Kuvayo 25:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kandi uze ushire muri iyo Sandugu igishingantahe nzoguha+. Kuvayo 31:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Agiheza kuvugana na Musa ku musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vya ca Gishingantahe+, ibisate vy’amabuye vyanditsweko n’urutoke rw’Imana+. Kuvayo 34:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Aho Musa amanukiye ava ku musozi Sinayi, nya bisate bibiri vya ca Gishingantahe vyari mu kuboko kwiwe igihe yamanuka ava ku musozi+, kandi Musa ntiyari azi ko urukoba rwo mu maso hiwe rwarekura imishwarara kubera yari yavuganye n’Imana+. Guharura 17:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Maze Musa ashira izo nkoni imbere ya Yehova mw’ihema ry’Igishingantahe+.
18 Agiheza kuvugana na Musa ku musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vya ca Gishingantahe+, ibisate vy’amabuye vyanditsweko n’urutoke rw’Imana+.
29 Aho Musa amanukiye ava ku musozi Sinayi, nya bisate bibiri vya ca Gishingantahe vyari mu kuboko kwiwe igihe yamanuka ava ku musozi+, kandi Musa ntiyari azi ko urukoba rwo mu maso hiwe rwarekura imishwarara kubera yari yavuganye n’Imana+.