ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 18:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Hanyuma bacira imanza abantu igihe cose bibereye. Urubanza rugumye baruzanira Musa+, mugabo urubanza rwose rworoshe ubwabo bararutunganya bwa bacamanza.

  • Gusubira mu vyagezwe 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Ukwiye kwishiriraho abacamanza+ n’abarongozi+ mu marembo yawe yose Yehova Imana yawe agira aguhe hakurikijwe imiryango yawe, na bo bategerezwa gucira abantu urubanza rugororotse.

  • Gusubira mu vyagezwe 17:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Mu marembo yawe nihagira ikibazo co gufatirwa ingingo y’ubutungane kikubera akataraboneka birenze+, aho amaraso yasheshwe+, ahavyutse imburano+, canke hakaba hakozwe ivy’ubukazi, canke habaye amatati+, uze uhaguruke uduge ahantu Yehova Imana yawe azotora+,

  • Gusubira mu vyagezwe 22:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Abagabo b’inararibonye+ b’ico gisagara baze bafate nya mugabo bamutoze indero+.

  • 2 Ngoma 19:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ku vyerekeye urubanza rwose bene wanyu baba mu bisagara vyabo bazobatura, rwaba urujanye n’ugusesa amaraso+, urujanye n’itegeko+ n’ibwirizwa+ n’ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+, muze mubagabishe kugira ntibacumure kuri Yehova bikaba ngombwa ko mwe na bene wanyu murakarirwa+. Ukwo ni ko muzokora kugira ntimwikwegere ukwagirwa n’icaha.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika