Kuvayo 16:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kandi bene Isirayeli baguma bababwira ngo: “Iyo dupfuma twicwa+ n’ukuboko kwa Yehova mu gihugu ca Misiri tuciteretse za nkono z’inyama+, tucirira umukate tugahaga, kuko mwatuzanye muri aka gahinga kugira mwicishe ikigoyi iri shengero ryose+.” Kuvayo 17:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Abantu babandanya kunyoterwa amazi aho hantu, baguma bidodombera Musa ngo: “Kubera iki watuduganye ukadukura mu Misiri kugira ngo utwicishe inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu+?” Guharura 14:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nuko bene Isirayeli bose batangura kwidodombera Musa na Aroni+, kandi ikoraniro ryose ritangura kuvuga ribarwanya riti: “Ese iyo dupfuma dupfira mu gihugu ca Misiri, canke tugapfuma dupfira muri aka gahinga! Zaburi 106:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nayo ba sogokuruza bacu mu Misiri,Nta gutahura kwimbitse na gukeyi berekanye ku bijanye n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe+.Ntibibutse umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buhambaye+,Ahubwo baragararije ku kiyaga, kuri ca kiyaga Gitukura+.
3 Kandi bene Isirayeli baguma bababwira ngo: “Iyo dupfuma twicwa+ n’ukuboko kwa Yehova mu gihugu ca Misiri tuciteretse za nkono z’inyama+, tucirira umukate tugahaga, kuko mwatuzanye muri aka gahinga kugira mwicishe ikigoyi iri shengero ryose+.”
3 Abantu babandanya kunyoterwa amazi aho hantu, baguma bidodombera Musa ngo: “Kubera iki watuduganye ukadukura mu Misiri kugira ngo utwicishe inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu+?”
2 Nuko bene Isirayeli bose batangura kwidodombera Musa na Aroni+, kandi ikoraniro ryose ritangura kuvuga ribarwanya riti: “Ese iyo dupfuma dupfira mu gihugu ca Misiri, canke tugapfuma dupfira muri aka gahinga!
7 Nayo ba sogokuruza bacu mu Misiri,Nta gutahura kwimbitse na gukeyi berekanye ku bijanye n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe+.Ntibibutse umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buhambaye+,Ahubwo baragararije ku kiyaga, kuri ca kiyaga Gitukura+.