare nkuru y’Abayuda.»

b Iyi ni yo ncuro ya mbere mu zishika 20 aho abamarayika bavugwa mu gitabu c’Ivyakozwe mu buryo budomako. Imbere y’aho, mu Vyakozwe 1:10, abamarayika bavugwa gusa ko ari “abagabo bambaye impuzu zera.”

c Raba uruzitiro ruvuga ngo «Gamaliyeli: umurabi yubahwa kuruta abandi.»

d Raba uruzitiro ruvuga ngo «Kwamamaza “inzu ku nzu.”»

e Abo bagabo bashobora kuba bari bafise kamere zisabwa ku bakurambere, kubera ko kwitwararika ico «gikorwa gikenewe» ryari ibanga rihambaye. Ariko rero, Ivyanditswe ntibivuga mu buryo budomako igihe ivyo kugena abakurambere, ari bo bahagarikizi mw’ishengero vyatanguriye.

f Mu kinjana ca mbere, abagabo bakwije ibisabwa bari bemerewe kugena abakurambere. (Ivyak. 14:23; 1 Tim. 5:22; Tito 1:5) Muri iki gihe, Inama Nyobozi iragena abacungezi b’imizunguruko, na bo bakaba bafise ibanga ryo kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika