19 Yehova Imana rero abumba mu butaka igikoko cose be n’ikiremwa kiguruka cose co mu kirere, atangura kubizanira nya muntu kugira arabe uko yokwita kimwekimwe cose; kandi uko uwo muntu yita igifise ubuzima kimwekimwe cose+, ni ryo ryaba izina ryaco+.