Igicumuro coba ata co kikitubwiye?
KERA atari kera cane, abaja gusenga wasanga bakunda kwumva uwubigisha Ijambo ry’Imana asemerera ahagaze imbere aho yigishiriza, yiyamiriza ivyitwa ngo ni “ibicumuro indwi bikomakomeye,” ni ukuvuga ukwipfuza, ubukunzi bw’inda, umwina, ubunebwe, uburake, umunoho be n’ubwibone. Akenshi wasanga uwo mwigisha asigura ingaruka zikomeye z’igicumuro, agaca ahimiriza abamwumviriza ngo bihane. Umwanditsi umwe avuga ati: “Ubu mu madini menshi barareka kwigisha ibijanye n’igicumuro kuko ngo vyotera ubuyega, bagashimika ku bintu vyitwa ko vyeza agatima abavyumviriza.”
Abanditsi b’ibinyamakuru basanze iyo ngendo nyene iharawe. Ng’ibi bimwebimwe mu vyavuzwe mu binyamakuru:
▪ “Ubutumwa bwatangwa kera bwerekeye igicumuro, ukwihana be n’ugucungurwa bwarakinjuye bubisa ubutumwa bwitwa ko butuma abantu bumva bamerewe neza bujanye n’ukwiha agaciro be n’ukwikunda.”—Star Beacon, Ashtabula, Ohio.
▪ “Abantu womengo gukora igicumuro nta co bikibabwiye.”—Newsweek.
▪ “Ntitukibaza duti: ‘Ni igiki Imana ishaka ko nkora?’ Ahubwo tubaza duti: ‘Ni igiki Imana yonkorera?’”—Chicago Sun-Times.
Mu kibano c’ubu kigizwe n’abantu b’imice myinshi kandi barondera kwubahiriza abandi, abantu baratinya guca urubanza ku vyerekeye iciza n’ikibi. Babona ko gucira urubanza abandi bitabereye. Guca urubanza ku vyo umuntu yakoze bisa n’uko ari co gicumuro gikomeye kuruta ibindi vyose. Uca usanga rero abantu biyumvira bati: ‘Ivyo wewe wemera vyoshobora kuba ari vyiza kuri wewe, ariko ntukwiye na gato kugerageza guhata umuntu n’umwe ngo yemere ivyiyumviro vyawe. Muri iki gihe, abantu usanga babaho bisunga imico igenda iratandukana. Nta muntu n’umwe yovuga ko ari we wenyene azi ikibi n’iciza. Imico abandi bisunga irafise ishingiro cokimwe n’iyo wewe wisunga.’
Ivyiyumviro nk’ivyo vyatumye abantu bahindura n’imvugo. Ijambo “igicumuro” ubu risigaye rikoreshwa gake mu bintu bihambaye. Abenshi basigaye barikoresha mu kwijajurira. Abantu ntibakivuga ngo “gusambana”, bivugira ngo ni “ukugaragarizanya urukundo.” Ku bijanye no “kurenga ibigo” bivugira ngo “umwonga umwe wonza inyoni.” “Uguhuza ibitsina kw’ababisangiye” bivugira ngo ni “ubundi buryo bwo kubaho.”
‘Akuzuye ntikamurikwa.’ Ivyo abantu bashoka bemera ko ari ibisanzwe canke ivyo bashoka batera ivyatsi bavuga ko ari igicumuro, vyarahindutse. Ni kubera iki none abantu bahinduye uburyo babona igicumuro? Igicumuro coba carahindutse? Vyongeye, uburyo wewe ukibona bwoba vy’ukuri buri n’ico butwaye?