ICIGWA CA 11
Gushwashwanuka
Abaroma 12:11
INCAMAKE: Nuvugane igishika kugira utume abakwumviriza bacangamuka no kugira ubavyurire umutima wo kugira ico bakoze.
UKO WOBIGIRA:
Nuvuge ibivuye ku mutima. Igihe utegura ikiganiro cawe, nuzirikane cane ukuntu gihambaye. Nutegure neza ivyo uzoshikiriza gushika bikunyuze, ku buryo uzobivuga bivuye ku mutima.
Nuzirikane abakwumviriza. Niwiyumvire ukuntu ivyo uzosoma canke ivyo uzokwigisha bizobagirira akamaro. Nurabe ukuntu wobishikiriza ku buryo barushiriza kubiha agaciro.
Nuvuge ucangamutse. Nuvugane igishika. Nureke mu maso hawe n’ibimenyetso vy’umubiri ugira biserure ukuntu wiyumva.