ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 24 rup. 62-rup. 63 ing. 2
  • Bararenze ku vyo basezeranye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bararenze ku vyo basezeranye
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Inyana y’Inzahabu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Igisaka caka umuriro
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 24 rup. 62-rup. 63 ing. 2
Abisirayeli bariko baririmbira ya nyana y’inzahabu bongera bayitambira

ICIGWA CA 24

Bararenze ku vyo basezeranye

Yehova yabwiye Musa ati: ‘Duga uze ku musozi. Nzokwandika amategeko yanje ku bisate vy’amabuye hanyuma ndabiguhe.’ Musa yaraduze nya musozi amarayo imisi 40 n’amajoro 40. Musa ari kuri uwo musozi, Yehova yaranditse ya Mabwirizwa cumi ku bisate bibiri vy’amabuye aca arabimuha.

Musa agira aterere hasi vya bisate vy’amabuye

Musa akiri ku musozi, Abisirayeli bibajije ko yabahevye. Babwiye Aroni bati: ‘Dushaka umuntu atuyobora. Nudukorere imana!’ Aroni yabishuye ati: ‘Nimumpe inzahabu zanyu.’ Yaciye aziterera mu muriro zirashonga maze azikoramwo igishusho c’inyana. Abantu baciye bavuga bati: ‘Iyi nyana ni yo Mana yacu yadukuye mu Misiri!’ Baciye batangura gusenga iyo nyana y’inzahabu, baragira n’umusi mukuru. None ivyo vyoba vyari bibi? Vyari bibi cane, kuko bari baremeye ko bazosenga Yehova wenyene.

Yehova yarabonye ivyo bariko baragira, aca abwira Musa ati: ‘Manuka urabe ba bantu. Bangambarariye. Bariko basenga ikigirwamana.’ Musa yaciye amanuka afise vya bisate bibiri.

Musa ariko aregera ikambi, yarumvise abantu bariko bararirimba. Yaciye ababona bariko baratamba bongera bunamira ya nyana. Yarababaye cane, aca aterera hasi vya bisate bibiri biramanyagurika. Yaciye amenagura ya nyana. Yabajije Aroni ati: ‘Vyagenze gute ngo aba bantu baguhende ku buryo ukora ikintu nk’iki?’ Aroni yamwishuye ati: ‘Ntunshavurire. Urazi uko aba bantu bameze. Bansavye ngo ndabakorere imana, nca nterera inzahabu zabo mu muriro ndabakorera iyi nyana!’ Aroni ntiyari akwiye gukora ico kintu. Musa yarasubiye ku musozi aratakambira Yehova ngo ababarire abo bantu.

Yehova yarababariye abashaka kumugamburukira. Woba ubona igituma vyari bihambaye ko Abisirayeli baguma bagamburukira Musa?

«Igihe cose usezeraniye Imana ikintu, ntutebe kugishitsa kuko idahimbarwa n’ibijuju. Nushitse ico wasezeranye.»​—Umusiguzi 5:4

Ibibazo: Ni igiki Abisirayeli bakoze igihe Musa atari ahari? Musa yakoze iki agarutse?

Kuvayo 24:12-18; 32:1-30

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika