9 Maze ashira ku mutwe wiwe ca gitambara co mu mutwe+, ku ruhande rwaco rw’imbere ahashira ka kabate k’inzahabu gaca ibibatsi, ca kimenyetso ceranda c’iyegurwa+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
20 “Kuri uwo musi, ku nzogera z’ifarasi hazoba handitsweko+ ngo: ‘Ubweranda ni ubwa Yehova+!’ Kandi inkono z’iminwa minini+ zo mu nzu ya Yehova zizoba koko nk’amabakure+ ari imbere y’igicaniro+.