Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Bavukanyi na bashiki bacu bakundwa,
Dawe wa twese wo mw’ijuru, Yehova, ni we karorero ntangere k’urukundo. Kanatsinda, Bibiliya ivuga iti: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Naho Yehova ari Mushoboravyose, Ijambo ryiwe ntiryigera rivuga ngo “Imana ni ububasha.” Amategeko yiwe ubwa mbere na mbere ayashingira ku rukundo. Ese ukuntu ivyo bituma twumva dukwegerewe kuri we!
Igishimishije, Yehova ntaduhata ngo tumukorere. Si intwazagikenye. Yipfuza ko tumusukurira tubitumwe n’urukundo ruvuye ku mutima. Ivyo tubigize, tuba twerekanye ko twipfuza gutegekwa na we kubera ko twemera yuko uburyo bwiwe bwo gutegeka bugororotse kandi buranga urukundo. Ivyo vyaragaragaye kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu.
Aho guhata Adamu na Eva ngo bamugamburukire, Yehova yarabahaye akaryo ko kwihitiramwo. Iyo baza kuba bakunda vy’ukuri Yehova bakongera bagaha agaciro ivyo yari yarabakoreye, bari gutsinda utwigoro Shetani yagize arondera ko bagarariza.
Mu nyuma, mu nsiguro ya nyuma Musa yashikirije ihanga rya Isirayeli harimwo aya majambo avuga ati: “Raba, nshize imbere yawe uno musi ubuzima n’iciza, urupfu n’ikibi.” (Gus. 30:15) Abantu bari bafise umwidegemvyo wo guhitamwo ukuntu bipfuza kubaho. Mu buryo busa n’ubwo, Yosuwa yabwiye Abisirayeli ati: “Nimba ari bibi mu maso yanyu gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera.” Abantu bishuye Yosuwa bati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe guheba Yehova.” (Yos. 24:15, 16) Ukwo ni ko twiyumva muri iki gihe. Kubera ko dukunda Yehova, “ni ibitokwiyumvirwa” ko twomuheba.
Kubera ko turi mw’ishengero rya gikirisu, turatahura neza ibijanye n’ubushobozi umuntu afise bwo kwihitiramwo. Naho abakurambere barekuriwe gutanga impanuro, eka mbere no gutoza indero, ntibarondera kuganza canke gukontorora akantu kose ku bijanye n’ubuzima bw’abandi kibure ukwizera kwabo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Si uko ari twebwe tuganza ukwizera kwanyu, ahubwo turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu, kuko ukwizera kwanyu ari kwo kubahagaritse.”—2 Kor. 1:24.
Ese ukuntu usanga bihimbaye gukora ikintu kubera ko dushaka kugikora, atari kubera ko duhaswe kugikora! Yehova adusaba gukora ikintu ciza tubitumwe n’urukundo. Akamaro k’ivyo tugasanga mu majambo intumwa Paulo yanditse ahumekewe agira ati: “Naho notanga ivyo ntunze vyose kugira ngaburire abandi, naho notanga umubiri wanje kugira nirate, mugabo nkaba ntagira urukundo, nta co vyogenda bimariye.”—1 Kor. 13:3.
Ese ukuntu Yehova anezerwa kandi agashemezwa iyo abonye abavukanyi bacu na bashiki bacu amamiliyoni bariko bamukorera kubera bamukunda n’umutima wabo wose!
Yehova na we, arakunda cane abasavyi biwe bose, harimwo na mwebwe bana namwe rwaruka mwerekana ko mukunda Yehova aho gukunda isi be n’ibintu biranga ubwikunzi itanga. Kandi, nimumenye mudakeka ko tubakunda cane.—Luka 12:42, 43.
Mwebwe bavukanyi, bashiki bacu namwe rwaruka, mubitumwe n’urukundo mukunda Yehova, mu mwaka uheze mwaramaze amasaha 1.748.697.447 muriko muramamaza inkuru nziza. Bivuye ku rukundo, abantu 7.782.346 baragize uruhara mu busuku bwo mu ndimiro kw’isi yose. Turahimbawe no kuba abantu bashasha 268.777, muri bo hakaba harimwo abakiri bato, barerekanye ko biyeguriye Yehova mu kubatizwa mu mazi. Ivyo bisigura ko ari nk’aho buri mpera y’umushamvu hagiye harabatizwa abantu 5.168. Ese ukuntu ivyo bidukora ku mutima!
Muri iki gihe c’iherezo, abasavyi b’Imana babwirizwa guhangana n’ingorane nyinshi, ibintu bitoroshe, uruhamo, indwara, abandi na bo bakabwirizwa guhangana n’ubusaza. Naho biri ukwo, twiyemeje kutigera ‘dusubira inyuma’ canke ngo ‘duhebe.’ Turabakunda cane mwese.—Heb. 10:39; 2 Kor. 4:16.
Abavukanyi banyu,
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova