ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 10:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Kubera iki mutaririye rya shikanwa ry’igicumuro ahantu heranda+, kandi ari ikintu ceranda rwose, akaba yakibahaye ngo mwishure ikosa ry’ikoraniro kugira mubatangire impongano imbere ya Yehova+?

  • Abalewi 22:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “‘Bategerezwa kugumya ibwirizwa ryanje, kugira ngo igicumuro ntikibajeko, bigatuma bapfa+ ku bw’ico, kubera bariko barabihumanya. Ndi Yehova uwuriko arabeza.

  • Guharura 18:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko Yehova abwira Aroni ati: “Wewe n’abahungu bawe n’inzu ya so iri kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku heranda+, kandi wewe n’abahungu bawe bari kumwe nawe muzokwishura ikosa rikozwe ku buherezi bwanyu+.

  • Yesaya 53:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+.

  • 2 Abakorinto 5:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro+ ku bwacu, kugira ngo ducike ubugororotsi bw’Imana+ biciye kuri we.

  • Abaheburayo 9:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 ni ko na Kristu yashikanywe rimwe+ rizima kugira ngo yiremeke ibicumuro vya benshi+; kandi aho azobonekera+ irigira kabiri+ hazoba atari ku bw’igicumuro+, abonekere abamurindiranye igishika ku bw’ubukiriro bwabo+.

  • 1 Petero 2:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite ku giti+, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro+ hanyuma tubereho gukora ivy’ubugororotsi. Kandi “mwakijijwe biciye ku bisebe vyiwe+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika