ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”

  • Zaburi 146:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Impwemu yiwe irasohoka+, agasubira mu butaka bwiwe+;

      Uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera+.

  • Umusiguzi 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kuko abazima bazi yuko bazopfa+; mugabo abapfuye, nta co bazi namba+, eka nta n’impembo bagifise, kuko ukwibukwa kwabo kwibagiwe+.

  • Ezekiyeli 18:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Raba! Abantu bose ni abanje+. Se w’umwana+, cokimwe n’umwana, ni abanje+. Umuntu* acumura+ ni we azopfa+.

  • Abaroma 5:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ni co gituma, nk’uko igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe+ urupfu+ na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye+...

  • 1 Abakorinto 15:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa+, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika