ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/6 rup. 15
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nurondere ikintu kirusha agaciro inzahabu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/6 rup. 15

Woba wari ubizi?

Irembo ry’igisagara rikunda kuvugwa mu nkuru za Bibiliya cari igiki?

▪ Mu bihe vya Bibiliya, ibisagara vyinshi wasanga bikikujwe n’impome. Mu bisagara vyinshi bifise amarembo haba hariho ibibanza vyagutse abantu bahuriramwo kugira ngo babonane n’abandi, badandaze, bayage n’utw’irya n’ino. Aho ni ho hashikiririzwa amatangazo araba bose, kandi abahanuzi barashobora kuhashikiririza ubutumwa bwabo. (Yeremiya 17:19, 20) Igitabu kimwe (The Land and the Book) kivuga yuko “imirimo nka yose abantu bakora ijanye n’urudandaza yakorerwa kuri ayo marembo y’ibisagara canke hafi yaho.” Muri Isirayeli ya kera, amarembo y’ibisagara yarasa cane n’ibibanza bikorerwamwo imirimo itandukanye vyo mu bisagara vya none.

Nk’akarorero, Aburahamu yaraguze itongo ryo guhambamwo abiwe, arigura na Efuroni “imbere y’Abaheti no mu maso y’abaca mw irembo ry’igisagara cabo bose.” (Itanguriro 23:7-18) Bowazi na we yarasavye abashingantahe cumi b’i Betelehemu ngo bicare kw’irembo ry’igisagara kugira ngo atunganye mu maso yabo ivya Rusi be n’ivy’intoranwa umugabo wiwe yapfuye asize, ahuje n’itegeko ryavuga ko umupfakazi akwiye gucurwa na muramuwe. (Rusi 4:1, 2) Igihe abo bashingantahe bo mu gisagara baba bagomba guca urubanza, baricara kw’irembo ry’igisagara kugira ngo bumvirize ababurana, barubacire, bongere barukurikize.​—Gusubira mu vyagezwe 21:19.

Mbega igihugu ca Ofiru Bibiliya ivuga ko cavamwo inzahabu nzizanziza, cari giherereye hehe?

▪ Igitabu ca Yobu ni co gitabu ca mbere kivuga ibijanye n’“amazahabu yavuye muri Ofiru” kikavuga kandi ko yari “amazahabu [‘atavanze,’ NW].” (Yobu 28:15, 16) Haheze nk’imyaka 600 inyuma y’igihe ca Yobu, Umwami Dawidi yaratororokanije “amazahabu yavuye i Ofiru” yo kwubakisha ingoro ya Yehova i Yeruzalemu. Umuhungu wiwe Salomo na we nyene yarakuye amazahabu i Ofiru.​—1 Ngoma 29:3, 4; 1 Abami 9:28.

Twisunze Ivyanditswe, Salomo yari afise amato yakorewe i Eziyoni-geberi ku Kiyaga Gitukura yazana inzahabu azikuye i Ofiru. (1 Abami 9:26) Abahinga bavuga yuko Eziyoni-geberi hari haherereye ku mutwe w’Ikigobe ca Aqaba mu micungararo y’igisagara ca Elat n’ica Aqaba. Amato avuye ng’aho yarashobora gushika mu gice ico ari co cose c’Ikiyaga Gitukura, canke mu bibanza vy’urudandaza vya kure cane vyo ku nkengera ya Afirika canke y’Ubuhindi, ahashobora kuba ari ho igihugu ca Ofiru cari giherereye. Ariko rero, abandi bibajije yuko igihugu ca Ofiru cari giherereye muri Arabiya, aho bakaba barahatoye amacukuriro ya kera y’inzahabu kandi zikaba zaracukuwe no mu bihe vya none.

Ku vy’uko aho Salomo yacukura inzahabu hoba hatigeze habaho, nk’uko bamwebamwe bavyibaza, umuhinga mu vya kahise ka Misiri yitwa Kenneth A. Kitchen yandika ati: “Igihugu ca Ofiru ubwaco si umugani. Urujo Abaheburayo bakoresheje kumbure nko mu kinjana c’umunani [B.G.C.] ruranditseko bimwe bitomoye amajambo magufi agira ati: ‘Inzahabu y’i Ofiru igenewe Beti-horoni, ipima shekeli 30.’ Ayo majambo arerekana ko i Ofiru hari ahantu habaho koko hava inzahabu, cokimwe n’amajambo dusanga mu bisomwa vy’Abanyamisiri avuga ngo ‘Inzahabu z’i Amau,’ canke ‘Inzahabu z’i Punti canke ‘Inzahabu z’i Kushi.’ Izo nzahabu baziha izina bisunze izina ry’igihugu zivamwo canke bashaka kwerekana ubwoko bw’inzahabu zaho.”

[Ifoto ku rup. 15]

Aburahamu ari kw’irembo ry’igisagara, arondera kugura itongo

[Ifoto ku rup. 15]

Urujo Abaheburayo bakoresheje ruriko ivyandiko bivuga izina rya Ofiru

[Abo dukesha ifoto]

Collection of Israel Antiquities Authority, Photo © The Israel Museum, Jerusalem

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika