Abalewi 10:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Kubera iki mutaririye rya shikanwa ry’igicumuro ahantu heranda+, kandi ari ikintu ceranda rwose, akaba yakibahaye ngo mwishure ikosa ry’ikoraniro kugira mubatangire impongano imbere ya Yehova+? Abalewi 22:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “‘Bategerezwa kugumya ibwirizwa ryanje, kugira ngo igicumuro ntikibajeko, bigatuma bapfa+ ku bw’ico, kubera bariko barabihumanya. Ndi Yehova uwuriko arabeza. Guharura 18:1 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nuko Yehova abwira Aroni ati: “Wewe n’abahungu bawe n’inzu ya so iri kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku heranda+, kandi wewe n’abahungu bawe bari kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku buherezi bwanyu+. Yesaya 53:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+. 2 Abakorinto 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro+ ku bwacu, kugira ngo ducike ubugororotsi bw’Imana+ biciye kuri we. Abaheburayo 9:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 ni ko na Kristu yashikanywe rimwe+ rizima kugira ngo yiremeke ibicumuro vya benshi+; kandi aho azobonekera+ irigira kabiri+ hazoba atari ku bw’igicumuro+, abonekere abamurindiranye igishika ku bw’ubukiriro bwabo+. 1 Petero 2:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite ku giti+, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro+ hanyuma tubereho gukora ivy’ubugororotsi. Kandi “mwakijijwe biciye ku bisebe vyiwe+.”
17 “Kubera iki mutaririye rya shikanwa ry’igicumuro ahantu heranda+, kandi ari ikintu ceranda rwose, akaba yakibahaye ngo mwishure ikosa ry’ikoraniro kugira mubatangire impongano imbere ya Yehova+?
9 “‘Bategerezwa kugumya ibwirizwa ryanje, kugira ngo igicumuro ntikibajeko, bigatuma bapfa+ ku bw’ico, kubera bariko barabihumanya. Ndi Yehova uwuriko arabeza.
18 Nuko Yehova abwira Aroni ati: “Wewe n’abahungu bawe n’inzu ya so iri kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku heranda+, kandi wewe n’abahungu bawe bari kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku buherezi bwanyu+.
11 Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+.
21 Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro+ ku bwacu, kugira ngo ducike ubugororotsi bw’Imana+ biciye kuri we.
28 ni ko na Kristu yashikanywe rimwe+ rizima kugira ngo yiremeke ibicumuro vya benshi+; kandi aho azobonekera+ irigira kabiri+ hazoba atari ku bw’igicumuro+, abonekere abamurindiranye igishika ku bw’ubukiriro bwabo+.
24 We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite ku giti+, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro+ hanyuma tubereho gukora ivy’ubugororotsi. Kandi “mwakijijwe biciye ku bisebe vyiwe+.”