ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/1 rup. 14
  • ‘Nzoshobora nte kwamamaza?’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nzoshobora nte kwamamaza?’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • “Sinari bwigere ngaragarizwa urukundo mwene urwo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/1 rup. 14

‘Nzoshobora nte kwamamaza?’

Hirya no hino kw’isi, turafise uturorero tudasanzwe twa bene wacu na bashiki bacu bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza badahemuka naho baba bafise ingorane zikomeye z’amagara. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Dalia, uno akaba aba i Vilnius, umurwa mukuru wa Lituwaniya.

Dalia ni mushiki wacu ageze mu myaka 35. Kuva akivuka, yarashikiwe n’ingorane zaturuka ku kuba yarava amaraso mu bwonko. Iyo ngorane yatumye amugara kandi ituma ataba akivuga ngo atobore. Ku bw’ivyo, abo mu muryango wiwe ni bo bonyene bashobora kwumva neza ivyo avuga. Dalia abana na nyina wiwe Galina, uno akaba ari we amuronsa ivyo akenera. Naho ubuzima bwa Dalia bwuzuye ingorane n’amaganya, aguma abona ibintu mu buryo bwiza. None ivyo bishoboka bite?

Galina asigura ati: “Mu 1999, uwitwa Apolonija, akaba ari mwene wacu wo kwa mamawacu, yaraje kuturamutsa. Twarabonye ko Apolonija, uno akaba ari Icabona ca Yehova, yatahura neza ivyari muri Bibiliya yiwe. Dalia yaciye atangura kumubaza ibibazo vyinshi. Bidatevye, Dalia yaratanguye kwiga Bibiliya. Rimwe na rimwe, narifatanya na bo muri iyo nyigisho kugira ngo mfashe gusobanura ivyo Dalia yavuga. Ariko rero, narabonye ko ibintu vyose yariko ariga vyamugirira akamaro vy’ukuri. Bidatevye na jewe narasavye ko nokwiga Bibiliya.”

Uko Dalia yagenda aratahura ukuri kwo muri Bibiliya, hari ikibazo carushiriza kumuvuruga ubwenge. Yahavuye aserura iciyumviro ciwe, abaza Apolonija ati: “Umuntu nkanje w’ikimuga yoshobora ate kwamamaza?” (Mat. 28:19, 20) Apolonija yarasubirije umutima mu nda Dalia atekanye ati: “Ntutinye. Yehova azogufasha.” Kukaba nkako, Yehova aramufasha.

None Dalia yamamaza ate? Abigira mu buryo butari buke. Bashiki bacu bakirisu baramufasha gutegura amakete arimwo ubutumwa bwo muri Bibiliya. Dalia atangura kubabwira ivyiyumviro vyiwe, hanyuma bakandika ikete ririmwo ivyo vyiyumviro. Dalia aramamaza kandi inkuru nziza mu kurungika ubutumwa akoresheje telefone yiwe ngendanwa. Vyongeye, igihe ikirere kiba cifashe neza, abagize ishengero baramusohokana kugira ngo ayagishe abo bahura mu busitani abantu basamiramwo akayaga bwo muri ako karere no mw’ibarabara.

Dalia na nyina wiwe barabandanije gutera imbere mu vy’impwemu. Bompi bariyeguriye Yehova maze babatizwa muri Munyonyo 2004. Muri Nyakanga 2008, i Vilnius harashinzwe umugwi ukoresha ururimi rw’igipolonye. Kubera yuko uwo mugwi wari ukeneye abamamaji b’Ubwami biyongereye, Dalia na nyina wiwe barifatanije na wo. Dalia avuga ati: “Birashika ngahagarika umutima mu mezi amwamwe kubera ko haba haciye igihe ntaja mu busuku. Mugabo maze gusenga Yehova ku bijanye n’ico kintu, nama nca ndonka umuntu ansaba ko twojana mu busuku.” None mushiki wacu twikundira Dalia yumva amerewe gute ku bijanye n’ukuntu ivyiwe vyifashe? Avuga ati: “Iyo ndwara yaramugaje umubiri wanje, mugabo ntiyamugaje ubwenge bwanje. Ndahimbarwa cane kuba nshobora kubwira abandi ivyerekeye Yehova!”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika