Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni igiki kizogufasha kurera abana ku buryo bazoba abitwararika ibintu?
‘Nuhe icitegererezo’ umwana wawe mu bijanye no kugaragaza inyifato yo kwitwararika ibintu. (Yoh. 13:15) Niwitege ibintu vyumvikana; uko arushiriza gukura, urashobora kumwitegako vyinshi mu bijanye no kugira isuku, kwubahiriza umwanya, be n’ibikorwa bijanye n’ishure. Nuronse umwana wawe ubuyobozi butomoye kugira ngo umumenyereze kwitwararika ivyo ajejwe.—1/5, urupapuro 19-20.
• Kubera iki Imana itahanye Aroni igihe yahingura imasa y’inzahabu?
Aroni yararenze koko itegeko Imana yatanze ku bijanye no gusenga ibigirwamana. (Kuv. 20:3-5) Ariko rero, Musa yarasenze Imana asabira Aroni, kandi ugusaba kwiwe kwaragize “inguvu nyinshi.” (Yak. 5:16) Aroni yari yarabaye umwizigirwa. Kandi naho abantu bajijuye Aroni ngo ahingure iyo masa, mu nyuma yarerekanye ko umutima wiwe utari ubashigikiye, kubera ko yifatanije na bene Lewi mu kuja ku ruhande rwa Yehova. (Kuv. 32:25-29)—15/5, urupapuro 21.
• Igihugu ca Ofiru, ikivugwa muri Bibiliya ko cavamwo inzahabu, cari giherereye hehe?
Kugira ngo Salomo azane inzahabu azikuye i Ofiru, yarakoreye amato i Eziyoni-geberi. (1 Abm. 9:26-28) Ico kivuko cari giherereye ku mutwe w’Ikigobe ca Aqaba hafi y’ahitwa muri kino gihe Elat na Aqaba, ku Kiyaga Gitukura. Ku bw’ivyo, Ofiru hashobora kuba hari haherereye muri Arabiya, hafi y’Ikiyaga Gitukura canke ku nkengera yaco ya Afirika kibure ku nkengera yaco y’Ubuhindi.—1/6, urupapuro 15.
• ‘Umuti wo gusomōra w’i Gileyadi’ ni iki? (Yer. 8:22)
Amavuta yo gusomōra yari amavuta amota y’ibirirarira yava mu biterwa bitandukanye vyamera mu bibanza bitari bimwe, nka Gileyadi no mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani. Kubera ko yavura, barayasiga ku bikomere. Kuba ivya Isirayeli vyari biteye akagongwe vyari bikwiye gutuma iryo hanga rirondera umuti, mugabo abo bantu nta vyo bagize. (Yer. 8:9)—1/6, urupapuro 21-22.
• Ni ibiki vyoshobora gufasha umukirisu kwihangana igihe uwo bubakanye arenze ibigo?
Igihe uwahemukiwe muri abo bubakanye aba yaragerageje kubaho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ntibikenewe ko yumva yiyagirije kubera ukwo guhemukirwa n’uwo yarenze ibigo. Imana irazi ivyo ukeneye kugira ngo uhumurizwe wongere uremeshwe. Yoshobora kuguhumuriza biciye ku bakirisu bagenzawe.—15/6, urupapuro 30-31.
• Wokora iki kugira ngo ufashe umuntu arwaye?
Nube umuntu azi gutega yompi. (Umus. 3:1, 7) Nubabarane na we wongere umwubahirize. (Rom. 12:15) Nube uwuremesha wongere ugire ico ufashije. (Kol. 4:6; 1 Yoh. 3:18) Numugume hafi. (Imig. 17:17)—1/7, urupapuro 10-13.
• Tuzi gute yuko Imana itagize intango?
Musa yarabivuze mw’isengesho. (Zab. 90:2) Ni co gituma Yehova afise izina ry’icubahiro yisangije ari ryo “Umwami w’ibihe bidahera.” (1 Tim. 1:17)—1/7, urupapuro 28.
• Ushobora gute kwinjiza mu bana bawe ugukunda gusoma?
Ugutuma harangwa urukundo be n’akarorero ka kivyeyi birafasha kwinjiza mu bana ugukunda gusoma. Vyongeye, nubaronse ibitabu. Nimusome n’ijwi ryumvikana. Nubaremeshe kugira uruhara, muganire ku vyo muba mwasomye. Nusabe abana bawe bagusomere, kandi ubahimirize kubaza ibibazo.—15/7, urupapuro 26.
• Kubera iki Yezu ataciye yihutira kuja kuraba umugenzi wiwe Lazaro yari arwaye ngo amukize?
Igihe Yezu yashika, Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. Mu kurindira, Yezu yarashinze intahe nziza kuruta ku vyerekeye Se wiwe. Ivyo vyatumye benshi bacika abemera. (Yoh. 11:45)—1/8, urupapuro 14-15.
• “Ibitabo . . . vyo ku mpinga z’imisozi” vyari ibiki?
Akenshi, vyerekeza ku bibanza bitubakiye vyaba biri ku masonga y’imisozi canke ibindi bibanza vyagirirwamwo ugusenga kw’ikinyoma. Rimwe na rimwe abantu barashinga mu bibanza binaka ibicaniro, inkingi nyeranda be n’ibindi bintu vyakoreshwa mu vyo gusenga kugira ngo bagire imigenzo Imana yiyamiriza. (Guh. 33:52)—1/8, urupapuro 23.