ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th rup. 3
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Bumwe mu buryo butwereka ingene twokoresha ka gatabu Ubutumwa bwo muri Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Igikoresho Gishasha co Gufasha Abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza inyigisho ya Bibiliya turi imbere y’umuryango dukoresheje agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th rup. 3

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

‘Mubwirizwa kuba abigisha.’ (Heb. 5:12) Ibaze nawe! Yehova, we Mwigisha mwiza kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru, aradusaba ngo twigishe abandi ibimwerekeye. Igihe cose turonse akaryo ko kwigisha ukuri kwerekeye Yehova, haba mu muryango, mw’ishengero canke mu ndimiro, riba ari iteka rikomeye n’ibanga riremereye. Ni igiki none codufasha kuroranirwa?

Inyishu tuyisanga mu majambo intumwa Paulo yandikiye Timoteyo. Yamubwiye ati: “Ubandanye kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha.” Yongeyeko ati: “Niwakora ivyo uzokwikiza [ukize] n’abakwumviriza.” (1 Tim. 4:13, 16) Ubutumwa wamamaza burashobora kurokora abantu. Birahambaye rero ko uryohora ubuhanga bwawe bwo gusoma no kwigisha. Aka gatabu kagenewe kugufasha muri ivyo. Raba bimwebimwe mu bikagize:

Icanditswe

Icigwa cose gitangurwa n’icanditswe. Ico canditswe kiba ari ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ifitaniye isano n’ico cigwa canke akarorero k’ingene twogishira mu ngiro

Inama ngirakamaro

Inama ngirakamaro zijanye n’ico cigwa

MU NDIMIRO

Harimwo ivyiyumviro vyodufasha canecane mu ndimiro. Ibindi vyiyumviro nka vyose biri muri aka gatabu turashobora kubikoresha mu ndimiro canke igihe twigisha ku mukiruruko.

Yehova ni we ‘Mwigisha Ahambaye.’ (Yes. 30:20) Naho aka gatabu kagenewe kugufasha kuryohora ubuhanga bwawe bwo gusoma no kwigisha, ntukigere wibagira ko Yehova ari we Soko ry’ubutumwa ushikiriza be n’uko ari we akwegera abantu. (Yoh. 6:44) Niwame rero usenga usaba impwemu nyeranda. Nukoreshe cane Ijambo ry’Imana. Nturondere kwininahaza, ahubwo nuninahaze Yehova. Niwihatire gutuma abakwumviriza barushiriza kumukunda.

Waratewe agateka ko kwigisha ubutumwa buhambaye kuruta ubundi bwose. Turizigiye ko uzororanirwa niwiheka ku “nkomezi Imana itanga.”​—1 Pet. 4:11.

Abigisha bagenzawe,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

Umuvukanyi ariko aratanga insiguro; umudada ariko aramamaza; umuvukanyi ariko aramamaza ku kazi; umwigeme ariko arashikiriza ikiganiro imbere y’abanyeshure
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika