ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 21:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kandi abantu baguma bavuga nabi Imana+ na Musa+ ngo: “Kubera iki mwatuduganye mudukuye mu Misiri kugira dupfire mu gahinga+? Kuko ata mukate n’amazi bihari+, kandi dusigaye twarazinutswe uyu mukate ugayitse+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 8:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 uwakugaburiye manu+ mu gahinga, iyo ba so batari baramenye, kugira ngo agucishe bugufi+ no kugira ngo akugeze, akugirire neza mu misi yawe yo hanyuma+;

  • Yosuwa 5:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nuko manu* ireka kuboneka ku musi ukurikira, igihe bari bariye ku mwimbu w’ico gihugu; manu ntiyasubira kuboneka ku bwa bene Isirayeli+, maze batangura kurya ku mwimbu w’igihugu ca Kanani muri uwo mwaka+.

  • Yohani 6:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Ba sogokuruza bacu barariye manu*+ mu gahinga, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Yabahaye umukate uva mw’ijuru ngo barye+.’”

  • Yohani 6:58
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 58 Uwo ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Si nka ca gihe ba sogokuruza banyu barya yamara bagapfa. Uwurya uwo mukate azobaho ibihe vyose+.”

  • 1 Abakorinto 10:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 kandi bose bariye ibifungurwa vy’impwemu bimwe+,

  • Abaheburayo 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ico cari gifise icotezo+ c’inzahabu be n’isandugu y’isezerano+ ikuyengejeko inzahabu hose+, ikabamwo ikarabo ry’inzahabu ririmwo manu*+ na ya nkoni ya Aroni yanaga+ be na vya bisate+ vy’isezerano;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika