Gusubira mu vyagezwe 33:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuri Benyamini na ho avuga+ ati:“Umukundwa+ wa Yehova niyibereho mu mutekano iruhande yiwe+,Amwugamike umusi wose+,Kandi azokwibera hagati y’ibitugu vyiwe+.” Abacamanza 20:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Muri abo bantu bose harimwo abagabo amajana indwi b’abahizi bakoresha ibamfu+. Umwe wese muri abo yari uwuteza amabuye umugozi+, agema gushika ku bwaguke bw’agashatsi kandi ntahushe. 1 Samweli 9:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini+; uze umurobanuze amavuta+ abe indongozi y’abantu banje Isirayeli. Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya+, kuko nabonye amarushwa y’abantu banje, kubera ko amaborogo yabo yanshikiriye+.”
12 Kuri Benyamini na ho avuga+ ati:“Umukundwa+ wa Yehova niyibereho mu mutekano iruhande yiwe+,Amwugamike umusi wose+,Kandi azokwibera hagati y’ibitugu vyiwe+.”
16 Muri abo bantu bose harimwo abagabo amajana indwi b’abahizi bakoresha ibamfu+. Umwe wese muri abo yari uwuteza amabuye umugozi+, agema gushika ku bwaguke bw’agashatsi kandi ntahushe.
16 “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini+; uze umurobanuze amavuta+ abe indongozi y’abantu banje Isirayeli. Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya+, kuko nabonye amarushwa y’abantu banje, kubera ko amaborogo yabo yanshikiriye+.”