ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 36
  • Inyana y’Inzahabu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyana y’Inzahabu
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Bararenze ku vyo basezeranye
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yehova Atanga Amategeko
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 36

INKURU YA 36

Inyana y’Inzahabu

YUUU! Ubona abo bantu bariko bagira ibiki? Bariko basenga inyana! Ni kuki bariko bagira ivyo none?

Musa yari yātevye ku musozi, abantu baca bavuga ngo ‘ntituzi ico yabaye.’ Bati ‘ingo rero dukore imana, ituyobore tuve ngaha.’

Aroni mwenewabo na Musa abishura ngo ‘ivyo ni vyo.’ Ati ‘ni mwiyambure ibisharizo vy’inzahabu biri ku matwi yanyu mubinzanire.’ Barabimuha arabiyaza, abicuramwo inyana. Bose baca bavuga bati: ‘Iyi ni yo mana yacu yadukuye i Misiri!’ Bararya, baratamba basenga iyo nyana.

Yehova abibonye arashavura cane. Abwira Musa ati: ‘Manuka n’ingoga, ba bantu bariko bakora nabi cane. Baramaze kwibagira ya mategeko yanje, bariko basenga inyana y’inzahabu.’

Musa arashunguruka, amaze kwegera asanga ni vyo bariko baragira koko. Bāriko bavyina kandi batambira nya nyana! Arashavura cane, ata hasi ya mabuye yariko amategeko arasanzara. Afata nya nyana arayiyaza, arayisya iba ifu.

Abo bantu bāri bakoze nabi cane. Musa abarira abagabo bamwe ngo bafate inkota, ati: ‘Abāsenze inyana bategerezwa gupfa.’ Bīca abantu 3 000! Ivyo ntivyerekana ko dukwiye kwirinda gusenga izindi mana kiretse Yehova?

Kuvayo 32:1-35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika