ICIGWA CA 6
Gusigura neza ivyanditswe
Yohani 10:33-36
INCAMAKE: Ntupfe gusa gusoma icanditswe ngo uce wigira ku ciyumviro gikurikira. Nurabe neza ko abakwumviriza babona neza isano riri hagati y’icanditswe wasomye n’iciyumviro muriko muraganirako.
UKO WOBIGIRA:
Nushire ahabona amajambo nyamukuru. Uhejeje gusoma icanditswe, nushimike ku majambo afitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru. Ushobora kubigira mu gusubiramwo ayo majambo canke mu kubaza ikibazo gituma abakwumviriza bayatora.
Nushimike ku ciyumviro nyamukuru. Nimba werekanye impamvu ugiye gusoma icanditswe, niwerekane ukuntu amajambo nyamukuru ari muri co ashigikira iyo mpamvu.
Ntushimike ku bintu bidakenewe. Niwirinde gusigura amajambo adahuye n’iciyumviro nyamukuru. Ufatiye ku vyo abakwumviriza basanzwe bazi ku ciyumviro muriko muraganirako, nuhitemwo amakuru akenewe yobafasha kugitahura neza.