18 “Uze ugumye umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+. Uzorya udutsima tutarimwo umwambiro, nk’uko nagutegetse, imisi indwi ku gihe cashinzwe mu kwezi kwa Abibu+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho wavuye mu Misiri.
7 Mu kwezi kwa mbere+, ari kwo kwezi kwa Nisani*, mu mwaka ugira cumi na kabiri+ w’Umwami Ahasuwerusi, batera Puri+ ari bwo Bupfindo+, imbere ya Hamani ku musi ku musi, ku kwezi ku kwezi, gushika mu kw’icumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+.