Kuvayo 24:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Maze Yehova abwira Musa ati: “Duga aho ndi ku musozi ugumeyo, kuko ngomba kuguha ibisate vy’amabuye n’itegeko n’ibwirizwa ntegerezwa kwandika vyo kubigisha+.” Kuvayo 32:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Inyuma y’ivyo Musa arahindukira, aramanuka ava ku musozi+ na vya bisate bibiri vy’Igishingantahe+ mu kuboko kwiwe, ibisate vyanditsweko ku mpande zompi. Vyari vyanditsweko imbere n’inyuma. Gusubira mu vyagezwe 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Hanyuma abamenyesha isezerano ryiwe+, iryo yabategetse gushitsa, ari yo ya Majambo Cumi+, inyuma y’ivyo ayandika ku bisate vy’amabuye bibiri+. Gusubira mu vyagezwe 9:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 “Inyuma y’ivyo ndahindukira, ndamanuka mva ku musozi, mu gihe nya musozi wariko uraka umuriro+. Kandi vya bisate vy’amabuye bibiri vy’isezerano vyari mu maboko yanje yompi+.
12 Maze Yehova abwira Musa ati: “Duga aho ndi ku musozi ugumeyo, kuko ngomba kuguha ibisate vy’amabuye n’itegeko n’ibwirizwa ntegerezwa kwandika vyo kubigisha+.”
15 Inyuma y’ivyo Musa arahindukira, aramanuka ava ku musozi+ na vya bisate bibiri vy’Igishingantahe+ mu kuboko kwiwe, ibisate vyanditsweko ku mpande zompi. Vyari vyanditsweko imbere n’inyuma.
13 Hanyuma abamenyesha isezerano ryiwe+, iryo yabategetse gushitsa, ari yo ya Majambo Cumi+, inyuma y’ivyo ayandika ku bisate vy’amabuye bibiri+.
15 “Inyuma y’ivyo ndahindukira, ndamanuka mva ku musozi, mu gihe nya musozi wariko uraka umuriro+. Kandi vya bisate vy’amabuye bibiri vy’isezerano vyari mu maboko yanje yompi+.