ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/1 rup. 26-30
  • Ubuherezi bwa cami buzozanira ivyiza abantu bose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuherezi bwa cami buzozanira ivyiza abantu bose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUHANGO UJANYE N’UBUHEREZI BWA CAMI
  • ABAGIZE ISEZERANO RISHASHA BACIKA UBUHEREZI BWA CAMI
  • UBUHEREZI BWA CAMI BURAZANIRA IVYIZA ABANTU BOSE
  • UBUHEREZI BWA CAMI BUZOSOZERA IGIKORWA CABWO
  • Muzoba “ubwami bw’abaherezi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Imigisha Ihambaye Kuruta Biciye kw Isezerano Risha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Urashobora kwungukira kuri rya sezerano rishasha
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/1 rup. 26-30

Ubuherezi bwa cami buzozanira ivyiza abantu bose

“Mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe.’”​—1 PET. 2:9.

WOSHOBORA KUBISIGURA?

  • Ubuherezi bwa cami bwatanguye gusezeranwa ryari?

  • Abagize isezerano rishasha bacika gute ubuherezi bwa cami?

  • Ni ivyiza ibihe ubuherezi bwa cami buzozanira abantu?

1. Ni kubera iki “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba” zitwa kandi Icibutso, kandi zifise intumbero iyihe?

KU MUGOROBA wo ku wa 14 Nisani mu mwaka wa 33 G.C., Yezu Kristu n’intumwa ziwe 12 barahimbaje Pasika y’Abayuda ari bwo bwa nyuma. Yezu amaze kurungika wa muguranyi Yuda Isikariyoti, yaratanguje ihimbaza ritandukanye n’iryo, iryahavuye ryitwa “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.” (1 Kor. 11:20) Yezu yavuze incuro zibiri ngo: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” Iryo himbaza ryitwa kandi Icibutso. Ni ikiringo kidasanzwe aho twibuka ivyo Kristu yakoze, na canecane kuba yaradupfiriye. (1 Kor. 11:24, 25) Mu kugamburuka iryo tegeko, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barahimbaza Icibutso uko umwaka utashe. Mu 2012, ku kirangamisi c’Abayuda, igenekerezo rya 14 Nisani ritangura ku wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza izuba rirenze.

2. Yezu yavuze iki ku bijanye n’ibimenyetso yakoresheje?

2 Ivyo Yezu yakoze be n’ivyo yavuze ico gihe, umwigishwa Luka abivuga muri make mu mirongo ibiri ati: “Atora n’umukate, arakenguruka, arawumanyura, arawubaha, avuga ati: ‘Iki gisobanura umubiri wanje ugiye gutangwa ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.’ N’igikombe nyene akigenza kuno bamaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: ‘Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje, ayagiye guseswa ku bwanyu.’” (Luka 22:19, 20) Izo ntumwa zatahuye gute ayo majambo?

3. Intumwa zatahuye gute amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’umukate be n’umuvinyu?

3 Kubera ko izo ntumwa bari Abayuda, bari bamenyereye cane ibijanye n’ibimazi vy’ibitungwa abaherezi bashikanira Imana ku rusengero i Yeruzalemu. Mwene ayo mashikanwa bayatanga kugira ngo bashimwe na Yehova, kandi menshi muri yo yari ibimazi vyatuma bababarirwa ibicumuro. (Lew. 1:4; 22:17-​29) Igihe Yezu yavuga rero yuko umubiri wiwe n’amaraso yiwe vyari bigiye ‘gutangwa no guseswa ku bw’intumwa,’ zino zatahuye yuko yashaka kuvuga ko yotanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bube ikimazi. Cobaye ikimazi gifise agaciro karuta kure n’iyo ak’ibimazi vy’ibitungwa.

4. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje”?

4 Tuvuge iki ku bijanye n’amajambo Yezu yavuze ngo “iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje”? Izo ntumwa zari zizi bwa buhanuzi buvuga ivyerekeye isezerano rishasha buri muri Yeremiya 31:31-​33. (Soma.) Ayo majambo ya Yezu yerekana ko ico gihe yariko aratanguza iryo sezerano rishasha, iryari gusubirira rya sezerano ry’Itegeko Yehova yari yaragiranye na Isirayeli biciye kuri Musa. None ayo masezerano abiri yoba yari afitaniye isano?

5. Isezerano ry’Itegeko ryatumye Isirayeli ironka uturyo utuhe?

5 Egome, intumbero z’ayo masezerano zari zifitaniye isano cane. Igihe Yehova yatanguza rya sezerano ry’Itegeko, yabwiye ihanga rya Isirayeli ati: “Nimwagamburuka vy’ukuri ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose, kuko isi yose ari rwanje. Kandi ubwanyu muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.” (Kuv. 19:5, 6) Abisirayeli batahura gute ayo majambo?

UMUHANGO UJANYE N’UBUHEREZI BWA CAMI

6. Isezerano ry’Itegeko ryafashije Yehova gushitsa uwuhe muhango?

6 Abisirayeli baratahura ijambo “isezerano,” kubera ko Yehova yari yaragiranye amasezerano nk’ayo na ba sekuruza babo ari bo Nowa na Aburahamu. (Ita. 6:18; 9:8-​17; 15:18; 17:1-9) Yehova yari yarahaye Aburahamu umuhango ugira uti: “Biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro,” ico kikaba cari kimwe mu vyari bigize isezerano yagiraniye na we. (Ita. 22:18) Yehova yashizeho isezerano ry’Itegeko kugira ngo rimufashe gushitsa uwo muhango. Hishimikijwe iryo sezerano, Isirayeli yari gucika “inyegu [ya Yehova] idasanzwe mu bindi bisata vyose.” Ku bw’iyihe ntumbero? Kugira ngo ‘ibere Yehova ubwami bw’abaherezi.’

7. Imvugo ngo “ubwami bw’abaherezi” yasobanura iki?

7 Abisirayeli bari bamenyereye abami n’abaherezi, mugabo Melekisedeki ni we muntu wenyene wa kera yari yarabaye umwami n’umuherezi icarimwe bishigikiwe na Yehova. (Ita. 14:18) Biciye kw’isezerano ry’Itegeko, Yehova yarahaye iryo hanga akaryo ko kuronka “ubwami bw’abaherezi.” Nk’uko Ivyanditswe vyahavuye bivyerekana, ako kari akaryo ko gutanga ubuherezi bwa cami, ni ukuvuga abami bobaye n’abaherezi.​—1 Pet. 2:9.

8. Ni ibikorwa ibihe abaherezi bagenywe n’Imana bakora?

8 Turazi ko umwami aganza. None umuherezi we akora iki? Mu Baheburayo 5:1 hasigura hati: “Umuherezi mukuru wese akuwe mu bantu agenwa ku bw’abantu ku bintu vyerekeye Imana, kugira ashikane amashikanwa n’ibimazi ku bw’ibicumuro.” Umuherezi yagenywe na Yehova rero araserukira abantu b’abacumuzi imbere y’Imana biciye ku mashikanwa yashinzwe, akayitakambira ku bwabo. N’ikindi kandi, umuherezi araserukira Yehova imbere y’abantu mu kubigisha amategeko y’Imana. (Lew. 10:8-11; Mal. 2:7) Muri ubwo buryo bwompi, umuherezi yagenywe n’Imana arafasha abantu b’abacumuzi gusubiza hamwe na yo.

9. (a) Isirayeli yasabwa iki kugira ngo ishitse wa muhango ujanye no gucika “ubwami bw’abaherezi”? (b) Ni kubera iki Yehova yashizeho ubuherezi muri Isirayeli? (c) Ni igiki cabujije Isirayeli gucika “ubwami bw’abaherezi” mu gihe ca rya sezerano ry’Itegeko?

9 Gutyo, isezerano ry’Itegeko ryaraha Isirayeli akaryo ko gucika ubuherezi bwa cami bwozaniye ivyiza “ibindi bisata vyose.” Ariko rero kugira ngo Abisirayeli bungukire kuri ako karyo kadasanzwe, hari ico basabwa. Yehova yababwiye ati: “Nimwagamburuka vy’ukuri ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje.” Abisirayeli boba bari gushobora ‘kugamburuka vy’ukuri ijwi rya Yehova’? Biboneka yuko bari kubishobora. Boba none bari kubigira mu buryo butagira agahaze? Oya. (Rom. 3:19, 20) Ni co gituma Yehova yabaye arashiraho abaherezi muri Isirayeli, bano bakaba bari batandukanye n’abami, kugira ngo baze baratanga ibimazi vy’ibitungwa ku bw’ibicumuro vy’abantu. (Lew. 4:1–​6:7) Muri ivyo bicumuro harimwo n’ivy’abaherezi ubwabo. (Heb. 5:1-3; 8:3) Yehova yaremera ivyo bimazi, mugabo ntivyashobora gukuraho rwose ibicumuro vya bene kubitanga. Ubuherezi bwari buhari mu gihe c’isezerano ry’Itegeko ntibwashobora gutuma mbere n’Abisirayeli b’umutima nziraburyarya basubiza hamwe n’Imana bimwe vyuzuye. Intumwa Paulo yabivuze muri ubu buryo: “[Ntibi]shoboka ko amaraso y’amashūri n’ay’impene akuraho ibicumuro.” (Heb. 10:1-4) Kubera yuko Abisirayeli barenze iryo Tegeko, mu vy’ukuri baragiye munsi y’umuvumo. (Gal. 3:10) Kubera ko ivyabo vyari vyifashe gutyo, ntibari gushobora kuba ubuherezi bwa cami ku bw’ineza y’ibindi bisata vyo kw’isi.

10. Rya sezerano ry’Itegeko ryari rifise intumbero iyihe?

10 Umuhango Yehova yari yarabahaye w’uko bari gushobora gucika “ubwami bw’abaherezi,” woba none waciye uhagarara? Ihibambewe! Iyo bagerageza kugamburuka babikuye ku mutima, bari kwungukira kuri ako karyo, mugabo batakigabwa n’Itegeko. Uti kubera iki? (Soma Abagalatiya 3:19-​25.) Abihatiye gukurikiza iryo Tegeko badahemuka, ryarabafashije kuzigama ugusenga gutyoroye. Ryaratumye Abayuda batahura ko ari abacumuzi be n’uko bakeneye ikimazi gihambaye kuruta ico umuherezi mukuru wabo yashobora gutanga. Ryari umurezi yobashikanye kuri Kristu, ni ukuvuga Mesiya, ayo akaba ari amazina y’icubahiro asobanura ngo “Uwarobanuwe.” Ariko rero Mesiya ashitse, yotanguje rya sezerano rishasha ryari ryaravuzwe na Yeremiya. Abemeye Kristu barabaye mu bagize iryo sezerano rishasha kandi mu vy’ukuri bobaye “ubwami bw’abaherezi.” Reka turabe ingene vyari gushoboka.

ABAGIZE ISEZERANO RISHASHA BACIKA UBUHEREZI BWA CAMI

11. Ni gute Yezu yabaye umushinge w’ubuherezi bwa cami?

11 Mu 29 G.C., Yezu w’i Nazareti yarabaye Mesiya. Afise nk’imyaka 30, yaritanze ngo akore ikintu kidasanzwe Yehova yagomba ko akora, ivyo akaba yavyerekanye mu kubatizwa mu mazi. Yehova yaremeje icese ko ari “Umwana [wiwe], umukundwa,” aramurobanura, adakoresheje amavuta mugabo akoresheje impwemu nyeranda. (Mat. 3:13-​17; Ivyak. 10:38) Ukwo kurobanurwa kwatumye ashingwa igikorwa co kuba Umuherezi Mukuru w’abantu bose bamwizera be n’ico kuzobabera Umwami. (Heb. 1:8, 9; 5:5, 6) Yarabaye umushinge w’ubuherezi bwa cami nyabwo.

12. Ni ibiki inkuka ya Yezu yatumye bishoboka?

12 Ni ikimazi ikihe Yezu we Muherezi Mukuru yari gutanga kigapfuka rwose igicumuro abamwizera barazwe? Nk’uko yavyerekanye igihe yariko aratanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, ubuzima yari afise ari umuntu atagira agasembwa ni bwo bwari ico kimazi. (Soma Abaheburayo 9:11, 12.) Kuva aho abatirijwe mu 29 G.C., Yezu, we Muherezi Mukuru, yaremeye gushikirwa n’ibigeragezo yongera aramenyerezwa gushika apfuye. (Heb. 4:15; 5:7-​10) Amaze kuzuka, yaraduze mw’ijuru maze ashikanira Yehova ubwiwe agaciro k’ikimazi ciwe. (Heb. 9:24) Inyuma y’aho, Yezu yarashobora gutakambira Yehova ku bw’ineza y’abizera ikimazi yatanze akongera akabafasha gukorera Imana biteze kuzobaho ibihe bidahera. (Heb. 7:25) Inkuka yiwe yaratumye kandi rya sezerano rishasha ryemezwa.​—Heb. 8:6; 9:15.

13. Ni ibiki vyoshikiye abagize isezerano rishasha?

13 Abagize isezerano rishasha bobwirijwe kandi kurobanuzwa impwemu nyeranda. (2 Kor. 1:21) Hatanguye kubamwo Abayuda b’abizigirwa hanyuma Abanyamahanga. (Ef. 3:5, 6) None abagize iryo sezerano rishasha vyobagendeye gute? Ibicumuro vyabo vyobabariwe rwose. Yehova yari yarasezeranye ati: “Nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.” (Yer. 31:34) Ubwa kabiri, kubera ko ibicumuro vyabo vyokuweho mu buryo buhuye n’amategeko, bokwemerewe kuba “ubwami bw’abaherezi.” Petero yandikiye abakirisu barobanuwe ati: “Mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wayo w’agatangaza.” (1 Pet. 2:9) Ng’aho Petero arasubiramwo amajambo Yehova yabwiye Isirayeli igihe yashiraho rya Tegeko, maze akayerekeza ku bakirisu bari mw’isezerano rishasha.​—Kuv. 19:5, 6.

UBUHEREZI BWA CAMI BURAZANIRA IVYIZA ABANTU BOSE

14. Abagize ubuherezi bwa cami bokoreye hehe?

14 Abagize isezerano rishasha bokoreye hehe? Bokoreye kw’isi. Uko ari umugwi bogize ubuherezi, bagaserukira Yehova imbere y’abantu mu ‘kumenyesha hose kamere z’agahebuza ziwe’ no mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu. (Mat. 24:45; 1 Pet. 2:4, 5) Bamaze gupfa hanyuma bakazuka, bokoranye na Kristu mw’ijuru ari abami n’abaherezi, bakarangura bimwe bishitse ayo mabanga yompi. (Luka 22:29; 1 Pet. 1:3-5; Ivyah. 1:6) Mu kwemeza ico kintu, intumwa Yohani yarabonye mu vyo yeretswe ibiremwa vy’impwemu bitari bike hafi y’intebe y’ubwami ya Yehova mw’ijuru. Mu “ruririmbo rushasha” vyaririmbira “wa Mwagazi,” vyagira biti: “Ukoresheje amaraso yawe . . . wa[ra]guriye Imana abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose, kandi wabagize ubwami n’abaherezi ku Mana yacu, kandi bazoganza isi.” (Ivyah. 5:8-​10) Mu vyo Yohani yeretswe mu nyuma, aravuga ibijanye n’abo batware ati: “Bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi.” (Ivyah. 20:6) Bari kumwe na Kristu, bagize ubuherezi bwa cami buzozanira ivyiza abantu bose.

15, 16. Ni imihezagiro iyihe ubuherezi bwa cami buzozanira abantu?

15 Ni ivyiza ibihe bamwe 144.000 bazozanira abazoba bari kw’isi? Mu Vyahishuwe ikigabane ca 21 havuga ko abo bagize ubuherezi bwa cami ari igisagara co mw’ijuru, Yeruzalemu Nshasha, citwa “umugore wa wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 21:9) Kuva ku murongo wa 2 gushika ku wa 4 hagira hati: “Mbona kandi ca gisagara ceranda, Yeruzalemu Nshasha, kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, giteguwe nk’umugeni asharirijwe umugabo wiwe. Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: ‘Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.’” Mbega imihezagiro myiza igitangaza! Urupfu nirwavaho, hazoba havuyeho ikintu nyamukuru gituma haba amarira, ikigandaro, amaborogo n’ububabare. Ivyo bizotuma abantu b’abizigirwa baba abatagira agasembwa, basubize hamwe n’Imana bimwe bishitse.

16 Mu kudondora iyindi mihezagiro ubuherezi bwa cami buzozana, mu Vyahishuwe 22:1, 2, hagira hati: “Anyereka uruzi rw’amazi y’ubuzima, rurongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama rumanuka hagati mu nzira yagutse ya [Yeruzalemu Nshasha]. Kandi hakuno y’urwo ruzi no hakurya hari ibiti vy’ubuzima vyera incuro cumi na zibiri mu mwaka, bikama ivyamwa vyavyo buri kwezi. Amababi ya nya biti na yo yari ayo kuvūra amahanga.” Biciye kuri izo ntunganyo z’ikigereranyo, “amahanga,” ni ukuvuga imiryango yose yo kw’isi, azovūrwa akire rwose agasembwa yarazwe na Adamu. Mu vy’ukuri, ‘ivya kera bizoba vyagiye.’

UBUHEREZI BWA CAMI BUZOSOZERA IGIKORWA CABWO

17. Ubuherezi bwa cami buzoba bwakoze iki ku mpera ya ya myaka 1.000?

17 Ku mpera y’imyaka 1.000 ubuherezi bwa cami buzomara buriko burarangura igikorwa ngirakamaro, buzoba bwamaze gufasha abatwarwa babwo bo kw’isi kuba abatagira agasembwa. Kristu, we Muherezi Mukuru akaba n’Umwami, azoca ashikiriza Yehova umuryango w’abantu uzoba utagira agasembwa. (Soma 1 Abakorinto 15:22-​26.) Ubwo buherezi bwa cami buzoba bwashikije bimwe bishitse intumbero yabwo.

18. Abagize ubuherezi bwa cami nibamara kurangura igikorwa cabo, Yehova azobakoresha gute?

18 None inyuma y’aho, Yehova azokoresha gute abo bantu batewe agateka kadasanzwe ko gufadikanya na Kristu kuganza? Twisunze ibivugwa mu Vyahishuwe 22:5, “bazoganza ibihe bitazoshira.” None bazoganza bande? Bibiliya nta vyo ivuga. Mugabo ubuzima budapfa kandi butabora bazoba bafise be n’ubuhanga bazoba bararonse mu gufasha abantu b’abanyagasembwa, bizotuma baba abakwije ibisabwa kugira ngo bagume ari abami bakoreshwa na Yehova mu kurangura imigambi yiwe ibihe bidahera.

19. Abazokwitaba Icibutso bose bazokwibutswa iki?

19 Igihe tuzoba dukoraniye hamwe kugira ngo duhimbaze Icibutso c’urupfu rwa Yezu ku wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2012, tuzokwibutswa izo nyigisho zo muri Bibiliya. Amasigarira y’abakirisu barobanuwe akiri kw’isi azofungura ku bimenyetso vy’umukate utambiwe n’umuvinyu utukura, ivyo bikazoba vyerekana ko ari mu bagize isezerano rishasha. Ivyo bimenyetso bigereranya ikimazi ca Kristu, bizobibutsa uduteka tudasanzwe batewe be n’amabanga ahambaye bafise mu mugambi w’Imana w’ibihe bidahera. Ese twese twokwitaba ico Cibutso dukenguruka bimwe bigera kure iyo ntunganyo Yehova Imana yashizeho ijanye n’ubuherezi bwa cami buzozanira ivyiza abantu bose!

[Ifoto ku rup. 29]

Ubuherezi bwa cami buzozanira abantu ivyiza vyamaho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika