13 Kuri Yozefu na ho avuga+ ati:
“Igihugu ciwe came gihezagirwa na Yehova+
Agihe ibintu vyiza vyo mw’ijuru, n’ikime+,
Agihe n’inyenga y’amazi arundanye epfo munsi+,
-
Yosuwa 16:1
Bibiliya y’isi nshasha
-
-
16 Nuko ubupfindo+ burasohoka ku bwa bene Yozefu+; akarere kabo kahera kuri Yorodani+ aharabana n’i Yeriko kakagenda kerekeza ku mazi ya Yeriko amaja mu buseruko, kerekeza mu gahinga kaduga mu karere k’imisozi ka Beteli+ kavuye i Yeriko.