ICIGWA CA 18
Gushikiriza amakuru yigisha
1 Abakorinto 9:19-23
INCAMAKE: Nutume abakwumviriza bazirikana ku vyo uriko urababwira ku buryo bumva ko bize ikintu c’ingirakamaro.
UKO WOBIGIRA:
Nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi. Aho gusubiramwo gusa ivyo bamaze kwumva, nutume babona ico ciyumviro mu buryo bushasha.
Nugire ubushakashatsi kandi uzirikane. Igihe bishoboka, nukoreshe ibintu badakunze kwumva canke ibintu biherutse kuba kugira usigure ivyiyumviro nyamukuru. Nuzirikane cane ku kiganiro uzoshikiriza hamwe n’isano gifitaniye n’uburorero utegekanya gukoresha.
Nubereke ko ivyo uvuga bibafitiye akamaro. Nubereke ukuntu ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe vyobafasha mu buzima bwa misi yose. Nuvuge ibintu, inyifato be n’ibikorwa babona ko bihambaye.