Itanguriro 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+. Yakobo 4:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+. Yuda 9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mugabo igihe Mikaheli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati+ na Shetani* akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana+, ahubwo yavuze ati: “Yehova aguhambarire+.” Ivyahishuwe 12:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli+ n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco Ivyahishuwe 12:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu.
17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+.
4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.
9 Mugabo igihe Mikaheli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati+ na Shetani* akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana+, ahubwo yavuze ati: “Yehova aguhambarire+.”
7 Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli+ n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco
17 Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu.