Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 29 Ndamukiza 2013. Harashizwemwo n’igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Ni icibutswa gihambaye ikihe Yezu yatanze ku bijanye n’umubano w’ababiranye nk’uko biri muri Mariko 10:6-9? [4 Ntwar., w08 15/2 rup. 30 ing. 8]
2. Bisobanura iki gusukurira Yehova n’ubuzima bwacu bwose? (Mrk. 12:30) [4 Ntwar., w97-RU 1/11 rup. 9 ing. 4 canke w97-F 15/10 rup. 13 ing. 4]
3. “Ububabare nk’ubw’ibise” buvugwa muri Mariko 13:8 bwerekeza kuki? [11 Ntwar., w08 15/3 rup. 12 ing. 2]
4. Igihe Luka yariko arandika Injili yiwe, ivyo yandika yabikura he? (Luka 1:3) [18 Ntwar., w09 15/3 rup. 32 ing. 4]
5. Kuba Shetani arondera “akaryo keza” kugira ngo agerageze ugutungana kwacu bikwiye gutuma dukora iki? (Luka 4:13) [25 Ntwar., w11 15/1 rup. 23 ing. 10]
6. Twoshira gute mu ngiro amajambo ari muri Luka 6:27, 28? [25 Ntwar., w08 15/5 rup. 8 ing. 4]
7. Ni kubera iki Yezu yahariye umugore w’umucumuzi imbere y’uko apfa bwa nkuka y’incungu? (Luka 7:37, 48) [1 Ndam., w10 15/8 rup. 6-7]
8. Ni mu buryo ki abayoboke ba Kristu bategerezwa ‘kwanka’ incuti zabo? (Luka 14:26) [15 Ndam., w08 15/3 rup. 32 ing. 1; gt ikig. 84 ing. 3]
9. “Ibimenyetso mu zuba n’ukwezi n’inyenyeri” bizogira ico bikoze gute ku bantu? (Luka 21:25) [22 Ndam., w97-RU 1/4 rup. 26 ing. 8-9 canke w97-F 1/4 rup. 15 ing. 8-9]
10. Twokwigana gute ukuntu Yezu yasenga igihe duhanganye n’ibigeragezo canecane bikomeye? (Luka 22:44) [29 Ndam., w07 1/8 rup. 6 ing. 2]