ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 49:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 “Benyamini azoguma atabagura nk’ibingira+. Mu gitondo azorya igikoko cafashwe, ku mugoroba na ho agabure isahu+.”

  • 1 Samweli 17:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 Afata rero inkoni yiwe mu kuboko kwiwe, kandi yitorera mu mwonga amabuye atanu asenye kuruta ayandi maze ayashira mw’isaho yiwe y’abungere yatwaramwo ibintu, mu kuboko kwiwe na ho hakaba hari umugozi wiwe wo guteresha+. Atangura rero kwegera wa Mufilisitiya.

  • 1 Samweli 17:49
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 49 Maze Dawidi atuma ukuboko mw’isaho yiwe, akurayo ibuye, ariteresha umugozi, ku buryo akubita+ nya Mufilisitiya mu ruhanga rwiwe maze iryo buye ryinjira mu ruhanga rwiwe, aca agwa hasi yubamye+.

  • 1 Ngoma 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 bitwaza imiheto, bagakoresha ukuryo n’ukubamfu+ mu gutera amabuye+ bakoresheje umugozi canke mu kurasa imyampi+ bakoresheje umuheto+. Bari abo muri bene wabo na Sauli, bo muri Benyamini.

  • 2 Ngoma 26:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Uziya abandanya kubategurira, ni ukuvuga ingabo zose uko zingana, inkinzo+ n’amacumu+ n’inkofero+ n’amakoti y’ivyuma+ n’imiheto+ be n’amabuye atezwa umugozi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika